ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 3 rup. 8-9
  • Ignaz Semmelweis

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ignaz Semmelweis
  • Be maso!—2016
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2016
  • Igihe umwana wawe afise umucanwa
    Be maso!—2004
  • Abavyeyi bafise amagara meza bibaruka abana bafise amagara meza
    Be maso!—2010
Be maso!—2016
g16 no. 3 rup. 8-9

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Ignaz Semmelweis

Ignaz Semmelweis

IGNAZ SEMMELWEIS ashobora kuba atazwi cane, ariko igikorwa yakoze kiragirira akamaro imiryango myinshi muri iki gihe. Yavukiye i Buda (ubu hitwa Budapest) muri Hongiriya, aronkera urupapuro rw’umutsindo rw’ivy’ubuganga kuri kaminuza y’i Vienne mu 1844. Mu 1846, Semmelweis yari umwigisha w’umwunganirizi ku bitaro bikuru bakiriramwo abavyeyi vy’i Vienne. Ico gihe yariboneye ikintu giteye agahinda: mu bavyeyi 100 baza kwibaruka, 13 barapfa bahitanywe n’indwara bita fièvre puerpérale.

Hariyumviriwe ibintu vyinshi vyoba bitera iyo ndwara, ariko nta washoboye kumenya ico yavako vy’ukuri. Utwigoro twose twagizwe kugira bagabanye abahitanwa n’iyo ndwara twabaye impfagusa. Kubera yuko Semmelweis yababazwa cane n’abavyeyi benshi baguma bahitanwa n’iyo ndwara ibabaza rwose, yaciye afata ingingo yo kurondera ikiyitera n’ingene abantu boyirinda.

Ibitaro Semmelweis yakoramwo vyari bifise ibibanza bibiri bakiriramwo abavyeyi. Igitangaje ni uko abavyeyi bapfira mu kibanza ca mbere bari benshi cane ugereranije n’abapfira mu ca kabiri. Itandukaniro ryonyene ryari hagati y’ivyo bibanza ni uko mu ca mbere bahigishiriza abanyeshure biga ivy’ubuganga, mu ca kabiri na ho bakahigishiriza abakirizi. Kubera iki none ibitigiri vy’abapfa vyari bitandukanye? Semmelweis yarihweje ibintu bitandukanye yiyumvira ko vyatera iyo ndwara, ariko asanga nta na kimwe muri vyo kiyitera.

Mu ntango z’umwaka wa 1847, Semmelweis yarubuye umuzi w’iyo ngorane. Umugenzi bakorana yitwa Jakob Kolletschka yari yapfuye ahitanywe n’imigera yari yakwiragiye mu maraso yiwe, inyuma y’aho yikomerekeje ariko arapima ikiziga. Igihe yariko arasoma raporo y’ibipimo vyagizwe ku kiziga c’uwo mugenzi wiwe, yasanze ivyo batoye hari ukuntu bisa n’ivyo batora ku biziga vy’abavyeyi baba bahitanywe na ya ndwara. Semmelweis yaciye yiyumvira ko ivyo yise “ubumara” buva mu biziga vy’abantu ari vyo vyoba vyandukira abavyeyi bibungenze, bagaca bafatwa na ya ndwara. Abaganga n’abanyeshure baja mw’iyakiriro bahejeje gupima ibiziga, ni bo bandukiza abavyeyi mu gihe co kubapima canke kubakira, batabiciye n’ikanda! Abapfira muri ca kibanza ca kabiri bari bakeyi kubera yuko abakirizi batapima ibiziga.

Semmelweis yaciye ashinga itegeko ntabanduka ryo gukaraba hakoreshejwe umuti wica imigera imbere yo gupima abakenyezi bibungenze. Ntiworaba ivyiza vyavuyemwo: Igitigiri c’abahitanwa na ya ndwara carakorotse cane, kiva kuri 18,27 kw’ijana muri Ndamukiza gishika ku 0,19 kw’ijana mu mpera z’umwaka.

“Intumbero yanje ni uko ata muvyeyi apfira mu bitaro yagiye kwibaruka, ngo umugabo abure umukenyezi wiwe, umwana na we ngo abure nyina wiwe.”​—Ignaz Semmelweis

Si bose banezerejwe n’ivyo Semmelweis yashitseko. Ivyo yatoye ntivyari bihuye n’ivyo umukoresha wiwe yiyumvira ko ari vyo bitera iyo ndwara. Bisubiye, itegeko yashizeho ryo gukaraba ryaramurya mu mutwe. Semmelweis yahavuye yirukanwa mu kazi, aca asubira iwabo muri Hongiriya. Ashitseyo yaciye ashingwa kuyobora igisata co kwakira abavyeyi ku bitaro Saint-Roch vy’i Pest, aho bwa buhinga bwiwe bwatumye igitigiri c’abavyeyi bahitanwa na ya ndwara kigabanuka cane rwose.

Mu 1861, Semmelweis yarasohoye igitabu gisigura ico kintu kidasanzwe yari yarubuye. Ikibabaje, bagiye kubona akamaro k’ivyo yashitseko haciye imyaka itari mike. Muri ico kiringo, abavyeyi benshi bari gushobora kurokoka bari bamaze kuhasiga ubuzima.

Abaganga bariko barakaraba

Semmelweis yarakurikirana ko amategeko ajanye n’isuku yubahirizwa mu bitaro yari ahagarikiye.​—Igicapo ca Robert Thom

Semmelweis yahavuye ashirwa mu bantu batanguje ubuhinga bwo kwica imigera bukoreshwa muri iki gihe. Ivyo yashitseko vyatumye babona ko imigera itabonwa n’amaso ishobora gutera indwara. Semmelweis ari mu bantu bubuye ico kintu, kandi bivugwa ko ico kintu yashitseko ari “intererano ntangere mu vy’ubuvuzi.” Biratangaje kubona muri rya Tegeko Imana yaha Abisirayeli biciye kuri Musa imyaka irenga 3.000 imbere y’aho, harimwo impanuro nziza zerekana ingene bakwiye gufata ibiziga! Iryo tegeko ryahavuye rishirwa muri Bibiliya.

MURI MAKE

  • Mu kinjana ca 19, abakenyezi benshi b’i Buraya barahitanywe n’indwara bita fièvre puerpérale, ikaba yahitana abavyeyi barenga 30 kw’ijana.

  • Abantu batanguye kubona imikorobe bakoresheje icuma rugagamisha kuva mu 1674, ariko ntibari bwatahure neza akaga itera. Abaganga barakira abavyeyi bahejeje gupima ibiziga, batabanje gukaraba n’umuti wica imigera.

  • Mu bijanye n’ubuvuzi, Semmelweis ni we yatanguje ivyo gukaraba n’umuti wica imigera, aba ararokoye abantu benshi.

Ivyo Bibiliya yari yaravuze

Twisunze rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa mu kinjana ca 16 imbere ya Kristu, umuntu wese akoze ku kiziga yaca amara imisi indwi ahumanye kandi yategerezwa kwihumanura mu kwoga no mu kumesura impuzu ziwe. Muri ico gihe yaririnda gukora ku bandi bantu.​—Guharūra 19:11-22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika