ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 7
  • Ica 4—Nukingire amagara yawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ica 4—Nukingire amagara yawe
  • Be maso!—2011
  • Ivyo bijanye
  • Wokwikingira gute?
    Be maso!—2016
  • Ivyo wokora ngo ugire amagara meza
    Be maso!—2015
  • Yehova ashaka ko tuba abadahumanye
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Imana ikunda abantu badahumanye
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 7

Ica 4​—Nukingire amagara yawe

“Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.”—Imigani 22:3. Gukora ibintu bisanzwe kugira ngo wikingire birashobora kugufasha kwirinda indwara nyinshi n’umubabaro, bikanakurinda gutakaza umwanya n’amahera.

◯ Nugume usukuye. Ikigo co muri Leta Zunze Ubumwe kijejwe ivyo gucungera indwara no kuzikinga kivuga giti: “Gukaraba iminwe ni co kintu kimwe rudende kandi gihambaye kuruta ibindi vyose wogira kugira ngo wirinde gukwiragiza indwara wongere ugume ufise amagara meza.” Bivugwa yuko ibice 80 kw’ijana vy’indwara abantu barwara bazandura biciye ku minwe yanduye. Nukarabe rero iminwe kenshi ku musi. Nubigire na canecane imbere y’uko ufungura, utegura ibifungurwa canke imbere y’uko upfuka igikomere canke mbere ugikorako, wongere ubugire uhejeje gukora ku gikoko, uvuye mu kazu ka surwumwe canke uhejeje guhindurira umwana.

Gukaraba n’isabuni hamwe n’amazi birarushiriza kuba ngirakamaro kuruta gukoresha bene wa muti wo kwoza iminwe wica imikorobi. Abana bararushiriza kugira amagara meza igihe abavyeyi babamenyereje gukaraba iminwe no kutikora ku munwa be no ku maso. Kwiyuhagira buri musi no kugumiza impuzu zawe be n’ibisaswa bisukuye na vyo nyene biratuma urushiriza kugira amagara meza.

◯ Niwirinde indwara zandukira. Niwirinde kwegera canke gusangira ibikoresho vyo ku meza n’umuntu uwo ari we wese arwaye akamangu canke ibicurane. Amate yabo be n’ibiseru birashobora gutuma wandura iyo ndwara. Indwara zandukira biciye mu maraso, nk’indwara z’igitigu hépatite B na C hamwe n’umugera wa SIDA, vyandukira ahanini biciye ku guhuza ibitsina, ku gucisha ibiyayuramutwe mu mitsi ukoresheje urushinge be no ku guterwa amaraso. Urucanco rurashobora gukingira indwara zimwezimwe zandukira, mugabo umuntu w’inkerebutsi ategerezwa gufata ingingo zikenewe igihe ari kumwe n’umuntu arwaye indwara yandukira. Niwirinde udukoko turyana. Ntiwicare hanze canke ngo usinzirireho utipfutse igihe hari imibu canke utundi dukoko twanduza indwara. Nukoreshe umusegetera, na canecane uwuryamikemwo abana wongere ukoreshe imiti yo gupompa yirukana udukoko.a

◯ Nugume usukura aho uba. Nugire utundi twigoro twose dukenewe kugira ngo inzu yawe igume irimwo urutonde kandi isukuye imbere n’inyuma. Nukureho ibintu vyose vyoshobora gutuma amazi atega maze imibu ikayavyariramwo. Umwavu wandagaye, ibifungurwa be n’ibintu batamwo umucafu bidapfundikiye birakwega udukoko dushobora kuzana imikorobi maze tugateza indwara. Nimba ata musarani w’ikizungu uhari, niwubake akazu ka surwumwe gasanzwe aho kuja kwituma ku gahinga. Nupfuke ikinogo c’ako kazu kugira ngo insazi ntizinjiremwo, zino zikaba ziteza bene ya ndwara y’amaso yandukira be n’izindi ndwara.

◯ Niwirinde kwikomeretsa. Nukurikize amategeko ajanye no kwikingira impanuka igihe uriko urakora, uriko uratwara ikinga canke ipikipiki kibure igihe uriko uratwara umuduga. Nurabe neza ko umuduga wawe ata ngorane ufise. Nukoreshe ibintu be n’ivyambarwa vyo kwikingira bibereye, nk’amarori yo kwikingira, bene ca gikofero kigumye, ibirato, na ya misipi abari mu muduga bambara hamwe na twa tuntu two kwikingira bashira mu matwi. Niwirinde kuguma ku zuba rikaze, rino rikaba ritera indwara ya kanseri rikongera rigatuma urukoba rusaza hataragera. Nimba unywa itabi, nurihebe. Urihevye ubu, bizotuma ugabanya cane ivyotuma uhakwa kurwara umutima, kanseri yo mu mahaha be n’indwara yonona ubwonko.b

[Utujambo tw’epfo]

a Raba urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Udukoko dukwiragiza indwara,” ruri muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Rusama 2003.

b Raba urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Ingene umuntu yoheba kunywa itabi” ruri muri Be maso! yo muri Mukakaro–Nyakanga 2010.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika