ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 6 rup. 3
  • Isi yoba itakivayo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isi yoba itakivayo?
  • Be maso!—2017
  • Ivyo bijanye
  • Abanyasiyansi barigije imbere urushinge rw’isaha y’ikigereranyo y’umuhero​—Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
  • Abantu baritwararika cane ivyerekeye umuhero w’isi
    Be maso!—2012
  • Umuhero w’isi woba uri hafi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
Ibindi
Be maso!—2017
g17 no. 6 rup. 3
Isaha ibūra umusi w’agatikizo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ISI YOBA ITAKIVAYO?

Isi Yoba Itakivayo?

MURI Nzero 2017 abahinga mu vya siyansi baratangaje amakuru adahumuriza. Hari umugwi w’abo bahinga wavuze ko isi yari yegereje cane gushikirwa n’agatikizo gakomeye katari bwigere kabaho, kubera ibintu abantu bakora. Babivuze bisunze isaha y’ikigereranyo bavuga ko yerekana umwanya usigaye kugira nya gatikizo gashike. Kuri iyo saha, sasita z’ijoro zihuye n’umusi w’ako gatikizo. Mu kwerekana ko uwo musi wegereje cane, urushinge rw’iminota barwigije imbere amasegonda 30, ruja kuri sasita z’ijoro zibura iminota ibiri n’igice. Ivyo ngo bisigura ko ako gatikizo kegereje cane kuruta ikindi gihe cose ugereranije n’iyi myaka irenga 60 iheze.

Mu 2018, abo bahinga bategekanya gusubira gusuzuma iminota isigaye kugira ngo ako gatikizo gashike. Mbega ico gihe hoho iyo saha izoba yerekana iki? Wewe uvyiyumvirako iki? Isi yoba igeze aho itakivayo? Ico kibazo kiragoye kwishura. Washima, n’abahinga ntibakibona kumwe. Si abantu bose bemera ivy’uwo musi w’agatikizo.

Nkako, abantu amamiliyoni bariteze kazoza keza. Bavuga ko bafise ibimenyamenya vyerekana ko isi be n’abantu bizorusimba kandi ko ubuzima bwacu buzorushiriza kumera neza. None ivyo bimenyamenya vyoba bifise ishingiro? Isi yoba itakivayo?

“Isaha ibūra umusi w’agatikizo ni isaha y’ikigereranyo yemerwa ku rwego mpuzamakungu, yerekana ukuntu abantu bimirije kwihonya ubwabo kubera ibintu bahingura biteye akaga. Ibiza kw’isonga muri ivyo ni ibirwanisho ruhonyanganda. Ariko ntitwokwibagira n’ingaruka mbi zishikira abantu be n’isi bivuye kw’ihindagurika ry’ikirere riterwa n’amahinguriro, ku buhinga bwo kuri internet no ku bifungurwa canke imiti bihingurwa, vyaba bikozwe n’impaka canke bivuye ku kwihenda canke kw’isanganya.”​—Vyavuze n’ikinyamakuru Bulletin of the Atomic Scientists.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika