TWISUNZE BIBILIYA
Iparadizo
Iparadizo ni iki?
ABANTU BABIVUGAKO IKI?
Bamwebamwe biyumvira yuko Iparadizo ari umugani gusa. Abandi bemera yuko ari ahantu h’akaroruhore, aho abantu beza baja kuba ibihe bidahera bakongera bagakorerayo ibikorwa ngirakamaro bitera umunezero.
BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?
Ijambo “iparadizo” ni ryo jambo ryakoreshejwe mu kudondora ahantu abantu ba mbere baba, muri rya tongo rya Edeni. (Itanguriro 2:7-15) Bibiliya ivuga yuko iryo tongo ryabayeho koko, ko ari ho umugabo n’umugore ba mbere baba batarwara canke ngo bapfe. (Itanguriro 1:27, 28) Kubera ko uwo mugabo n’umugore bagambarariye Imana, ntibemerewe kubandanya kuba muri iyo Paradizo. Ariko rero, hariho imirongo myinshi yo muri Bibiliya ivuga ko muri kazoza abantu bazoba mw’Iparadizo izoba yagarukanywe.
KUBERA IKI WOVYITAHO?
Nimba Imana ari urukundo, birumvikana rero yuko itobura guha abasavyi bayo b’intahemuka impera yo kubaho mw’Iparadizo bafise ubuzima bwiza. Birumvikana kandi yuko itobura kumenyesha abantu ivyo bakwiye gukora kugira ngo bashimwe na yo. Bibiliya ivuga yuko ushobora gushimwa n’Imana hamwe wokwironsa ubumenyi bwerekeye Imana ukongera ukagamburuka amategeko yayo.—Yohani 17:3; 1 Yohani 5:3.
“Yehova Imana atunganya umurima muri Edeni, . . . maze ahashira nya muntu yari yabumvye.”—Itanguriro 2:8.
Iparadizo iri hehe?
ABANTU BABIVUGAKO IKI?
Bamwebamwe bemera yuko Iparadizo iri mw’ijuru, abandi na bo bakavuga ko izoba ng’aha kw’isi.
BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?
Iparadizo ya mbere abantu babayemwo yari kw’isi. Imana yaravuze mu buryo butomoye ko yahaye isi abantu kugira ngo bayibeko ibihe bidahera. Bibiliya ivuga yuko Imana yabumvye isi kugira ngo izokwameho ibihe bidahera. (Zaburi 104:5.) Bibiliya ivuga kandi iti: “Amajuru ni aya Yehova, mugabo isi yayihaye abana b’abantu.”—Zaburi 115:16.
Ntibitangaje rero kuba Bibiliya irimwo umuhango w’uko isi izoba Iparadizo. Imana izotuma abantu bayibamwo ibihe bidahera. Muri yo hazorangwa amahoro n’umwumvikano. Nta ntuntu n’imibabaro bizobayo. Vyongeye, abantu bazoshobora kunezererwa bimwe vyuzuye ibintu vy’igitangaza Imana yaremye biri kw’isi.—Yesaya 65:21-23.
“Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, . . . kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Ni bande bazoba mw’Iparadizo?
ABANTU BABIVUGAKO IKI?
Amadini menshi yigisha yuko abantu beza gusa ari bo bazoba mw’Iparadizo. Ariko rero abantu benshi ntibatahura kumwe abo bantu beza abo ari bo. Bamwebamwe biyumvira ko kugira gusa uruhara mu migirwa y’idini no kwama basubiramwo ibisabisho bihagije.
BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?
Bibiliya ivuga yuko “abagororotsi” ari bo bazoba mw’Iparadizo. Ni nde none ari umugororotsi mu nyonga z’Imana? Si umuntu akurikiza imigirwa y’idini arimwo mugabo adakora ivyo Imana igomba. Bibiliya ivuga iti: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka kuruta ikimazi.” (1 Samweli 15:22) Tubivuze muri make, “abagororotsi” bazoba mw’Iparadizo ibihe bidahera, ni abantu bagamburuka amabwirizwa y’Imana nk’uko yerekanwa muri Bibiliya.
ICO WOKORA
Kugamburuka amabwirizwa y’Imana ntibisobanura gusa kugira uruhara mu migirwa y’idini. Biciye ku kuntu wigenza buri musi, woshobora guhimbara Imana canke kutayihimbara. Mu gihe wosuzuma Bibiliya witonze, woshobora kumenya ingene wohimbara Imana. Kandi kuyihimbara ntibigoye. Bibiliya ivuga yuko “amabwirizwa yayo [atari] umuzigo.” (1 Yohani 5:3) Imana irashashaye kuguha impera yo kuba muri iyo Paradizo niwaramuka uyigamburukiye.
“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—Zaburi 37:29.