Igitabu cafashije benshi kuruta ibindi
Bibiliya ni co gitabu gihindurwa mu ndimi nyinshi kandi gikwiragizwa cane kuruta ibindi. Impanuro zayo rero zirashikira zikongera zigafasha abantu benshi cane kuruta ikindi gitabu ico ari co cose. Raba ibi bitigiri:
INDIMI BIBILIYA IBONEKAMWO N’UKUNTU IKWIRAGIZWA
Ibice 96,5% vy’ababa kw’isi barashobora kuronka Bibiliya
Iboneka mu ndimi 3.350 (YABA YOSE CANKE IGICE CAYO)
Bibiliya ni co gitabu casohowe cane kuruta ibindi vyose. Amakopi yasohowe yababa 5.000.000.000
MENYA N’IBINDI
NUJE KU RUBUGA RWACU JW.ORG. URASHOBORA:
Kuhasomera Bibiliya (iraboneka mu ndimi amajana)
Kuvoma Bibiliya
Kuronka inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Gusoma ibiganiro bivuga ingene Bibiliya yahinduye ubuzima bwa benshi
Kuhigira Bibiliya ku giti cawea
Gusaba kwigishwa Bibiliya
IVYABONA VYA YEHOVA NA BIBILIYA
IVYABONA VYA YEHOVA BARAGIRA URUHARA RUKOMEYE MU GUSHIRA BIBILIYA MU ZINDI NDIMI NO MU KUYIKWIRAGIZA.
Raba Bibiliya zimwezimwe twagiye turakwiragiza mu myaka n’iyindi:
American Standard Version yo mu 1901
The Bible in Living English, Byington
The Emphatic Diaglott
King James Version
Revised Standard Version
New Testament ya Tischendorf
BIBILIYA Y’ISI NSHASHA
IRABONEKA mu ndimi zirenga 180 (YABA YOSE CANKE IGICE CAYO)
KUVA MU 1950 HASOHOWE AMAKOPI YA BIBILIYA Y’ISI NSHASHA IMILIYONI 227
a Ivyo vyigwa biri mu congereza no mu giportigale. Izindi ndimi zizokwongerwako.