ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/10 rup. 21-31
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
  • Be maso!—2010
  • Udutwe
  • Ni nde yakora iki gikorwa?
  • UZI IKI KU VYEREKEYE INTUMWA ANDEREYA?
  • IBIRI MURI IYI NOMERO
  • INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 31
Be maso!—2010
g 10/10 rup. 21-31

Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe

Ni nde yakora iki gikorwa?

1. Ni abarovyi babiri abahe bari bene Zebedayo bakongera bakaba intumwa za Yezu? Ni mwandike inyishu zanyu ku murongo uri aha hepfo.

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Matayo 4:21, 22.

․․․․․

2. Izindi ntumwa zibiri zakora igikorwa co kuroba zitwa ngw’iki?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Matayo 4:18.

․․․․․

IVYO KUGANIRAKO:

Ni kubera iki Yezu yavuze yuko abigishwa biwe bobaye “abarovyi b’abantu”? (Matayo 4:19) Wiyumvira yuko abarovyi b’amafi be n’abarovyi b’abantu bahuriye ku biki kandi batandukaniye ku biki?

UZI IKI KU VYEREKEYE INTUMWA ANDEREYA?

3. Imbere y’uko Andereya akurikira Yezu, yari umwigishwa wa nde?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Mariko 1:4; Yohani 1:35-40.

․․․․․

4. Ni nde Andereya yabwiye ivyerekeye Yezu, kandi havuyemwo iki?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Yohani 1:40-42.

․․․․․

IVYO KUGANIRAKO:

Ni kubera iki ari vyiza kubwira incuti zawe ivyo uzi ku vyerekeye Yezu? Mugabo incuti zawe zimwezimwe zoshobora kuvyakira gute?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Matayo 10:32-37.

IBIRI MURI IYI NOMERO

Nimwishure ibi bibazo, mwongere mutange umurongo canke imirongo yo muri Bibiliya ibuze.

URUPAPURO 4 Umusi umwumwe wose ufise iki? Matayo 6:________

URUPAPURO 9 Data wa twese wo mw’ijuru adusezeranira ko atazogenda agize iki? Abaheburayo 13:________

URUPAPURO 12 Ni igiki cashikiye ba bamarayika bacumura? Yuda:________

URUPAPURO 24 Ni ibiki birimwo agahimbare kuruta? Ivyakozwe 20:________

URUPAPURO 26 “Kuvyura ishavu” bizana iki? Imigani 30:________

● Inyishu ziri ku rupapuro rwa 21

INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 31

1. Yakobo na Yohani.

2. Petero na Andereya.

3. Yohani Umubatizi.

4. Mwene wabo Petero, uno akaba yabaye umwigishwa wa Yezu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika