Intangamarara
Muri iki gihe, abantu barafatirwa cane n’akazi ku buryo bataronka umwanya wo kwitwararika abandi, imiryango na yo ikahabonera.
None twokoresha gute umwanya wacu neza?
Umugabo umwe w’incabwenge yanditse ati: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.”—Umusiguzi 4:6.
Iki kinyamakuru Be maso! kirerekana impanuro nziza cane zodufasha gukoresha neza umwanya wacu, nko kuraba neza ivyo twoshira imbere y’ibindi.