VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ukubona ivyezeri kw’agatangurirwa gataruka
AGATANGURIRWA gataruka karafise ubushobozi budasanzwe bwo kubona butuma gashobora gupima ata kwihenda uburebure bw’aho gakeneye gusimba. None kabigenza gute?
Rimbura ibi: Kugira ngo ako gatangurirwa gapime uburebure buri hagati yako n’ikintu kanaka, kikora ku maso nyamukuru yako abiri, ano akaba afise ikintu yisangije. Rimwerimwe ryose muri yo rifise agahimba kitwa rétine kagizwe n’utuntu tumeze nk’udushishwa tugerekeranye nk’uduhimba tw’igitunguru c’igoma. Tubiri muri utwo tuntu turākīra imishwarara y’umuco isa n’urwatsi rutoto. Kamwe muri two, karabona neza ishusho y’ikintu, akandi kakayibona ivyezeri. Uko ico kintu kirushiriza kuba hafi y’ijisho ry’ako gatangurirwa, ni ko ako gashishwa karushiriza kukibona ivyezeri. Ivyo bituma ako gatangurirwa gashobora gupima neza uburebure bw’aho gakeneye gusimba kugira ngo gacakire agakoko korya.
Abashakashatsi baripfuza kwigana ubwo buhinga ako gatangurirwa gakoresha mu gutaruka kugira ngo bahingure ivyuma bifata amasanamu yerekana impande zitatu z’ikintu kanaka, n’ivyuma vyitwa amarobo bishobora gupima uburebure buri hagati yavyo n’ikintu kanaka. Umuhora umwe wo kuri Internet witwa ScienceNOW, uvuga ko ukwo kuntu ako gatangurirwa kabona ari “akarorero gatangaje k’ukuntu udukoko tw’uburebure bungana n’igice c’isantimetero, tukagira n’ubwonko buri munsi y’ubw’isazi isanzwe, dushobora kuronka amakuru ahanitse biciye ku maso yatwo, tugaca tugira ico dukoze.”
None uvyibazako iki? Ukwo kuntu ako gatangurirwa gataruka kisunze ukubona ivyezeri coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwabishizeho?