ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g19 no. 3 rup. 12-13
  • Ubucuti bwiza n’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubucuti bwiza n’Imana
  • Be maso!—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICIZIGIRO
  • INYISHU Z’IBIBAZO BIHAMBAYE MU BUZIMA
  • IBINDI BIBILIYA IVUGA
  • Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
    Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
  • Ibindi vyofasha umuryango
    Be maso!—2018
  • Ibindi vyofasha abavyeyi
    Be maso!—2019
  • Nugume utera imbere mu vy’impwemu!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Be maso!—2019
g19 no. 3 rup. 12-13
Umugore yicaye ku ntebe ariko arazirikana

Ubucuti bwiza n’Imana

Nk’uko twabibonye mu ntangamarara, abantu benshi babona ko Bibiliya ari igitabu ceranda. Basanze kuyisoma no kwisunga ivyo ivuga bibafasha kwiyegereza Imana no gutahura intumbero y’ubuzima bwabo.

Bibiliya ivuga ko abantu bitaho ivy’Imana usanga baha agaciro amabwirizwa yayo kandi bakabaho bayisunga. Abitaho ivy’umubiri bobo bisunga ivyiyumviro vyabo be n’ivyipfuzo vyabo, aho kwisunga ivyiyumviro vy’Imana.​—Yuda 18, 19; Abanyefeso 5:1.

ICIZIGIRO

ICO BIBILIYA IVUGA: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.”​—Imigani 24:10.

ICO BISOBANURA: Gucika intege birashobora kudutwara inkomezi dukeneye kugira twihanganire ingorane zo mu buzima. Ariko icizigiro coco kirashobora gutuma tugira umutima rugabo wo kurindirako. Kwemera ko ingorane dufise ari iz’igihe gito birashobora kuduhumuriza. Nakare, nta mvura idahita.

ICO WOKORA: Nugerageze kubona ko ibintu bizogenda neza. Aho kuguma urajwe ishinga n’ivyoshobora gushika canke kuguma urindiriye ko ibintu biba ibitagira agahaze, nugire ico ukoze nyabuna wisunze imigambi wishingiye. Ego ni ko, “ibishika giturumbuka” ntivyobura. (Umusiguzi 9:11) Ariko akenshi usanga ibintu bigenda neza kuruta uko twari tuvyiteze. Ku bw’ivyo, Bibiliya ikoresheje imvugo ijanye n’uburimyi, iduhanura iti: “Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke; kuko utazi aho bizokunda, ko ari aha canke hariya, canke nimba hompi hazoba heza cokimwe.”​—Umusiguzi 11:6.

INYISHU Z’IBIBAZO BIHAMBAYE MU BUZIMA

ICO BIBILIYA IVUGA: “Nuntahuze . . . Ijambo ryawe uko riri ni ukuri.”​—Zaburi 119:144, 160.

ICO BISOBANURA: Bibiliya iratanga inyishu z’ibibazo abantu nka bose bakunda kwibaza. Nk’akarorero, irishura ibibazo nk’ibi:

  • Twakomotse hehe?

  • Kubera iki turiho?

  • Bigenda gute iyo umuntu apfuye?

  • Ubuzima bwoba buzokwama gutya?

Abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi bararushirije kubaho neza kuva aho basuzumiye inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo hamwe n’ibindi.

ICO WOKORA: Niwisuzumire ivyo Bibiliya yigisha. Nusabe Icabona ca Yehova uwo ari we wese agufashe gutahura Bibiliya. Nuje ku rubuga rwacu jw.org, canke witabe rimwe mu makoraniro tugira. Kwinjira ni ku buntu kandi abantu bose barahabwa ikaze.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

Umugore ariko araraba ya videwo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? kuri jw.org

Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? Iraboneka mu ndimi zirenga 880

NUTAHURE KO UKENEYE KUMENYA IMANA.

“Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​—MATAYO 5:3.

NUMENYE VYINSHI KU MANA IVUGWA MURI BIBILIYA.

“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—YAKOBO 4:8.

NUSOME WONGERE UZIRIKANE KU BIVUGWA MURI BIBILIYA.

“Hahiriwe umuntu . . . ahimbarwa n’itegeko rya Yehova,a kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro. . . . Ico akora cose kizokunda.”​—ZABURI 1:1-3.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika