ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 3 rup. 12-13
  • Ukwizera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizera
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwizera ni iki?
  • Kubera iki ukwizera guhambaye?
  • Woronka gute ukwizera?
  • Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ukwizera​—Kamere idukomeza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Woba vy’Ukuri Wizera Inkuru Nziza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nurushirize kwizera Umuremyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Be maso!—2016
g16 no. 3 rup. 12-13

TWISUNZE BIBILIYA

Ukwizera

Hari abantu bakunda gusenga ariko ugasanga birabagora gutahura ico ari co ukwizera. None ukwizera ni iki, kandi kubera iki guhambaye?

Ukwizera ni iki?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi biyumvira ko umuntu afise ukwizera ari uwupfa kwemera inyigisho iyo ari yo yose naho ata bimenyamenya bitomoye yoba afise. Nk’akarorero, umuntu akunda gusenga yoshobora kuvuga ati: “Ndemera Imana.” Ariko umubajije uti: “Kubera iki?” yoshobora kukwishura ati: “Ni vyo nakuze banyigisha.” Ari aho hoho, ukwizera nta ho kwoba gutaniye no gupfa kwemera vyose.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Ukwizera ni ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe, iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa.” (Abaheburayo 11:1) Kugira umuntu yitege ikintu ata mazinda, abwirizwa kuba afise ibimenyamenya bifadika. Kukaba nkako, mu rurimi rw’intango, ijambo ryahinduwe ngo “ukwitega ata mazinda” ntirisobanura gusa kwishiramwo ikintu. Ukwizera rero ni ukujijuka gushingiye ku bimenyamenya.

“Kamere [z’Imana] zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo.”​—Abaroma 1:20.

Kubera iki ukwizera guhambaye?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Ata kwizera ntibishoboka [guhimbara Imana] rwose, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana ubwira.”​—Abaheburayo 11:6.

Nk’uko twabivuze, benshi bemera Imana kubera gusa ari vyo bigishijwe. Bavuga bati: ‘Ni vyo nakuze banyigisha.’ Ariko Imana ishaka ko abayisenga bemera badakekeranya ko ibaho be n’uko ibakunda. Ico ni kimwe mu bintu bituma Bibiliya iduhimiriza kurondera Imana n’ubwira kugira tuyimenye vy’ukuri.

“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.

Woronka gute ukwizera?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ivuga iti: “Ukwizera . . . kuva ku co umuntu yumvise.” (Abaroma 10:17) Ikintu ca mbere cogufasha kuronka ukwizera ni ‘ukwumviriza’ ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye Imana. (2 Timoteyo 3:16) Kwiga Bibiliya bizogufasha kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ibi: Imana ni nde? Nemezwa n’iki ko ibaho? Yoba imbabaye vy’ukuri? Imana ifise umugambi uwuhe ku bijanye na kazoza?

Umugabo ariko arihweza akanyugunyugu

Ibimenyamenya vy’uko hariho Imana biruzuye

Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kwiga Bibiliya. Nk’uko bivugwa ku rubuga rwacu jw.org, “turakunda kwigisha abantu Bibiliya, ariko nta n’umwe twigera duhata ngo abe Icabona ca Yehova. Ahubwo turabashikiriza ico Bibiliya ivuga, tukubahiriza uburenganzira bafise bwo kwihitiramwo ivyo bemera.”

Muri make, ukwizera kwawe gutegerezwa kuba gushingiye ku bimenyamenya wibonera igihe usuzuma ko ivyo Bibiliya yigisha ari ukuri. Gutyo, uzoba wiganye abigishwa bo mu kinjana ca mbere “bakiriye ijambo [ry’Imana] babishashaye cane gusumba, basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo ari ko biri.”​—Ivyakozwe 17:11.

“Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika