VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ivyubi vy’ikimizi citwa baleine à bosse
IKIMIZI bita baleine à bosse gikuze usanga ari kinini cane, kigapima amatoni 36, ni ukuvuga uburemere bungana n’ubw’ikamyo yuzuye no ku bunwa. Naho ico kimizi kingana gutyo, kirabanguka cane igihe gitaruka mu mazi n’igihe gihindukira. None ni kubera iki ico kimizi kibangutse ukuraho? Kimwe mu bintu bituma kibanguka ni ibidunduri biri ku vyubi vyaco.
Rimbura ibi: Ibimizi bitari bike usanga imbere ku vyubi haringaniye neza. Ariko si ko bimeze kuri ico kimizi. Coco imbere ku vyubi gifise ibidunduri bininibinini bidasanzwe. Iyo kiriko kiroga, amazi aza araca kuri nya bidunduri agaca agenda arizinguriza. Ivyo bidunduri ni vyo bituma ayo mazi yizinguriza. Ukwo kuntu amazi yizinguriza bituma ico kimizi cisunika n’inguvu nyinshi, bigaca bikunda ko kiduza cane nya vyubi kitarinze guhagarara. Iyo kidugije cane ivyubi, vya bidunduri bica bigabanya inguvu z’amazi, ivyo bikaba vyorohereza ivyo vyubi vyaco birebire, narirya kimwekimwe cose gifise uburebure bungana n’ica gatatu c’uburebure bw’ico kimizi.
Abashakashatsi bariko barisunga ukuntu ivyo vyubi bimeze kugira ngo baryohore ukuntu bahingura ingafe zo kuyobora ubwato, imashini zihingura umuyagankuba ku ngomero, n’iziwuhingura zikoresheje umuyaga, be n’ibipanga vy’indege za kajugujugu.
None uvyibazako iki? Ivyubi vy’ico kimizi vyoba vyariyadukije? Canke hariho uwabishizeho?