Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 3
“Twabonye Mesiya”
Uru rukurikirane rw’ibiganiro umunani vyo muri “Be maso!” rurihweza umuce uhambaye wa Bibiliya, ni ukuvuga ubuhanuzi bwo muri yo canke ivyo yari yaravuze ko bizoba. Ibi biganiro bizokuronsa inyishu z’ibi bibazo: Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwoba ari ibintu gusa abantu b’incabwenge biremaremeye? Hoba hari icotuma twemera ko bwahumetswe n’Imana? Niwirabire ibimenyamenya.
HAGISIGAYE ibinjana vyinshi ngo Yezu avuke, abahanuzi b’Abaheburayo bari baravuze ibijanye n’ukuza kwa Mesiya, mu giheburayo iryo zina rikaba risobanura ngo “Uwarobanujwe amavuta.” Abo bahanuzi baratanze amakuru y’ido n’ido yerekeye ubuzima Mesiya yogize, ushizemwo amamuko yiwe, aho yovukiye, igihe yoshikiyeko hamwe n’ivyomushikiye.
Abakirisu bo mu kinjana ca mbere G.C. (G.C. bisobanura mu “Gihe Cacu”) baremera ko ubwo buhanuzi bwarangukiye kuri Yezu. Babona ibintu nk’umwigishwa Andereya, uwabwiye mwene wabo Simoni ati: “Twabonye Mesiya.” (Yohani 1:40, 41) Ico ciyumviro coba cari co? Reka twihweze bune gusa mu buhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya, maze turimbure ivyemeza ko bumwebumwe bwose ari ubw’ukuri.
Ubuhanuzi bwa 1: “[Azokwicara] ku ntebe y’ubwami ya Dawidi.”—Yesaya 9:7.
Iranguka: Injili ya Matayo itangurwa n’amajambo agira ati: “Igitabu c’amamuko ya Yezu Kristu, mwene Dawidi, mwene Aburahamu.” Matayo rero arerekana ko Yezu akomoka kuri Dawidi, nk’uko na Luka avyerekana mu Njili yanditse.—Matayo 1:1-16; Luka 3:23-38.
Ivyo kahise kerekana:
● Ivyanditswe n’umutohozakahise w’Umuyuda Josèphe birerekana ko inyandiko zidondora imiryango Abayuda bakomokamwo zariho mu bushinguro bw’ivya kera. Izo nyandiko zaraturiwe mu mwaka wa 70 G.C. igihe Yeruzalemu yasenyurwa. Ariko rero imbere y’aho, vyari bizwi hose ko Yezu yakomoka kuri Dawidi. (Matayo 9:27; 20:30; 21:9) Iyo bitaba ari vyo, ntihari kubura ababibeshuza canke mbere bakabihakana. Yamara rero nta nyandiko n’imwe ihari yerekana ko hari uwagerageje kubigira.
Ubuhanuzi bwa 2: “Ewe Betelehemu Efurata, wewe mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu bihumbi vya Yuda, muri wewe hazomviramwo uwuzoba umutware muri Isirayeli.”—Mika 5:2.
Iranguka: Yezu yavukiye i Betelehemu. Igihe Sezari Ogusito yategeka ko abantu bisansumisha, Yozefu se murezi wa Yezu yabwirijwe kuva i Nazareti aja “i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yari uwo mu nzu ya Dawidi no mu muryango wiwe, kugira yandikanwe na Mariya.” Bari ng’aho, Mariya yaciye “yibaruka umwana wiwe w’umuhungu,” ari we Yezu.—Luka 2:1-7.
Ivyo kahise kerekana:
● Ivyacukuwe biremeza ko Abaroma bagirisha za rusansuma mu karere k’ibihugu vy’Abarabu ku mvo z’ugutoza amakori n’ukwandika abaja mu gisoda. Ikimenyamenya ca rusansuma mwene urwo kirabonekera mw’itegeko ryatanzwe na buramatari w’Umuroma yatwara Misiri mu mwaka wa 104 G.C. Ikopi y’iryo tegeko, iyishinguwe muri kino gihe mu bubiko bw’ibitabu bwo mu Bwongereza, ivuga iti: “Kubera yuko igihe co kugira rusansuma rw’inzu ku nzu kigeze, birakenewe ko dutegeka abantu bose bataba mu ntara bakomokamwo bivuye ku mpamvu iyo ari yo yose, bagasubira iwabo kugira ngo bashobore kwubahiriza urutonde rusansuma yama ikurikiza, bongere barime amatongo yabo babigiranye umwete.”
● Igihe Yezu yavuka, muri Isirayeli hari ibisagara bibiri vyitwa Betelehemu. Kimwe cari mu buraruko hafi ya Nazareti. Ikindi na co cari mu Buyuda hafi ya Yeruzalemu, bikaba biboneka ko cahoze citwa Efurata. (Itanguriro 35:19) Yezu yavukiye muri ico ca kabiri, nk’uko nyene Mika yari yarabivuze hagisigaye ibinjana umunani.
Ubuhanuzi bwa 3: “Kuva igihe hazosohorwa ijambo ryo gusubizaho Yeruzalemu no gusubira kuyubaka, gushika kuri Mesiya Indongozi, hazoba amayinga indwi, habe n’amayinga mirongo itandatu n’abiri.”—Daniyeli 9:25.
Iranguka: Ico kiringo kivugwa mu buhanuzi bwa Daniyeli kingana n’amayinga 69 y’imyaka indwindwi, ni ukuvuga imyaka 483. Yeruzalemu yatanguye gusubira kwubakwa mu 455 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “Imbere y’igihe cacu”). Nk’uko vyari vyaravuzwe, inyuma y’imyaka 483 (amayinga 69 y’imyaka), ni ukuvuga mu 29 G.C., Yezu yarabaye Mesiya igihe yabatizwa akarobanuzwa impwemu nyeranda y’Imana.a—Luka 3:21, 22.
Ivyo kahise kerekana:
● Mu ntango y’ikinjana ca mbere G.C., “abantu bari biteze” ko Mesiya ashika. (Luka 3:15) Mu gitabu ciwe (A History of Messianic Speculation in Israel) incabwenge y’Umuyuda yitwa Abba Hillel Silver avuga ko imbere y’uko Yeruzalemu isenyurwa “abantu benshi bari biteze ko Mesiya agira ashike.” Avuga kandi ko abantu bari biteganye umushasharo yuko “Mesiya ashika inyuma y’umwaka wa 25 w’ikinjana ca mbere.” Silver yandika ko uwo mushasharo w’Abayuda wari ushingiye ku “kuntu benshi baharura ibihe muri iyo misi.”
Ubuhanuzi bwa 4: “Azomuha ikibanza ciwe co guhambwamwo kumwe n’ababisha, kumwe n’abatunzi mu rupfu rwiwe.”—Yesaya 53:9.
Iranguka: Yezu yiciwe hamwe n’inkozi z’ikibi zibiri, ariko yahambwe mu mva yimbwe mw’ibuye yatanzwe n’umutunzi yamwizera, ari we Yozefu w’i Arimateya.—Matayo 27:38, 57-60; Yohani 19:38.
Ivyo kahise kerekana:
● Abanditsi ba kera benshi batari n’abakirisu, nk’umutohozakahise w’Umuyuda Josèphe be n’Umuroma Tasito, baremeza ko Yezu yishwe nk’inkozi y’ikibi.
● Ivyacukuwe muri Palestina vyarerekanye ko hariho imva za kera zigizwe n’ivyumba vyimbwe mu bitandara. Ku muntu w’umutunzi kandi yubahwa nka Yozefu w’i Arimateya, vyari ibisanzwe ko aba afise imva nk’iyo isanzwe iteguye.
Ubwo buhanuzi duhejeje kuvuga ni bukeya gusa muri bwinshi bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu. Biratomoye rero ko ata n’umwe yoshoboye guhakana iranguka ry’ubwo buhanuzi buvuga ibintu ido n’ido. Kubona bwararangutse ata gahaze biratuma turushiriza kwizera ko bwavuye ku Mana be n’uko izoshitsa imihezagiro yose yasezeraniye abantu bayigamburukira.
Mu kiganiro gikurikira co muri uru rukurikirane, tuzorimbura iki kibazo c’inkoramutima: Nimba vy’ukuri Yezu yari we Mesiya yasezeranywe, kubera iki yemeye akababazwa kandi agapfa?
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ayandi makuru ajanye n’ubwo buhanuzi bwerekena igihe Mesiya yobonekeyeko, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? ku rupapuro rwa 197-199, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Igicapo/Amafoto ku rup. 10, 11]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico kinyamakuru)
UBUHANUZI BUNE BWEREKEYE MESIYA
1 Mesiya yokomotse ku Mwami Dawidi
1070 B.G.C.
Dawidi aba umwami wa Isirayeli yose
607 B.G.C.
Yeruzalemu isangangurwa n’Abanyababiloni
455 B.G.C.
Hatangwa itegeko ryo kuvyura no gusubira kwubaka Yeruzalemu
2 Mesiya yovukiye i Betelehemu ha Yuda
2 B.G.C.
Yezu avukira i Betelehemu ha Yuda mu muryango wa Dawidi
3 Mesiya yoshitse haciye imyaka 483 hatanzwe itegeko ryo gusubira kwubaka Yeruzalemu
29 G.C.
Yezu arabatizwa, akarobanurwa akaba Mesiya
4 Mesiya yokwiciwe hamwe n’abacumuzi maze agahambwa hamwe n’abatunzi
33 G.C.
Yezu yicirwa hamwe n’inkozi z’ikibi maze agahambwa hamwe n’abatunzi