ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 2 rup. 7
  • 4 Kubabarirana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 4 Kubabarirana
  • Be maso!—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BISOBANURA
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • ICO WOKORA
  • Ingene mwobabarirana
    Be maso!—2013
  • Ivyogufasha kureka kubika inzika
    Be maso!—2014
  • ‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Gusaba imbabazi
    Be maso!—2015
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 2 rup. 7
Umugabo n’umugore bariko barafashanya kuzimya umuriro

Kubabarira birashobora kuzimya umuriro wavuye ku kutumvikana

ABUBATSE

4 Kubabarirana

ICO BISOBANURA

Kubabarira bisobanura kwirengagiza icakubabaje be n’umubabaro coba caguteje. Ntibisigura ko uba ufatiye mu rwara ico kintu cakubabaje canke ngo ufate ko ata cabaye.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”​—Abakolosayi 3:13.

“Igihe ukunda umuntu ntiwibanda ku tunenge twiwe, ahubwo wibanda ku kigoro agira arondera gukosora ibintu.”​—Aaron.

IGITUMA BIHAMBAYE

Kubika inzika birashobora kukugirira nabi ku mubiri no ku mutima, tutibagiye n’uko vyohungabanya urugo rwawe.

“Umusi umwe umugabo wanje yaransavye imbabazi kubera ko yari yambabaje cane. Ntivyanyoroheye kumubabarira. Naho nahavuye ndamuharira, ndicuza kuba ntabigize kare, kuko vyatosekaje ubucuti bwacu kandi bitari ngombwa.”​—Julia.

ICO WOKORA

NIWISUZUME

Ubutaha, uwo mwubakanye niyavuga canke agakora ikintu kikubabaza, uraca wibaza uti:

  • ‘Noba nshavuzwa n’akantu kose?’

  • ‘Ico kintu coba gikomeye cane ku buryo ategerezwa kunsaba imbabazi, canke nocirengagiza?’

GANIRA N’UWO MWUBAKANYE

  • Tubabarirana haciye igihe kingana iki?

  • Twokora iki kugira ngo ntituze turateba kubabarirana?

IVYOGUFASHA

  • Igihe uwo mwubakanye akubabaje ntuce wiyumvira ko yabigize nkana.

  • Gerageza kwirengagiza ivyo yagukoreye, wibuke ko “twese dutsitara kenshi.”​—Yakobo 3:2.

“Igihe twese turi mu makosa usanga vyoroshe kubabarirana, ariko ntivyoroha igihe tubona ko uwundi ari we ari mw’ikosa. Kubabarira bisaba kwicisha bugufi vy’ukuri.”​—Kimberly.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ni[m]wikiranure ningoga.”​—Matayo 5:25.

Kubika inzika birashobora kukugirira nabi ku mubiri no ku mutima, tutibagiye n’uko vyohungabanya urugo rwawe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika