ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 4 rup. 5
  • 2 Ca kure ivyokubera intambamyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Ca kure ivyokubera intambamyi
  • Be maso!—2016
  • Ivyo bijanye
  • 1 Genda bukebuke
    Be maso!—2016
  • Intangamarara
    Be maso!—2016
  • Vyoba bishoboka gutsinda utumenyero tubi?
    Be maso!—2004
  • Intangamarara
    Be maso!—2017
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 4 rup. 5
Impuzu za siporo, ibirato, icupa ry’amazi n’akuma k’umuziki vyaraye biteguwe

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ICOGUFASHA KWIMENYEREZA IBINTU VYIZA

2 Ca kure ivyokubera intambamyi

  • Wiyemeje gufungura neza, ariko uko ubonye ibisuguti umutima urakuvamwo.

  • Wafashe ingingo yo guheba itabi, ariko umugenzi wawe asubiye kuriguha kandi azi neza ko uriko uragerageza kuriheba.

  • Wategekanije kwinonora imitsi uyu musi, ariko no kuja kurondera aho washize ibirato vya siporo bikubereye umuzigo.

Woba ubona ico abo bantu bahuriyeko? Vyaragaragaye ko ibintu bidukikije, ni ukuvuga ahantu turi n’abantu tumarana umwanya, bishobora gutuma bitworohera canke bitugora kugira akamenyero keza.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.”​—Imigani 22:3.

Bibiliya ituremesha kuba abantu babona kure. Tubigenjeje gutyo, birashobora gutuma twirinda ivyotubuza gushika ku migambi yacu, bigaca rero bitworohera kuyishikako. (2 Timoteyo 2:22) Muri make birahambaye ko dusuzuma aho turi n’abo twifatanya.

Nutume bitakworohera gukora ikintu kibi, utume bikworohera gukora ikintu ciza

ICO WOKORA

  • Nutume bitakworohera gukora ikintu kibi. Nk’akarorero, nimba ubona bikugora guheba ibifungurwa ata co bimarira umubiri, niwirinde kubigura canke kwama uca aho babidandaza. Muri ubwo buryo, niwabishaka bizogusaba akigoro kugira ngo ubironke gutyo bitume utabifungura.

  • Nutume bikworohera gukora ikintu ciza. Nk’akarorero, nimba utegekanya kwinonora imitsi mu gitondo imbere y’uko ukora ibindi, rara ushize impuzu za siporo hafi y’igitanda. Bizoca bizokworohera kuyijamwo.

  • Hitamwo neza abo ugira abagenzi. Barayamaze ngo “ubana na suneba ugasuneba nka we.” (1 Abakorinto 15:33) Ku bw’ivyo, niwirinde kwifatanya n’abantu bakora ibintu uriko uragerageza guheba maze wifatanye n’abogufasha gushika ku mugambi wawe.

BIBILIYA IVUGA KANDI ITI:

“Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—Imigani 13:20.

“Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”​—Imigani 21:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika