ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/11 rup. 24-25
  • Intumbero y’umuvyeyi ni iyihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intumbero y’umuvyeyi ni iyihe?
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma kugerageza gucungera cane umwana w’umuyabaga ata co bishikako
  • Numwigishe ubuhanga ngirakamaro
  • Ubuyabaga—Kwitegurira kuba umuntu ageze mu bigero
    Be maso!—2011
  • Igihe umwana wawe w’umuyabaga agize amakenga ku vyo wemera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Guseruranira akari ku mutima n’abana b’imiyabaga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Inyongera ibibazo abavyeyi bibaza
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Be maso!—2011
g 10/11 rup. 24-25

Twisunze Bibiliya

Intumbero y’umuvyeyi ni iyihe?

WEWE woshima ko umwana wawe w’umuyabaga azomera gute?

A. Uwumeze neza na neza nkawe.

B. Umugarariji mutigera muhuza.

C. Umuntu akuze yitaho ibintu afata ingingo ziranga ubukerebutsi.

Hari abavyeyi usanga bahitamwo ico kigira gatatu, ariko ugasanga bariko bahatira umwana wabo w’umuyabaga kuzomera neza na neza nka bo. Usanga bagerageza kumuhatira kubaho yisunga ivyo bo babona ko bihambaye, nko mu kumubwira umwuga yohitamwo. Uti none ivyo bivamwo iki? Akimara kwidegemvya ku rugero runaka, aca akora ibihushanye n’ivyo. Igitangaje ni uko abavyeyi benshi baba bipfuza ko abana babo bazomera neza na neza nka bo, amaherezo basanga bacitse abagarariji.

Igituma kugerageza gucungera cane umwana w’umuyabaga ata co bishikako

Uripfuza ko umwana wawe w’umuyabaga azoba umuntu akuze yitaho ibintu afata ingingo ziranga ubukerebutsi. None ivyo wobishikako gute? Ikizwi coco ni uko kumucungera cane atari wo muti. Rimbura izi mvo zibiri.

1. Ivyanditswe ntibibishigikira. Yehova Imana yaremanye abantu ubushobozi bwo kwihitiramwo. Arareka abantu bakihitiramwo ingendo y’ubuzima bokurikira, yaba ari nziza canke mbi. Nk’akarorero, igihe Kayini yagirira ishavu mwenewabo Abeli arondera kumwica, Yehova yamubwiye ati: “Niwahindukira ugakora iciza, ntuzoshirwa hejuru? Mugabo nutahindukira ngo ukore iciza, hari igicumuro kibunze ku bwinjiriro, kandi ni wewe gihahamiye; mbega wewe uzokirusha inguvu?”​—⁠Itanguriro 4:7.

Urabona ko igihe Yehova yaha Kayini iyo mpanuro itomoye, atamusavye kuyikurikiza ku nguvu. Kayini yabwirizwa guhitamwo gucungera ishavu ryiwe canke kutaricungera. None ivyo bitwigisha iki? Niba Yehova atagerageza gucungera cane ibiremwa vyiwe mu kantu kose kugira ngo bimugamburukire, uca ubona rero ko nawe udakwiye kugerageza kubigirira abana bawe b’imiyabaga.a

2. Akenshi bivamwo ingaruka mbi. Dufate ko hari umudandaza ariko araguhata ngo umushorere. Uko agerageza kuguhata, ni ko nawe uguma unana. Naho woba ufise agatima ko kumushorera, woshobora guca ubiheba kubera ukwo kuntu yavyifashemwo. Mbere uca urondera kumuva iruhande.

Ikintu nk’ico kirashobora gushika igihe ugerageje guhatira umwana wawe w’umuyabaga kubaho yisunga ivyo ubona ko bihambaye, ivyo wemera, be n’imigambi ufise. None wibaza ko azogushorera, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo? Si ngombwa! Ubigenjeje gutyo woshobora gusanga ico wari witeze atari co kibaye, ugatuma umwana wawe w’umuyabaga atsimbataza agatima kwo kwamirira kure ingingo ngenderwako wisunga. Iyo abavyeyi bagerageje gucungera cane abana b’imiyabaga, akenshi ivyo nta co bishikako. Ni igiki none wokora?

Aho kugerageza gucungera umwana wawe w’umuyabaga mu kantu kose mu kumuhatira kubaho yisunga ivyo wewe ubona ko bihambaye nk’uko ushobora kuba warabigira igihe yari akiri muto, numufashe kubona ko gukora ibigororotse biranga ubukerebutsi. Nk’akarorero, niba uri umukirisu, numwereke ingene kubaho yisunga ingingo ngenderwako z’Imana bizotuma arushiriza guhimbarwa mu buzima bwiwe bwose.​—⁠Yesaya 48:​17, 18.

Ivyo nubigire mu mvugo no mu ngiro. Numere nk’uko wipfuza ko umwana wawe w’umuyabaga yomera. (1 Abakorinto 11:1) Numwereke neza ingingo ngenderwako wisunga mu buzima. (Imigani 4:​11) Umwana wawe w’umuyabaga niyarushiriza gukunda Imana n’ingingo ngenderwako zayo, azogira amahitamwo aranga ubukerebutsi, n’igihe nyene mutazoba muri kumwe.​—⁠Zaburi 119:​97; Abafilipi 2:12.

Numwigishe ubuhanga ngirakamaro

Nk’uko twabibonye ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru, uwo mwana wawe niyagera mu bigero, kumbure atari kera cane, hazogera igihe ‘asige se na nyina.’ (Itanguriro 2:​24) Muvyeyi, urakwiye kwiyemeza neza ko umwana wawe afise ubuhanga akeneye buzotuma ashobora kwibeshaho ari umuntu akuze yishira akizana. Reka turabe bumwebumwe muri ubwo buhanga womufasha gutsimbataza magingo akiri i muhira.

Ubuhanga mu bikorwa vy’i muhira. Umwana wawe w’umuyabaga yoba azi guteka? kumesura impuzu no kuzigorora? gusukura icumba ciwe no kubika ibintu ku rutonde? gukora utuntu tumwetumwe twapfuye ku modoka? Kugira mwene ubwo buhanga bizofasha umuhungu canke umukobwa wawe kwitwararika urugo rwiwe umusi uri izina. Intumwa Paulo yavuze ati: “Mwebwe ubwanyu murazi yuko aya maboko yandonkeje ivyo nkenera.”​—⁠Ivyakozwe 20:34.

Ubuhanga mu vyo kubana n’abandi. (Yakobo 3:​17) Umwana wawe w’umuyabaga yoba ahuza n’abandi? Yoba ashobora kwikiranura n’abandi abigiranye umutima mwiza kandi atekanye? Yoba yarize gufatana abantu icubahiro no gutunganya ingorane mu mahoro? (Abanyefeso 4:​29, 31, 32) Bibiliya ivuga iti: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.”​—⁠1 Petero 2:17.

Ubuhanga mu vyo gukoresha neza amahera. (Luka 14:​28) Woba ushobora gufasha umwana wawe w’umuyabaga kwiga umwuga, gutegekanya amahera azokoresha, be n’ukwirinda amadeni? Woba waramwigishije kuziganya amahera yo kugura ibintu bikenewe no kwirinda gupfa kugura ico abonye cose be no kubumbwa n’ibintu vya nkenerwa mu buzima? (Imigani 22:7) Paulo yanditse ati: “Iyo . . . dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.”​—⁠1 Timoteyo 6:8.

Abana b’imiyabaga biga kubaho bisunga ingingo ngenderwako zigororotse kandi bakaba baratsimbataje ubuhanga ngirakamaro, usanga mu vy’ukuri bavyifatamwo neza igihe bageze mu bigero. Abavyeyi baba bashitse ku ntumbero yabo!​—⁠Imigani 23:⁠24.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya vyinshi, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2011, ku rupapuro rwa 18-19.

WOBA UMAZE KUVYIBAZA?

● Ni intumbero iyihe jewe umuvyeyi mfise?​—⁠Abaheburayo 5:14.

● Ni ibanga irihe umwana wanje w’umuyabaga azoba afise niyagera mu bigero?​—⁠Yosuwa 24:15.

[Amafoto ku rup. 25]

Wewe woshima ko umwana wawe w’umuyabaga azomera gute?

Uwumeze neza na neza nkawe . . .

Umugarariji . . .

Umuntu akuze yitaho ibintu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika