ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/13 rup. 16
  • Ingene inyoni yitwa albatros hurleur iguruka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene inyoni yitwa albatros hurleur iguruka
  • Be maso!—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2013
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2014
  • Ingene twokoresha neza umuyagankuba n’igitoro
    Be maso!—2017
  • Amasunwa y’amababa y’inyoni zigurukira hejuru cane
    Be maso!—2015
Be maso!—2013
g 8/13 rup. 16

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ingene inyoni yitwa albatros hurleur iguruka

INYONI zigurukira hejuru cane zirashobora kuguma mu kirere ata nguvu nyinshi zikoresheje. Imwe muri izo nyoni itangaje cane ni yitwa albatros hurleur. Iyo amababa yayo ashanje, areha n’imetero zitatu na santimetero 40, ikaba ipima hafi ibilo umunani n’igice. Iyo nyoni irashobora kuguruka ibilometero ibihumbi ikoresheje inguvu nkeyi cane! Ivyo ibishobozwa n’ukuntu umubiri wayo umeze hamwe n’ubuhinga bwayo bwo kuguruka.

Rimbura ibi: Igihe iyo nyoni iriko iraguruka, irakoresha imirya yayo idasanzwe ituma amababa yayo aguma ashanje rwose, ivyo bigatuma idakenera gukoresha imitsi. Ubuhinga bugira kabiri butuma imara amasaha n’amasaha iriko iraguruka, ni ukuntu yisunga cane imiyaga y’ibahari mu kuguruka.

Igihe izo nyoni ziri hejuru y’ikiyaga, ziraduga, zigahindukira hanyuma zikamanuka, zikaguma zibigenza gutyo; ivyo bituma zironka inguvu zihagije zisubirira izitakara igihe izo nyoni ziba zihanze umuyaga. Nta gihe kirekire kirahaca abahinga batahuye ukuntu izo nyoni zibigenza. Kugira ngo bazikurikirane, barakoresheje ivyuma vyerekana neza amashusho, bakoresha n’ubuhinga budasanzwe bwa orodinateri. Basanze izo nyoni zironka inguvu zikenewe igihe zigeze hejuru cane aho zihindukirira zikareka guhangana n’umuyaga, maze zikerekeza iyo umuyaga uriko uraja. Abo bahinga bavuga ko izo nyoni “ziguma zironka inguvu bivuye ku muyaga kandi bitagoranye.” None ivyo bivamwo iki? Bituma izo nyoni zishobora kumara amasaha n’amasaha ziguruka zidakubise amababa na rimwe!

Ivyo bintu abahinga batahuye birashobora kubafasha guhingura ivyuma bigendera mu kirere bikoresha igitoro gike cane, kumbure bitanakeneye imoteri kugira ngo bishobore kugenda.

None uvyibazako iki? Umubiri w’iyo nyoni ukozwe mu buryo budasanzwe be n’ubuhinga ifise bwo kuguruka ikoresheje inguvu nkeyi, vyoba vyariyadukije? Canke hariho uwabishizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika