ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 2 rup. 3
  • Ibintu vy’ibintazi bisigaye bikundwa cane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibintu vy’ibintazi bisigaye bikundwa cane
  • Be maso!—2017
  • Ivyo bijanye
  • Intangamarara
    Be maso!—2017
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ibirimwo
    Be maso!—2017
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubupfumu?
    Be maso!—2017
Ibindi
Be maso!—2017
g17 no. 2 rup. 3
Agahungu gatangajwe n’ivyo kabonye mu kuma kitwa tablette

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KURABA IVY’AMASHETANI HARI ICO BITWAYE?

Ibintu vy’ibintazi bisigaye bikundwa cane!

“Mwa bihume mwe, mwa bizombi, namwe bantu mwihindura ibisizimwe, ngw’aho nimubise ivy’amashetani.”​—Vyakuwe mu kinyamakuru The Wall Street Journal.

IBITABU, amasinema n’udukino twa videwo bisigaye bigwiriyemwo inkuru z’abakiri bato n’abakuze bakora ivya maji, ibihume vyihindura abantu bateye igomwe, abapfumu basa neza, n’ibindi bintu vy’ibintazi. Kubera iki abantu bakunda ivyo bintu?a

Umuhinga mu vy’imibano yitwa Claude Fischer yanditse ati: “Mu myaka mirongo iheze, igitigiri c’abemera imizimu carongerekanye ku buryo Umunyamerika umwe kuri batatu usanga yemera imizimu, kare yahora ari umwe kuri cumi. Igitigiri c’Abanyamerika bakiri bato bavuga ko bagiye kwa kamenyi, ko bemera imizimu be n’uko hariho inzu zihuma, hari aho wosanga kiruta incuro zibiri igitigiri c’abakuze.”

Ntibitangaje rero kubona inkuru z’abantu bafise amashetani zisubiye kugaruka ku rugero ruteye ubwoba. Mu kiganiro kimwe co muri ca kinyamakuru twavuga, uwitwa Michael Calia yanditse ati: “Kuba inkuru z’ibizombi, ibihume n’abantu bihindura ibisizimwe zaraharawe cane mu myaka nka cumi iheze, biri mu vyatumye inkuru z’abantu bafise amashetani zisubira gukundwa cane.”

Raporo imwe ivuga yuko “ibice biri hagati ya 25 na 50 kw’ijana vy’ababa kw’isi yose usanga bemera imizimu, iyo mizimu ikaba ivugwa cane mu bitabu vyo mu mihingo nka yose.” Hari n’ubushakashatsi bwagizwe n’abahinga mu vy’imibano bo muri Amerika ari bo Christopher Bader na Carson Mencken, “bwerekanye yuko Abanyamerika benshi, nk’ibice 70 gushika kuri 80 kw’ijana, bemera cane n’imiburiburi ubwoko bumwe bw’ibintazi.”

None ibintu vy’ibintazi n’ivy’ubupfumu hoba hari ico bitwaye?

a Kazinduzi imwe ivuga ko ibintazi ari ibintu “umuntu adashobora gusigura afatiye ku buhinga bwa siyansi canke ku bintu bisanzwe bibaho mu bidukikije.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika