ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 3 rup. 4-7
  • Ikibazo c’indimi carakemutse! Ingene ubuhinduzi bugenda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo c’indimi carakemutse! Ingene ubuhinduzi bugenda
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igikorwa kivamwo ivyiza biramba
  • Ibikoresho vyo kwamamaza—Turasohora ibitabu bigenewe abantu bo kw’isi yose
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Wohitamwo gute impinduro nziza ya Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • A1 Ivyo abashira Bibiliya mu zindi ndimi bisunga
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Gusohora igitabu gihambaye kuruta ibindi vyose
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 3 rup. 4-7

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ikibazo c’indimi carakemutse! Ingene ubuhinduzi bugenda

“Hari abakunze kuvuga ko ata gikorwa kigoye nko guhindura ururimi ushira mu rundi.”​—“The Cambridge Encyclopedia of Language.”

IMBERE y’uko ibitabu vyacu bitangura guhindurwa, habanza kwiyumvirwa ibizokwandikwa muri vyo, bakabigirira ubushakashatsi hanyuma bakavyandika. Muri ico gihe, Urwego nshingwayandika ruri ku cicaro gikuru cabo i New York rurasuzuma rwitonze ko ibivugwa mu gisomwa ari ivy’ukuri be n’uko hakoreshejwe imvugo yumvikana kandi itataye igihe.a

Urwo rwego ruca rurungikira ico gisomwa imigwi amajana y’abahinduzi iri hirya no hino kw’isi. Benshi muri bo usanga baba ahantu havugwa ururimi bahinduramwo, akaba ari na ho bakorera. Nka bose bahindura mu rurimi bonse. Bategerezwa kuba batahura neza icongereza be n’ururimi bahinduramwo.

Abahinduzi bari ku kivi

IGIKORWA C’UBUHINDUZI

Iki gicapo kiratwereka ingene Be maso! ihindurwa mu gisupanyoli

  • Umugwi w’abahinduzi bo muri Espanye uraronse igisomwa c’icongereza kivuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova muri Amerika

  • Umwe wese muri bo arihweza ico gisomwa yitonze

  • Imbere y’uko batangura guhindura, baraja hamwe bakaganira kuri ico gisomwa

  • Baritwararika gukoresha imvugo ya misi yose kandi itomoye, guserura neza ivyiyumviro biri mu congereza no kwubahiriza indimburo

  • Ibikenewe vyose bimaze gukorwa, igisomwa gica kirungikwa aho bacapura ibitabu maze bikarungikirwa abantu

  • Kw’isi yose abantu barungukira ku mpanuro nziza zo muri Bibiliya mu rurimi bonse

Neza na neza abahinduzi bakora gute?

Geraint, umuhinduzi akorera mu Bwongereza, avuga ati: “Kubera yuko dukorera mu mugwi, gukorana neza birahambaye cane. Turigira hamwe ingene twotorera umuti ibintu bigoye guhindura. Ntiduhindura ijambo rimwerimwe, ahubwo duhindura imigwi y’amajambo. Turiyumvira twitonze insobanuro yayo n’intumbero yayo, tukagumiza ku muzirikanyi abo ikiganiro kimwekimwe cose kigenewe.”

Intumbero y’umuhinduzi ni iyihe?

“Intumbero yacu ni uko umusomyi abona ko ico gisomwa categuwe mu rurimi rwiwe, ntiyumve ko cahinduwe gikuwe mu rundi rurimi. Ku bw’ivyo, turagerageza gukoresha imvugo ya misi yose. Ivyo bituma umusomyi asoserwa n’ico gisomwa, agaca aguma agisoma nk’aho yoba ariko yihereza udufungurwa turyoshe cane.”

Kuba ahantu havugwa ururimi uhinduramwo birimwo akarusho akahe?

“Birafasha cane. Imisi yose turumva ingene abantu bavuga ururimi duhinduramwo. Vyongeye, igihe tuganira n’abantu turashobora gusuzuma ko amajambo dukoresha amenyerewe, ko atahurika be n’uko aryoheye ugutwi. Ivyo biradufasha guserura neza iciyumviro kiri mu congereza.”

Igikorwa canyu gitunganijwe gute?

“Igisomwa ico ari co cose gihindurwa n’umugwi w’abahinduzi. Ubwa mbere, umwe wese arasoma igisomwa co mu congereza kugira agitahure neza, amenye uburyo canditse n’abo kigenewe. Turibaza duti: ‘Intumbero y’iki kiganiro ni iyihe? Iciyumviro nyamukuru kirimwo ni ikihe? Kinyigishije iki?’ Ivyo biratuma tubona ibintu bitandukanye bizodufasha tumaze gutangura igikorwa co guhindura.

“Ubukurikira, abo batatu baca baganira ivyo bashitseko, umwe wese akagira ico yigiye kuri mugenziwe. Turibaza duti: ‘Twoba dutahura neza iki gisomwa? Twobigenza gute kugira dushikirize ivyiyumviro nk’uko vyashikirijwe mu gisomwa c’icongereza?’ Intumbero yacu ni ugutuma abasoma igisomwa twahinduye biyumva nk’uko nyene abagitunganije bipfuza ko biyumva.”

Abagize uwo mugwi bakorana gute?

“Intumbero yacu ni uko umusomyi aca atahura igisomwa agisomye irya mbere. Kugira tubishikeko, agace kose duhinduye turagasoma n’ijwi ryumvikana incuro nka zingahe.

“Umwe aza arandika kuri orodinateri yiwe igisomwa cahinduwe, abandi bagakurikira kuri orodinateri zabo. Turasuzuma ko ata ciyumviro cakuwemwo canke congewemwo. Vyongeye, turatosora igisomwa, tukaraba ko hakoreshejwe imvugo imenyerewe, ko amajambo yanditse neza be n’uko indimburo yubahirijwe. Umwe aca asoma n’ijwi ryumvikana agace duhejeje guhindura. Bishitse agatsitara, turarondera kumenya igituma. Duhejeje guhindura ikiganiro cose, umwe aca agisoma n’ijwi ryumvikana, abandi na bo bakaza barandika aho bumvise akagorane.”

Numva ari igikorwa kitoroshe!

“Aho ntubeshe! Umusi uhera twasanzaye. Bukeye turasubira gucisha amaso muri ca gisomwa, twaruhutse mu mutwe. Haheze indwi nka zingahe, Urwego nshingwayandika ruraturungikira ivyaryohowe mu gisomwa c’icongereza. Duca dusubira tugasoma ca gisomwa cacu maze tukaryohora ibikenewe.”

Ubuhinga bwa orodinateri bubafasha gute?

“Orodinateri ziradufasha ariko ntizishobora gusubirira abantu. Ivyabona vya Yehova baratunganije ibikoresho bituma igikorwa cacu coroha. Kimwe muri ivyo bikoresho ni kazinduzi yo muri orodinateri dushiramwo amajambo n’imvugo dukunze gukoresha. Hariho na porogarama irimwo ibintu vyose tumaze guhindura mu rurimi rwacu, ikaba idufasha kubona ingene twagiye turahindura amajambo amwamwe.”

Mubona gute igikorwa murangura?

“Tubona ko ari nk’agakemanyi duha abantu. Ni co gituma twipfuza kugashishira neza. Turahimbarwa cane twibutse ko umuntu ashobora gukorwa ku mutima n’ikiganiro co mu kinyamakuru canke co kuri internet, bigatuma aryohora ubuzima bwiwe.”

Igikorwa kivamwo ivyiza biramba

Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi barungukira ku bitabu vy’Ivyabona vya Yehova biri mu rurimi bonse. Impanuro nziza ziri mu bitabu vyabo, mu mavidewo yabo no ku rubuga rwabo jw.org zishingiye kuri Bibiliya. Kanatsinda, ico gitabu ceranda ni co kitubwira ko Yehova Imana yipfuza ko abantu bo mu ‘mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose’ bumva ubutumwa bumwerekeye.​—Ivyahishuwe 14:6.b

a Igisomwa gitegurwa mu congereza.

b Ja kuri www.pr418.com kugira usome, urabe canke wumvirize ibintu vyasohowe mu rurimi rwawe no mu zindi ndimi amajana.

JW.ORG

Urubuga rwemewe rw’Ivyabona vya Yehova

Mu ndimi zirenga 700

Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera

Agatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova

Mu ndimi zirenga 640

Umunara w’Inderetsi

Ikinyamakuru gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova

Mu ndimi zirenga 250

Be maso!

Ikinyamakuru gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova

Mu ndimi zirenga 100

Ikinyamakuru Be maso! mu ndimi zitandukanye

“Ndafise ingorane z’amagara. Uretse impanuro za muganga, narungukiye kuri Be maso! yo mu rurimi rwanje rw’ikimalgashe. Yaranyigishije gutsinda ishavu. Narayisanzemwo kandi impanuro nziza ku bijanye n’ugufungura neza be n’ukwinonora imitsi.c Narashize mu ngiro ivyo nasomye, kandi ndumva ko ndiko ndoroherwa.”​—Ranaivoarisoa wo muri Madagaskari.

“Umuganga amvura arakoresha Be maso! yo mu kigujarati mu kwigisha abantu ingene bokwitaho amagara yabo. Haciye indwi nkeyi ashikirije ikiganiro kijanye n’ibiyayuramutwe be n’inzoga kw’ishure rimwe, abanyeshure bavuze ko ivyiyumviro vyo muri Be maso! vyafashije ba se kugabanya amahera bashira mu nzoga, baca bayongereza ku yo bakoresha mu kwitwararika abana babo.”​—Janet wo mu Buhindi.

c Be maso! ntiremesha abantu gufungura imfungurwa kanaka canke kwivuza mu buryo kanaka. Umuntu wese akwiye kuzirikana imbere yo guhitamwo ivyo yofungura canke ingene yokwinonora imitsi.

Agahungu kariko kararaba kuri jw.org akavidewo kavuga ngo Kwiba ni bibi

Inabibondo umwe wo muri Angola yarungikiye abanditsi b’iki kinyamakuru ubutumwa bukurikira: “Agahungu kanje k’imyaka umunani karatakaje amakurere yako, gaca kiba ay’abandi banyeshure. Kamaze kuraba kuri jw.org ka kavidewo kavuga ngo Kwiba ni bibi mu giportigale, karatinyutse karambwira ivyo kakoze. Karansavye ko twojana kw’ishure kugira gasabe ikigongwe abandi bana kongere kababwire igituma kabasubije amakurere yabo. Mwigisha wako yaratwemereye kwereka ako kavidewo ishure ryose. Abana benshi bamaze kukaraba, baravuze ko batazosubira kwiba.”

Umugabo ariko arakoresha ka gaporogarama gafasha kwiga indimi

Porogarama ifasha kwiga indimi!

Akamenyetso ka ya porogarama ifasha kwiga indimi

Mu 2014, Ivyabona barasohoye porogarama yo kuri internet yitwa JW Language. Ni porogarama itagurishwa ifasha kwigisha Bibiliya mu zindi ndimi, nk’izi: Icongereza, igifaransa, igihindi, igikoreya, igiportigale, igishinwa, igisupanyoli, igiswahili, igitagaloge, igitaliyano, igitayi, igitirkiya, ikibengali, ikibirmaniya, ikidagi, ikinyendoneziya, ikirusiya n’ikiyapani. Ushaka ayandi makuru, ja kuri jw.org (mu gifaransa) urondere ahavuga ngo JW Language.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika