ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 6/15 rup. 14-15
  • Ifi ihingura umusenyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ifi ihingura umusenyi
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2015
  • Ukuntu amafi agendera mu mugwi
    Be maso!—2012
Be maso!—2015
g 6/15 rup. 14-15
Ifi yitwa poisson-perroquet

IFI ihingura umusenyi

UMUSENYI uva he? Uva ahantu henshi. Ariko aho tugomba tuvuge muri iki kiganiro, hari aho hogutangaza. Hari umusenyi uhingurwa n’ifi yitwa poisson-perroquet. Iyo fi irahekenya ibisigarira vy’utunyabuzima two mu mazi bigacika umusenyi unoze.

Iyo fi wumva, iba mu ntara zishushe hirya no hino kw’isi. Imaze kumira utuvunjivunji tw’ibisigarira vy’utunyabuzima, ica idukuramwo utwo irya, ibisigaye ikabicira ari umusenyi. Ikoresha umunwa wayo uja gusa n’uw’inyoni be n’amenyo yayo akomeye. Hari ubwoko bwayo bushobora kumara imyaka 20 amenyo agikomeye.

Mu mihingo imwimwe usanga iyo fi ari yo ihingura umusenyi mwinshi gusumba ibindi bintu vyo mu bidukikije biwuhingura. Hari abashakashatsi bavuga ko iyo fi ishobora guhingura nk’ibilo 100 vy’umusenyi ku mwaka.

Ifi poisson-perroquet y’ibara ryije

Iy’ibara ryije

Iyo fi irakora ikindi kintu gihambaye. Irarya rwose ibimera vyo mu mazi n’ibisigarira vy’utunyabuzima vyuzuyeko ibimera, gutyo ikaba iriko irasukura aho hantu. Ivyo bituma haguma hameze neza. Ahantu iyo fi n’ibindi binyabuzima birya ivyatsi bidashika, usanga ibimera vyo mu mazi bica bihabangamira. Igitabu kimwe kivuga giti: “Hari abavuga yuko iyo hataba ibinyabuzima vyo mu mazi birya ivyatsi, ibibanza vyo mu mazi birundaniyemwo utunyabuzima bitobaye bimeze nk’uko biri muri iki gihe.”

Kugira ngo iyo fi ikore ivyo vyose ku murango, bisaba ko iba yaruhutse neza mw’ijoro. No muri ivyo nyene, iyo fi ni igitangaza. Mw’ijoro, mu bibanza vyo mu mazi birundaniyemwo utunyabuzima, usanga hateye akaga kubera ko ibirondera ico birya biba ari vyinshi. Iyo fi ikunze kuryama yikinze ikibuye, ariko hari igihe ikimizi gishonje kiyinyegururayo.

Hari n’ikindi kintu ifi zimwezimwe zo muri ubwo bwoko zikora kugira zirushirize kwikingira mw’ijoro. Zirarekura ibintu binuka bizipfuka, zigaca zimera nk’izambaye impuzu yo kurarana ibonerana. Abahinga b’ibinyabuzima vyo mu mazi bavuga yuko ivyo bintu izo fi zirekura bizirinda ibizihiga.

Iyo fi yitwa poisson-perroquet iri mu mafi abonwa cane kandi abereye ijisho yo mu bibanza vyo mu mazi birundaniyemwo utunyabuzima. Ingabo n’ingore kenshi zigira amabara atandukanye akayangana, agenda arahinduka uko zigenda zirakura. Ariko igihimbaye kuruta ibindi ni uko iyo fi imenyerana n’abantu mu mihingo batayiroba birenze urugero. Uca usanga iri mu mafi yoroshe kwitegereza.

Kwegera iyo fi ukayitegereza ukongera ukumviriza ukuntu iriko irahekenya ibisigarira vy’utunyabuzima, ni ikintu abihweza ibinyabuzima vyo mu mazi batigera bibagira. Uko iyo fi ica mu mazi igenda yerekana ubwiza bwayo, irasukura aho iba ku neza y’ibindi binyabuzima no ku neza y’abantu.

AYANDI MAKURU

Ifi yitwa poisson-perroquet iri mu muryango munini w’ifi (abahinga bita Scaridae) urimwo ubwoko nka 80 butandukanye buba mu bibanza vyo mu mazi birundaniyemwo utunyabuzima mu ntara zishushe. Bayise iryo zina kubera umunwa wayo uja kumera nk’uwa gasuku. Ifise uburebure buri hagati ya santimetero 50 na 100.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika