Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?
Igihe ubuhinga bwa none bukoreshejwe neza, burashobora gutuma ubucuti buri hagati y’umugabo n’umugore bukomera. Nk’akarorero, burashobora gufasha abubakanye kuguma bahana amakuru umusi wose.
Ariko rero abubatse bamwebamwe barakoresha nabi ubuhinga bwa none bikabakwegera ingorane zikurikira:
Gutakaza umwanya bari kumarana.
Kubandaniriza akazi muhira bidakenewe.
Kutaba bacizigirana canke mbere bagahemukiranira.
ICO UKWIYE KUMENYA
KUMARANA UMWANYA
Umugabo umwe yitwa Michael avuga ati: “Rimwe na rimwe iyo turi kumwe n’umugore wanje, si ho aba ari vy’ukuri. Yigumira kuri telefone yiwe, akaguma avuga ngo ‘Sindaheza.’” Umugabo yitwa Jonathan avuga ko mu bihe nk’ivyo “abubakanye boshobora kuba bari hamwe mugabo batari kumwe.”
ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Ni kangahe wemera telefone ikaguciramwo uriko urayaga n’uwo mwubakanye?—ABANYEFESO 5:33.
AKAZI
Hari abafise ubuzi bubasaba kwitaba telefone canke kwishura amamesaje n’igihe baba batashe. Hari n’abandi naho bafise ubuzi butabibasaba, usanga bamara umwanya munini mu vy’akazi kandi batashe. Umugabo yitwa Lee yiyemerera ati: “Birangora kwirengagiza telefone canke mesaje z’akazi mu mwanya mba nategekanije kumarana n’umugore wanje.” Umugore yitwa Joy na we avuga ati: “Nkorera muhira. Rero birangora kumenya ko hageze guhagarika akazi. Kugira uburimbane bisaba akigoro.”
ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Woba utega yompi uwo mwubakanye igihe akuyagira?—LUKA 8:18.
KUDAHEMUKIRANIRA
Hari itohoza ryerekanye ko abubakanye benshi bakunze gushwana bapfa kwikekana kubera ivyo bashira ku mbuga hwaniro. Ibice cumi kw’ijana vy’ababajijwe bariyemereye ko bashirako ibintu batipfuza ko abo bubakanye bobona.
Birumvikana rero kubona bivugwa ko imbuga hwaniro ziteye akaga cane ku bubatse, zikanatuma vyoroha ko benshi barenga ibigo. Ntibitangaje kubona abashingwamanza b’ivyo kwahukana bavuga ko zigira uruhara runini mu gutuma ingo nyinshi zisambuka.
ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Woba uhisha uwo mwubakanye ivyo mwandikirana n’uwo mudasangiye igitsina?—IMIGANI 4:23.
ICO WOKORA
NURABE IVYO USHIRA IMBERE Y’IBINDI
Umuntu adafungura ntashobora kugira amagara meza. Muri ubwo buryo nyene, umuntu atamarana umwanya n’uwo bubakanye ntashobora gukomeza umubano wabo.—Abanyefeso 5:28, 29.
ICO BIBILIYA IVUGA: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—ABAFILIPI 1:10.
Mu vyiyumviro bikurikira, nubwire uwo mwubakanye ivyo woshima gushira mu ngiro canke wandike ibindi ubona bibereye vyotuma ubuhinga bwa none butabangamira umubano wanyu.
Gufungurira hamwe n’imiburiburi rimwe ku musi
Kwishiriraho ibiringo vyo kudakoresha utwuma twacu
Gutegekanya umwanya wo gukorera hamwe ikintu kidasanzwe
Kuzimya telefone mw’ijoro tukayishira kure y’aho turyama
Gutegekanya iminuta 15 buri musi yo kuyaga ata telefone ziri iruhande yacu
Gukuramwo connexion mu kiringo kanaka buri musi