ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/10 rup. 9
  • Urashobora gutahukana intsinzi!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora gutahukana intsinzi!
  • Be maso!—2010
  • Ivyo bijanye
  • Nkwiye kumenya iki ku bijanye n’ukunywa itabi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Niwitegurire gutsinda intambamyi
    Be maso!—2010
  • Nukomeze umwiyemezo wawe
    Be maso!—2010
  • Imana ibona gute itabi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Be maso!—2010
g 7/10 rup. 9

Urashobora gutahukana intsinzi!

HARAGEZE ko ‘ukovya ugakora.’ (1 Ngoma 28:10) Ni intambwe za nyuma izihe ushobora gutera kugira ngo birushirize gushoboka ko utahukana intsinzi?

Niwishingire igenekerezo. Urwego rwo muri Leta Zunze Ubumwe rujejwe amagara y’abantu no kubafasha ruhanura yuko igihe uba umaze gufata ingingo yo guheba itabi, ukwiye gushinga umusi uzoriheberako, uno ukaba udakwiye kuba inyuma y’ikiringo c’indwi zibiri. Muri ubwo buryo umwiyemezo wawe uzoguma ukomeye. Nushire akamenyetso kuri uwo musi ku kirangamisi cawe, uwubwire abagenzi bawe, kandi wumire kuri iryo genekerezo naho nyene uko ivyawe vyifashe vyohinduka.

Nutegure akantu kanditseko ibintu bizogufasha kuriheba. Koshobora kuba kariko amakuru akurikira, hamwe n’ikindi kintu ico ari co cose coshobora gukomeza umwiyemezo wawe:

● Imvo zituma urondera guheba itabi

● Inomero za telefone z’abantu woterefona igihe wumva ko icipfuzo co kunywa itabi kigira kigutsinde

● Ivyiyumviro bizogufasha gushitsa umugambi wawe, kumbure harimwo imirongo yo muri Bibiliya nk’Abagalatiya 5:22, 23

Niwame witwaza ako kantu, kandi ugasome kenshi ku musi. Mbere n’igihe uzoba umaze guheba itabi, urabandanya kugasoma igihe cose uzoba wumva ko ufise icipfuzo co kunywa itabi.

Nutangure guheba akamenyero ko kunywa itabi igihe uriko urakora ibintu binaka. Imbere y’uko rya genekerezo wishingiye ryo guheba itabi rigera, nutangure guheba utumenyero utwo ari two twose wari ufise two kunywa itabi igihe uriko urakora ikintu kinaka. Nk’akarorero, nimba wama unywa itabi ukivyuka mu gitondo, nureke hace nk’isaha imbere yo kurinywa. Nimba urinywa igihe uriko urafungura canke ugiheza gufungura, nuhebe ako kamenyero. Niwirinde ibibanza abantu banyweramwo itabi. Niwimenyereze uri wenyene kuvuga n’ijwi ryumvikana uti: “Oya urakoze. Narahevye kunywa itabi.” Kugira ibintu nk’ivyo ntibizogufasha gusa kwitegurira wa musi washinga wo guheba itabi. Bizokwibutsa kandi yuko vuba ugiye kuba uwahoze anywa itabi.

Niwitegurire kuriheba. Uko rya genekerezo wishingiye ryo guheba itabi ryegereza, nutegekanye ibintu uzoza urahekenya igihe wumva urishatse, ivyo na vyo bikaba ari nk’amakaroti, ibazoka, ivyema n’ibindi n’ibindi. Niwibutse abagenzi bawe n’umuryango wawe rya genekerezo wishingiye ryo guheba itabi be n’ukuntu bashobora kugushigikira. Imbere gato y’uko uwo musi ugera, nute mwene twa tuntu bashiramwo umunyota w’itabi, ibibiriti vy’itabi, be n’ibindi bintu ivyo ari vyo vyose vyohava bikubera umutego, nk’itabi riba riri iruhande y’inzu yawe, mu muduga wawe canke mu mipfuko yawe, kibure iriba riri aho ukorera. Ata gukeka, gusaba umugenzi itabi canke kugura ipaki yaryo biragoye kuruta kuja kuritora aho wahora uribika! Vyongeye, nugume usenga Imana uyisaba ngo igushigikire, ivyo urushirize kubigira uhejeje kunywa itabi ryawe rya nyuma.—Luka 11:13.

Abantu badaharurika baravavanuye n’uwahoze ari umugenzi wabo mubi kandi w’inkozi y’ikibi, ni ukuvuga itabi. Na wewe urashobora kubigira. Uzogira amagara meza wongere urushirize kwiyumvamwo ko ufise umwidegemvyo.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 9]

Niwame witwaza akantu kanditseko ibintu bizogufasha guheba itabi, kandi ugasome kenshi ku musi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika