ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/15 rup. 14-15
  • Mesiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mesiya
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abantu bomenye gute Mesiya?
  • Mesiya azosozera gute igikorwa yashinzwe?
  • Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kumenyesha imbere y’igihe ivyerekeye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bararindiriye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Be maso!—2015
g 2/15 rup. 14-15
Yezu akiza umuntu arwaye

TWISUNZE BIBILIYA

Mesiya

Bibiliya yari yaravuze yuko Mesiya yoje mw’isi agakiza abantu indwara, imibabaro n’urupfu. Yezu Kristu yoba ari we Mesiya?

Abantu bomenye gute Mesiya?

Bibiliya yari yaravuze yuko Mesiya, ari we Kristu, yoje mu buryo bubiri, hakaba hociye igihe kirekire hagati y’ukuza kwa mbere n’ukwa kabiri.a Ubwa mbere, yoje ari umuntu. Kugira ngo abantu bashobore kumumenya neza, abanditse Bibiliya baravuze ibintu vyinshi vyoranze ubuzima bwiwe be n’igikorwa yokoze. Nkako, “ugushingira intahe Yezu” ni yo ntumbero nyamukuru y’amajambo menyeshakazoza dusanga muri Bibiliya.​—Ivyahishuwe 19:10.

Igihe Yezu yari kw’isi, yarakoze ku rugero rutoyi ivyo azokora kw’isi yose ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mesiya . . .

  • Yokomotse ku Mwami Dawidi.​—Yesaya 9:7; Luka 3:23-31.b

  • Yovukiye i Betelehemu.​—Mika 5:2; Luka 2:4-7.

  • Yobaye ari umuntu yicisha bugufi abwira abandi “inkuru nziza.”​—Yesaya 61:1; Luka 4:43.

  • Yosuzuguwe, akabonwa nk’ubusa.​—Yesaya 53:3; Matayo 26:67, 68.

  • Yoguzwe ibiceri 30 vy’ifeza.​—Zekariya 11:12, 13; Matayo 26:14, 15.

  • Bomuciriye urwo gupfa bamuziza ubusa, ariko ntiyokuyeko umunwa.​—Yesaya 53:6, 7; Matayo 27:12-14.

  • Yobaye nk’“umwagazi w’intama” wo gutangako ikimazi, agakuraho igicumuro, gutyo abantu bagashobora kubonwa ko ari abagororotsi imbere y’Imana.​—Yesaya 53:7; Yohani 1:29, 34, 36.

  • Yokwishwe, ariko nta gufa ryiwe na rimwe ryovunywe.​—Zaburi 34:20; Yohani 19:33, 36.

  • Yohambanywe n’abatunzi.​—Yesaya 53:9; Matayo 27:57-60.

  • Yozutse ku musi ugira gatatu.​—Matayo 16:21; 28:5-7.

Yezu yarashikije ivyo bintu Bibiliya yari yaravuze hamwe n’ibindi vyinshi. Vyongeye, yarakijije abarwaye, arazura n’abapfuye. Ivyo vyarerekanye ko yari we Mesiya. Ariko kandi vyaratumye tugira imvo zumvikana zo kwizera ko azokora nk’ivyo nyene kw’isi yose, nk’uko Bibiliya yabisezeranye. (Luka 7:21-23; Ivyahishuwe 21:3, 4) Yezu amaze kuzuka, yaricaye “iburyo” bw’Imana, arindira yuko hagera ko asozera igikorwa yashinzwe kijanye n’ukuba ari Mesiya.​—Zaburi 110:1-6.

“Kristu niyashika, mugira ngo azokora ibimenyetso biruta ivyo uyu muntu yakoze?”​—Yohani 7:31.

Mesiya azosozera gute igikorwa yashinzwe?

Abisirayeli bo mu gihe ca Yezu bari biteze ko Mesiya abakurako intwaro y’Abaroma maze agasubizaho ubwami bwa Isirayeli, akaba umwami wabwo. (Ivyakozwe 1:6) Ariko abigishwa ba Yezu b’Abisirayeli bahavuye batahura ko yosozereye igikorwa ciwe ari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru, afise ububasha bwinshi.​—Matayo 28:18.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mesiya aje ubwa kabiri . . .

  • Yoganje ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, iyo ikaba ari intwaro izoganza isi yose.​—Daniyeli 7:13, 14; Ivyahishuwe 11:15.

  • Yohezagiye abantu bose bamwizera.​—Itanguriro 22:17, 18; Zaburi 72:7, 8.

  • Yotumye “amahanga menshi” n’abayatwara ‘bahababuka’ aje kubatikiza kubera ko bamurwanije.​—Yesaya 52:15; Ivyahishuwe 19:19, 20.

  • Yozigamye “isinzi rinini” ry’abantu bagororotse bo mu mahanga yose, akabashikana mw’isi nshasha y’amahoro.​—Ivyahishuwe 7:9, 10, 13-17.

  • Yofadikanije na Yehova Imana mu kuzura abapfuye kugira babe mw’Iparadizo kw’isi.​—Luka 23:43; Yohani 5:21, 28, 29.

  • Yokwigishije abatwarwa biwe kubana mu mahoro.​—Yesaya 11:1, 2, 9, 10.

  • Yokuyeho igicumuro, co ntandaro y’indwara n’urupfu.​—Yohani 1:29; Abaroma 5:12.

  • Yosambuye buhere ibikorwa vyose vya Shetani maze abantu bakaba umuryango umwe uyobokera Yehova Imana.​—1 Abakorinto 15:25-28; 1 Yohani 3:8.

Yezu yarashikije uruhara rwa mbere yari ajejwe rujanye n’ukuba ari Mesiya. N’urwa kabiri azorushitsa. Vyiza rero, twokwiga ibijanye na Yezu twitonze, kuko yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima.”​—Yohani 14:6.

Mu misi yiwe umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho. Azogira abatwarwa . . . gushika ku mpera z’isi.”​—Zaburi 72:7, 8.

a Ijambo “Mesiya” rivuye mu giheburayo. “Mesiya” mu kigiriki ni “Kristu.”​—Yohani 1:41.

b Icanditswe ca mbere cerekana ivyo Bibiliya yari yaravuze, ica kabiri kikerekana ingene vyarangutse.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika