ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/13 rup. 12-13
  • Ingene woshingira amategeko umwana wawe w’umuyabaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene woshingira amategeko umwana wawe w’umuyabaga
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BITOROSHE
  • Ingene wotoza indero umwana wawe w’umuyabaga
    Be maso!—2013
  • Nuganire n’umwana wawe w’umuyabaga mutarinze guharira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Igihe umwana wawe w’umuyabaga akoze ikintu gituma utaba ukimwizigira
    Icofasha umuryango
  • Nimufashe Umwana Wanyu w’Umuyabaga Gukura
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Be maso!—2013
g 3/13 rup. 12-13

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Ingene woshingira amategeko umwana wawe w’umuyabaga

IGITUMA BITOROSHE

Umwana wawe w’umuyabaga avuga ko urenza urugero. Ariko wewe si ko ubibona, kubera urukundo rwa kivyeyi. Wibwira uti: ‘Ndamworohereje yohava agira ingorane.’

Urashobora gushingira umwana wawe w’umuyabaga amategeko atarenze urugero. Ariko, urakeneye kubanza gutahura icoba gituma adashima ayo mategeko.

IKIBITERA

Iciyumviro kitari co: Imiyabaga yose iragarariza amategeko; ni ikintu gitegerezwa gushika mu buyabaga.

Ukuri: Iyo abavyeyi bashinze amategeko atarenza urugero babanje kubiganira n’abana babo b’imiyabaga, biroroha cane ko bayakurikiza.

Naho hari ibintu bitari bike bishobora gutuma umuyabaga agarariza, abavyeyi barashobora gusanga bariko baremesha abana babo kugarariza igihe bashinga amategeko atagondeka canke adahuje n’imyaka yabo. Rimbura ibikurikira:

  • Amategeko atagondeka. Igihe abavyeyi bashinga amategeko mugabo umwana ntiyemererwe kugira ico ayavuzeko, aca ayabona nk’ikiziriko aho kubona ko amukingira. Ivyo birashobora gutuma akora mu mpisho birya nyene abavyeyi biwe bamubuza.

  • Amategeko adahuje n’imyaka yabo. Iyo umwana mutoya akubajije igituma wamuhaye itegeko kanaka, ukamwishura uti: “Ni uko ndi umuvyeyi wawe,” vyoshobora kuba bihagije. Ariko umwana wawe w’umuyabaga aripfuza ko umusigurira igituma wayashinze. Nakare mu misi iri imbere ashobora kuzoba atakiri kumwe nawe, ari we yifatira ingingo zihambaye. Vyoba vyiza rero yize kwiyumvira neza no gufata ingingo nziza ubu mukiri kumwe.

Wokora iki none nimba umwana wawe w’umuyabaga bisa n’uko atigera ashima amategeko ushinga?

ICO WOKORA

Ico womenya co ni uko abana b’imiyabaga bakenera gushingirwa uturimbi, kandi ko mbere bavyipfuza naho batavyemera. Ku bw’ivyo, nubashingire amategeko, kandi wiyemeze neza ko bayatahura. Igitabu kimwe (Letting Go With Love and Confidence) kivuga giti: “Igihe abana b’imiyabaga bashingiwe uturimbi dutomoye, bakaba kandi biteze ko abavyeyi babo babacungera mu buryo butarenze urugero, usanga badakunda kugira inyifato ibabaje.” Ariko igihe abavyeyi bapfa guha abana babo b’imiyabaga umwidegemvyo urenze urugero, uca umengo nta co banezwe, ivyo na vyo bikaba bisasira indava ubugarariji.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 29:15.

None wokwirinda gute kurenza urugero? Nureke umwana wawe w’umuyabaga agire ico avuze ku mategeko ushinga mu muryango. Nk’akarorero, agusavye ko wohindura isaha washinze ko yoza aratahirako, nutege ugutwi ivyo akubwira. Igihe umuyabaga abonye yuko wamuteze yompi vy’ukuri, biroroha ko yubaha akongera akubahiriza ingingo ufata, naho yoba atayishigikiye.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Yakobo 1:19.

Ariko imbere y’uko ufata ingingo, niwibuke iki kintu: Abana b’imiyabaga usanga bakunda gusaba umwidengemvyo uruta uwo bakwiye guhabwa; ariko abavyeyi na bo hari aho usanga babaha umwidengemvyo muke kandi bari gushobora kubaha uwiyongereye. Ku bw’ivyo rero, nuzirikane witonze ico umwana wawe w’umuyabaga ariko aragusaba. Yoba asanzwe yitwararika ibintu? Uravye uko ibintu vyifashe, ubwo ntivyoba bibereye ko umutezurira? Nugondeke igihe bibereye.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Itanguriro 19:17-22.

Naho ukwiye gutega yompi iryo umwana wawe w’umuyabaga agona, nawe urakwiye kumusigurira ibikuraje ishinga. Gutyo uzoba uriko uramwigisha kwiyumvira ukuntu abandi babona ibintu aho kwiyumvira gusa ivyo yipfuza.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Abakorinto 10:24.

Nuheze rero ufate ingingo wongere umusigurire igituma uyifashe. Naho iyo ngingo itomuhimbara cane, hari aho yohimbarwa n’uko afise abavyeyi bamutega yompi. Niwibuke yuko umwana wawe w’umuyabaga ariko ariga kuba umuntu akuze. Niwashinga amategeko atarenza urugero kandi ukayaganirako n’uwo mwana wawe, uzoba uriko uramufasha kuba umuntu akuze yitwararika ibintu.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 22:6.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane.”—Abafilipi 4:5.

  • “Ntimuratse abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima.” —Abakolosayi 3:21.

IMPANURO IGENEWE IMIYABAGA

“Dufate akarorero k’umuntu yaguranye amahera mw’ibanki. Igihe aza arariha ku gihe, iyo banki irarushiriza kumwizigira, mbere igashobora no kuzomuha irindi deni. No muhira ni ukwo. Ni nk’aho ufitiye abavyeyi bawe ideni ryo kubagamburukira. Ubaye umwizigirwa, mbere no mu tuntu dutoduto, abavyeyi bawe bazorushiriza kukwizigira. Ariko rero, niwaguma ubahemukira, ntuzotangare niwabona batakikwizigira.”—Vyakuwe mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika