Mu bihe vy’ingorane, nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi mu gukora ibi bintu ngirakamaro
NUKOMEZE UMUBANO WAWE
Nukomeze umubano wawe
Bibiliya ivuga iti: “Babiri baruta umwe . . . Kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe.” (Umusiguzi 4:9, 10) Abubakanye bakwiye gusenyera ku mugozi umwe nka kurya kw’umudereva n’uwumufasha gutwara indege, aho kuba abakeba nka kurya kw’indege zibiri ziriko zirarasana.
Niwiyemeze kudafata nabi uwo mwubakanye kubera wataye umutwe. Niwihangane.
N’imiburiburi rimwe mu ndwi, nimuganire n’uwo mwubakanye ingorane mufise. Nimwibande ku gutorera umuti iyo ngorane aho kwagirizanya.
Nimurondere akanya ko gukorera hamwe ibintu mwempi mukunda.
Nimwibukanye ibihe vyiza mwaciyemwo, kumbure mu kuraba amafoto y’ubugeni bwanyu canke y’ibindi biringo bihimbaye.
“Abubakanye ntibama bahuriza ku kantu kose. Ariko ivyo ntibisigura ko batosenyera ku mugozi umwe. Abubakanye boshobora gufatira ingingo hamwe maze bagafashanya kugira havemwo ivyiza.”—David.
NUGUME WIYEGEREJE ABAGENZI
Nugume wiyegereje abagenzi
Aho kwitega gusa ko abagenzi bagufasha, niwiyumvire uburyo ushobora gufasha abandi. Iyo ukomeje abandi, nawe uba uriko urikomeza.
Buri musi, nubaze bamwe mu bagenzi bawe uko bamerewe.
Nubaze abagenzi bawe baciye mu ngorane nk’izo uriko uracamwo ingene bazihanganiye.
“Igihe urengewe n’ingorane, abagenzi baragufasha. Baragufasha kumenya uko wovyifatamwo naho mbere kwoba ari ukukwibutsa gusa ivyo wari usanzwe uzi. Abagenzi barakwitwararika kandi na bo baramenya ko ubitwararika.”—Nicole.
NIWITWARARIKE ABANA BAWE
Niwitwararike abana bawe
Bibiliya ivuga iti: ‘Utebuke kwumva, utebe kuvuga.’ (Yakobo 1:19) Mu ntango, abana bawe barashobora kugonanwa kukuyagira ibibahagaritse umutima. Ariko ubumvirije wihanganye, bituma bakwugurukira.
Nutume abana bawe boroherwa no kukubwira uko biyumva. Abana bamwebamwe baroroherwa no kuganira igihe bari mu bintu biborohereza, nk’igihe bari mu muduga canke igihe bariko baratembera, kuruta igihe bicaranye n’umuvyeyi barabana mu maso.
Nurabe neza ko abana bawe bataraba amakuru menshi aca ivutu.
Nubwire abana bawe ingingo wafashe kugira ukingire umuryango.
Nutegekanye uko mwovyifatamwo hagize ibishika giturumbuka mwongere mwimenyereze uko mwobigenza muri kumwe n’abana bawe.
“Nuyage n’abana bawe, wongere ubareke baguserurire uko biyumva. Boshobora kuguhisha ko bahagaritse umutima, bafise amaganya canke ishavu. Nubabwire ko na wewe bishika ukiyumva gutyo, ubabwire n’ukuntu uvyifatamwo.”—Bethany.