Twisunze Bibiliya
Hoba hari imvo zumvikana zo kuryamana n’uwo musangiye igitsina?
MU BIHUGU vyinshi, ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina bitera birushiriza kwemerwa. Hari umugwi wo mw’idini rimwe ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika uriko urasaba ko ivyo Bibiliya ivuga ku vy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina vyosubira gusigurwa ukundi hisunzwe “ubwenge bwa kino gihe.” Hari umupasitori wo muri Brezile aherutse kwubakana n’uwo basangiye igitsina na we nyene yaremesheje ivyo “gusubira kwihweza Bibiliya bushasha,” kugira ngo ahuze n’ukuntu abo mw’idini ryiwe basigaye babona ibintu.
Ku rundi ruhande, abadashigikira ukuryamana kw’abasangiye igitsina bakunze guca bitwa ko baterekwa abaryamana n’abo basangiye igitsina canke ko babinuba. None mu vy’ukuri Bibiliya ibivugako iki?
Bibiliya ibivugako iki?
Bibiliya ntiremesha kwinuba abandi bantu. Ariko ukuntu ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina kuratomoye.
“Ntuze uryamane n’umugabo nk’uko uryamana n’umugore. Ni ikintu giteye ishishi.”—Abalewi 18:22.
Iryo bwirizwa ryo muri rya Tegeko rya Musa ryari rimwe mu mategeko menshi agenga inyifato runtu yahawe neza na neza ihanga rya Isirayeli. Naho ryahawe Isirayeli, rirerekana neza ukuntu Imana ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina, baba Abayuda canke abatari Abayuda, mu kuvuga riti: “Ni ikintu giteye ishishi.” Amahanga yari akikuje Isirayeli yarakora ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina, ukugoka, ukurenga ibigo be n’ibindi bintu rya Tegeko ryabuza. Ni co gituma Imana yabona ko ayo mahanga ahumanye. (Abalewi 18:24, 25) None ukuntu Bibiliya yabibona kwoba kwarahindutse mu gihe c’ubukirisu? Raba icanditswe gikurikira:
“Imana yabahebeye inambu z’umubiri z’agaterasoni, kuko abagore babo bahinduye uko imibiri yabo isanzwe ikoreshwa igasigara ikoreshwa ibidakorwa; kandi n’abagabo nyene baretse uko umubiri w’umugore usanzwe ukoreshwa, barurumba bimwe bikaze mu nambu ikomeye bagiriranira, abagabo ku bagabo, bagakora ibiteye isoni.”—Abaroma 1:26, 27.
Kubera iki Bibiliya ivuga ko ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina ari ibidakorwa be n’ibiteye isoni? Kubera ko bidahuye n’ukuntu Umuremyi wacu yari yateguye ko abantu bohuza ibitsina. Ukuryamana kw’abasangiye igitsina ntigushobora kuvamwo umwana. Bibiliya ikugereranya n’ukuntu abamarayika b’abagarariji, bamwe bahavuye bitwa amadayimoni, baryamanye n’abagore imbere ya wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa. (Itanguriro 6:4; 19:4, 5; Yuda 6, 7) Ivyo vyompi Bibiliya ivuga ko ari ibidakorwa.
Hoba hari imvo zumvikana zotuma umuntu aryamana n’uwo basangiye igitsina?
Hari abokwibaza bati: ‘None kamere mvukanwa y’umuntu, aho aba canke ibintu bibabaje vyamushikiye, nk’ugukorerwa amabi mu vy’igitsina, ntizoba ari imvo zumvikana zotuma ahaza ivyipfuzo afise vy’ukuryamana n’uwo basangiye igitsina?’ Habe namba. Reka dufate akarorero: Umuntu arashobora kuba afise ico abahinga bamwebamwe bita ngo ni impengamiro mvukanwa yo kunywa inzoga zirenze urugero, canke akaba yakuriye mu muryango warangwamwo ukunywa inzoga zirenze urugero. Nta gukeka ko abantu benshi botahura umuntu nk’uwo. Naho ari ukwo, nta womuremesha kubandanya anywa inzoga zirenze urugero canke kureka kurwana urugamba rwo guheba iyo ngeso ngo ni uko ari ko yavutse canke ngo ni uko yakuriye ahantu banywa izirenze urugero.
Muri ubwo buryo nyene, naho Bibiliya itiyamiriza abafise impengamiro z’ukuryamana n’abo basangiye igitsina, ntishigikira na gato ukworohera izo mpengamiro, zaba ziva kuri kamere mvukanwa canke ku bindi bintu. (Abaroma 7:21-25; 1 Abakorinto 9:27) Ahubwo, Bibiliya iratanga imfashanyo n’indemesho vy’ingirakamaro bifasha abantu gutsinda ingeso y’ukuryamana n’abo basangiye igitsina.
Imana igomba iki ku bafise ivyipfuzo vyo kuryamana n’abo basangiye igitsina?
Bibiliya idukura amazinda yuko Imana igomba ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Naho Bibiliya yiyamiriza ukuryamana kw’abasangiye igitsina, ntiremesha abantu kwanka ababigira.
Ntidukwiye kujoborora ukuntu Imana ibona ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina. Mu 1 Abakorinto 6:9, 10, Bibiliya iratomora neza yuko “abagabo baryamana n’abagabo” bari mu bantu “ba[ta]zotorana ubwami bw’Imana.” Mugabo umurongo wa 11 uca wongerako iki ciyumviro gihumuriza kigira giti: “Yamara ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze. Mugabo mwarogejwe, mugabo mwarejejwe, mugabo mwariswe abagororotsi mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu no ku mpwemu y’Imana yacu.”
Biribonekeza ko mu kinjana ca mbere ababa bipfuza ata buryarya gusenga Imana nk’uko ibisaba bakirizwa yompi mw’ishengero rya gikirisu. Ni ko biri no muri iki gihe ku bantu bose b’umutima nziraburyarya barondera gushimwa n’Imana mu kubaho bahuza na yo aho gusubira gusigura ukundi Bibiliya.
WOBA UMAZE KUVYIBAZA?
● Bibiliya ibona gute ukuryamana kw’abasangiye igitsina? —Abaroma 1:26, 27.
● Bibiliya yoba yinuba abafise ivyipfuzo vyo kuryamana n’abo basangiye igitsina?—1 Timoteyo 2:4.
● Vyoba bishoboka ko umuntu yirinda kuryamana n’abo basangiye igitsina? —1 Abakorinto 6:9-11.
[Ifoto ku rup. 29]
Uko Imana ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina kwoba gukwiye gusubira gusigurwa ukundi?