ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 2 rup. 10-12
  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?
  • Be maso!—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO UKWIYE KUMENYA
  • ICO WOKORA
  • Ingene twokwiyemeza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutatwaye ikibanza gihambaye mu buzima bwacu
    Icofasha umuryango
  • Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako
    Icofasha umuryango
  • Nimumarane umwanya uhagije ata kibaciramwo
    Icofasha umuryango
  • Twokwirinda gute kwahukana mu busaza?
    Icofasha umuryango
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 2 rup. 10-12

Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?

Igihe ubuhinga bwa none bukoreshejwe neza, burashobora gutuma ubucuti buri hagati y’umugabo n’umugore bukomera. Nk’akarorero, burashobora gufasha abubakanye kuguma bahana amakuru umusi wose.

Ariko rero abubatse bamwebamwe barakoresha nabi ubuhinga bwa none bikabakwegera ingorane zikurikira:

  • Gutakaza umwanya bari kumarana.

  • Kubandaniriza akazi muhira bidakenewe.

  • Kutaba bacizigirana canke mbere bagahemukiranira.

ICO UKWIYE KUMENYA

KUMARANA UMWANYA

Umugabo umwe yitwa Michael avuga ati: “Rimwe na rimwe iyo turi kumwe n’umugore wanje, si ho aba ari vy’ukuri. Yigumira kuri telefone yiwe, akaguma avuga ngo ‘Sindaheza.’” Umugabo yitwa Jonathan avuga ko mu bihe nk’ivyo “abubakanye boshobora kuba bari hamwe mugabo batari kumwe.”

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Ni kangahe wemera telefone ikaguciramwo uriko urayaga n’uwo mwubakanye?​—ABANYEFESO 5:33.

AKAZI

Hari abafise ubuzi bubasaba kwitaba telefone canke kwishura amamesaje n’igihe baba batashe. Hari n’abandi naho bafise ubuzi butabibasaba, usanga bamara umwanya munini mu vy’akazi kandi batashe. Umugabo yitwa Lee yiyemerera ati: “Birangora kwirengagiza telefone canke mesaje z’akazi mu mwanya mba nategekanije kumarana n’umugore wanje.” Umugore yitwa Joy na we avuga ati: “Nkorera muhira. Rero birangora kumenya ko hageze guhagarika akazi. Kugira uburimbane bisaba akigoro.”

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Woba utega yompi uwo mwubakanye igihe akuyagira?​—LUKA 8:18.

KUDAHEMUKIRANIRA

Hari itohoza ryerekanye ko abubakanye benshi bakunze gushwana bapfa kwikekana kubera ivyo bashira ku mbuga hwaniro. Ibice cumi kw’ijana vy’ababajijwe bariyemereye ko bashirako ibintu batipfuza ko abo bubakanye bobona.

Birumvikana rero kubona bivugwa ko imbuga hwaniro ziteye akaga cane ku bubatse, zikanatuma vyoroha ko benshi barenga ibigo. Ntibitangaje kubona abashingwamanza b’ivyo kwahukana bavuga ko zigira uruhara runini mu gutuma ingo nyinshi zisambuka.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Woba uhisha uwo mwubakanye ivyo mwandikirana n’uwo mudasangiye igitsina?​—IMIGANI 4:23.

ICO WOKORA

NURABE IVYO USHIRA IMBERE Y’IBINDI

Umuntu adafungura ntashobora kugira amagara meza. Muri ubwo buryo nyene, umuntu atamarana umwanya n’uwo bubakanye ntashobora gukomeza umubano wabo.​—Abanyefeso 5:28, 29.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—ABAFILIPI 1:10.

Mu vyiyumviro bikurikira, nubwire uwo mwubakanye ivyo woshima gushira mu ngiro canke wandike ibindi ubona bibereye vyotuma ubuhinga bwa none butabangamira umubano wanyu.

  • Gufungurira hamwe n’imiburiburi rimwe ku musi

  • Kwishiriraho ibiringo vyo kudakoresha utwuma twacu

  • Gutegekanya umwanya wo gukorera hamwe ikintu kidasanzwe

  • Kuzimya telefone mw’ijoro tukayishira kure y’aho turyama

  • Gutegekanya iminuta 15 buri musi yo kuyaga ata telefone ziri iruhande yacu

  • Gukuramwo connexion mu kiringo kanaka buri musi

IVYO ABUBAKANYE BOGANIRAKO

Mumaze kurimbura ibibazo bikurikira umwumwe wese ukwiwe, nuyage n’uwo mwubakanye inyishu zavyo.

  • Mwokoresha gute ubuhinga bwa none mu gukomeza umubano wanyu?

  • Ku bwawe, ubuhinga bwa none bubaciramwo ku rugero rungana iki mu mwanya mwari kumarana?

  • Ni ibiki woshima ko muryohora?

  • Woba ushobora kutabandanya akazi watashe? Uwo mwubakanye yoba yoshigikira iyo nyishu utanze?

  • Wokwerekana gute ko udakavya ku bijanye n’umwanya witega ko uwo mwubakanye amarana nawe canke ingene witega ko akwitwararika?

    ICO BIBILIYA IVUGA: “Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.”​—1 ABAKORINTO 10:24.

“Nkorera muhira, nkaba rero ngerageza guhagarika akazi ku mwanya washinzwe. N’ikindi kandi inyuma y’isaha kanaka, ndazimya agaprograma ko muri telefone kanyereka ko ndonse ubutumwa kugira nsigare ndayikoresha gusa mu bintu bikenewe, nko kuraba isaha ntiriwe ndasamazwa n’akazi.”​—JASON N’UMUGORE WIWE ALEXANDRA

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika