Umuhero w’isi hari aho woba utameze nk’uko uwiyumvira
IVYO bintu bijanye n’umuhero duhejeje kubona, uretse ko vyerekana ko kizoba ari igihe giteye ubwoba, birafise ibintu bitatu bihuriyeko. Ica mbere, bishingiye ku vyiyumviro vy’abantu, abantu na bo bakaba badashobora kumenya na gato ibijanye na kazoza. Ica kabiri, ukurokoka kw’abantu, nimba gushoboka, kwoba ku gihamana. Ica gatatu, aborokoka umuhero w’isi botegerezwa kurwana urugamba rukomeye kugira ngo babandanye kubaho.
Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza vyovyo birumvikana gusumba. Yerekana ko ibintu bigiye guhinduka bimwe bikomeye. Mugabo abakora ivyo Imana igomba bose bazorokoka. Vyongeye, Bibiliya ntivuga ko isi izotikizwa igacika umunyota canke ko izocika nk’ibarafu. Yose uko ingana izohinduka Iparadizo.
Ariko rero, abantu benshi birabagora kwemera ivyo bintu Bibiliya ivuga. Abantu bakekeranya babona yuko ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’amakuba akomeye, Harumagedoni, intwaro y’imyaka igihumbi be n’Iparadizo, ari ibitito. Abanyatewolojiya baramaze imyaka n’iyindi bihweza ivyo vyiyumviro, babiharirako bongera berekana ico bisobanura. Ivyiyumviro vyabo usanga bivuguruzanya. Umwanditsi umwe yitwa Bruce A. Robinson avuga ku bijanye n’igihe c’iherezo ati: “Hashobora kuba hamaze kwandikwa ibintu bivuga ivy’Imana bigoye gutahura bijanye n’ico ciyumviro vyinshi kuruta ivyanditswe ku vyerekeye iyindi nyigisho iyo ari yo yose yo mu biyita abakirisu.” None ivyo vyavuyemwo iki? Umuvurungano.
Yamara, Ivyanditswe ntibigoye gutahura. Bibiliya ni ubutumwa bwavuye ku Mana, kandi ntiyipfuza ko tuzazanirwa ku bijanye n’ibiraririye gushika. Rimbura ibibazo bimwebimwe abantu bakunda kubaza, bikurikiwe n’ivyo Bibiliya ivuga. Nimba ushaka kumenya vyinshi, nusabe igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Isi n’abantu vyoba bizotikizwa?
“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—Zaburi 37:29.
Hoba hari abazohasiga ubuzima?
“Abagororotse [ni] bo bazokwibera mw’isi, kandi abatagirako umugayo ni bo bazosigara kuri yo. Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo.”—Imigani 2:21, 22.
Imana yoba yarahanye abantu batăyibanga muri kahise?
Imana “[ntiy]aretse guhana isi ya kera, mugabo [yarazigamye] Nowa umwamamaji w’ubugororotsi hamwe n’abandi indwi igihe yazana umwuzure kw’isi y’abantu batibanga Imana; kandi igatsindisha vya bisagara Sodomu na Gomora mu kubihindura iminyota, gutyo igashiriraho abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza.”—2 Petero 2:5, 6.
Twoba dushobora kumenya igihe Imana izoshitsa urubanza rwayo?
“Ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa. Kuko nk’uko imisi ya Nowa yari imeze, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya, barya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato, ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”—Matayo 24:36-39.
Hoba hari ikintu na kimwe cerakana yuko umuhero uri mu gushika?
“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana, bafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo.”—2 Timoteyo 3:1-5.
Muri kazoza, ivy’abantu bazoba bari kw’isi bizoba vyifashe gute?
Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:4.
Naho Ivyanditswe bitatubwira ibintu vyose bizoba muri kazoza, biradukura amazinda yuko ivy’abantu bizogenda neza. Kazoza kazoba ari keza igitangaza kuruta uko tuvyibaza. Urashobora kwizigira ico kintu, ugahera amazinda yuko ivyo Yehova Imana yasezeranye ashoboye no kubishitsa.
Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo”