ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g22 no. 1 rup. 10-12
  • 3 | Nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 3 | Nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi
  • Be maso!—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora ubu
  • Nuhitemwo neza abagenzi
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ukuntu twozigama ubugenzi mw’isi idakundana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ibiri muri iki kinyamakuru
    Be maso!—2022
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Be maso!—2022
g22 no. 1 rup. 10-12
Umugabo n’umugore bitereye mu myaka bariko barahoberana baryohewe.

ISI YUZUYEMWO INGORANE

3 | Nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi

IGITUMA BIHAMBAYE

Uko abantu barushiriza guhagarika umutima kubera ingorane ziri mw’isi, ni ko benshi bareka ubucuti bafitaniye n’abandi bukahabonera batabiciye n’ikanda.

  • Abantu barigungira ukwa bonyene bagaheba abagenzi.

  • Abafata nabi abo bubakanye bararushiriza kwiyongera.

  • Abavyeyi usanga bitaho buhoro ibibazo vy’abana babo canke ntibavyiteho namba.

Ico ukwiye kumenya

  • Kugira abagenzi birahambaye kuko bituma tugira amagara meza kandi tugatekana, canecane mu bihe vy’ingorane.

  • Gushuha umutwe bivuye ku ngorane zo muri ino si birashobora gutera ingorane umuryango wawe mu buryo utari witeze.

  • Amakuru adahumuriza arashobora gutera ubwoba abana bawe kuruta uko uvyibaza.

Ico wokora ubu

Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

Niwiyumvire umuntu yogufasha kandi ashobora kuguha impanuro nziza. Kumenya gusa ko hari uwukwitwararika birashobora gukomeza umwiyemezo ufise wo kwihanganira ingorane za buri musi.

UKO WOVYIFATAMWO​—Impanuro nziza

Mu bihe vy’ingorane, nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi mu gukora ibi bintu ngirakamaro

NUKOMEZE UMUBANO WAWE

Umugabo n’umugore bitereye mu myaka bariko barahoberana baryohewe.

Nukomeze umubano wawe

Bibiliya ivuga iti: “Babiri baruta umwe . . . Kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe.” (Umusiguzi 4:9, 10) Abubakanye bakwiye gusenyera ku mugozi umwe nka kurya kw’umudereva n’uwumufasha gutwara indege, aho kuba abakeba nka kurya kw’indege zibiri ziriko zirarasana.

  • Niwiyemeze kudafata nabi uwo mwubakanye kubera wataye umutwe. Niwihangane.

  • N’imiburiburi rimwe mu ndwi, nimuganire n’uwo mwubakanye ingorane mufise. Nimwibande ku gutorera umuti iyo ngorane aho kwagirizanya.

  • Nimurondere akanya ko gukorera hamwe ibintu mwempi mukunda.

  • Nimwibukanye ibihe vyiza mwaciyemwo, kumbure mu kuraba amafoto y’ubugeni bwanyu canke y’ibindi biringo bihimbaye.

“Abubakanye ntibama bahuriza ku kantu kose. Ariko ivyo ntibisigura ko batosenyera ku mugozi umwe. Abubakanye boshobora gufatira ingingo hamwe maze bagafashanya kugira havemwo ivyiza.”​—David.

NUGUME WIYEGEREJE ABAGENZI

  • Abagore badasa ku rukoba bari kumwe, bariko baratwenga.

    Nugume wiyegereje abagenzi

    Aho kwitega gusa ko abagenzi bagufasha, niwiyumvire uburyo ushobora gufasha abandi. Iyo ukomeje abandi, nawe uba uriko urikomeza.

  • Buri musi, nubaze bamwe mu bagenzi bawe uko bamerewe.

  • Nubaze abagenzi bawe baciye mu ngorane nk’izo uriko uracamwo ingene bazihanganiye.

“Igihe urengewe n’ingorane, abagenzi baragufasha. Baragufasha kumenya uko wovyifatamwo naho mbere kwoba ari ukukwibutsa gusa ivyo wari usanzwe uzi. Abagenzi barakwitwararika kandi na bo baramenya ko ubitwararika.”​—Nicole.

NIWITWARARIKE ABANA BAWE

Abavyeyi n’abana babo babiri bicaye ku kiraro, bariko baritegereza ibibakikuje.

Niwitwararike abana bawe

Bibiliya ivuga iti: ‘Utebuke kwumva, utebe kuvuga.’ (Yakobo 1:19) Mu ntango, abana bawe barashobora kugonanwa kukuyagira ibibahagaritse umutima. Ariko ubumvirije wihanganye, bituma bakwugurukira.

  • Nutume abana bawe boroherwa no kukubwira uko biyumva. Abana bamwebamwe baroroherwa no kuganira igihe bari mu bintu biborohereza, nk’igihe bari mu muduga canke igihe bariko baratembera, kuruta igihe bicaranye n’umuvyeyi barabana mu maso.

  • Nurabe neza ko abana bawe bataraba amakuru menshi aca ivutu.

  • Nubwire abana bawe ingingo wafashe kugira ukingire umuryango.

  • Nutegekanye uko mwovyifatamwo hagize ibishika giturumbuka mwongere mwimenyereze uko mwobigenza muri kumwe n’abana bawe.

“Nuyage n’abana bawe, wongere ubareke baguserurire uko biyumva. Boshobora kuguhisha ko bahagaritse umutima, bafise amaganya canke ishavu. Nubabwire ko na wewe bishika ukiyumva gutyo, ubabwire n’ukuntu uvyifatamwo.”​—Bethany.

Agafoto ko mw’ividewo “Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare.” Umugabo n’umugore bahimbawe bariko baratembera bafatanye amaboko.

MENYA N’IBINDI. Nurabe ividewo Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika