ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g22 no. 1 rup. 13-15
  • 4 | Nukingire icizigiro cawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 4 | Nukingire icizigiro cawe
  • Be maso!—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • Ivyo ukwiye kumenya
  • Ivyo wokora ubu
  • Bibiliya iraduha icizigiro nyakuri
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Raba ico Bibiliya ibivugako
  • Ingene tworonka icizigiro mu 2024: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye
    Ibindi biganiro
Ibindi
Be maso!—2022
g22 no. 1 rup. 13-15
Bibiliya izinguruye iri iruhande y’akantu karimwo amashurwe.

ISI YUZUYEMWO INGORANE

4 | Nukingire icizigiro cawe

IGITUMA BIHAMBAYE

Amaganya aterwa n’ingorane zo muri ino si arashobora kubangamira abantu ku mubiri no ku mutima. Benshi mu bashikiwe n’izo ngorane baratakaza icizigiro. None bavyifatamwo gute?

  • Hari abo usanga badashaka no kwiyumvira ivya kazoza.

  • Abandi mu kwikuramwo amaganya baranywa inzoga canke ibiyayuramutwe.

  • Abandi bakeyi na bo babona ko bopfuma bipfira, bakavuga bati: “Kubaho bimaze iki?”

Ivyo ukwiye kumenya

  • Zimwe mu ngorane urimwo zoshobora kuba ari iz’igihe gito, kandi ibintu birashobora guhinduka utari uvyiteze bikagenda neza.

  • Naho ata cohinduka, hariho ibintu wokora vyogufasha kuzihanganira.

  • Bibiliya iratanga icizigiro nyakuri c’uko ingorane zizovaho burundu.

Ivyo wokora ubu

Bibiliya ivuga iti: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”​—Matayo 6:34.

Nturazwe ishinga n’ibizoba ejo. Ntiwiganyire ku vy’ejo ku buryo bikubuza kwitwararika ibikorwa ujejwe uyu musi.

Kurazwa ishinga n’ibintu bibi vyoshobora kugushikira nta kindi vyokora atari ukukwongereza amaganya no gutuma utakaza icizigiro ca kazoza.

UKO WOVYIFATAMWO​—Impanuro nziza

NUGUME UBONA IBINTU MU BURYO BWIZA

Umugore ariko arihweza yitonze mw’idirisha.

Bibiliya ivuga iti: “Imisi yose y’umurushwa ni mibi; mugabo uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.” (Imigani 15:15) Kutabona ibintu mu buryo bwiza vyoshobora gutuma utabona ibintu wokora kugira utorere umuti ingorane. Ariko rero kubona ibintu mu buryo bwiza vyogufasha kwiyumvira ibintu bitandukanye wokora.

  • Nugabanye umwanya umara uriko uraraba amakuru kandi ntuyashireko umutima cane.

  • Buri musi ku mugoroba, niwiyumvire ibintu bibiri canke bitatu wokenguruka.

  • Niwandike ibintu ukeneye gukora uyu musi. Ibikorwa bininibinini nubigabure mu mice mitomito kugira ku mpera y’umusi ubone icavuye mu vyo wakoze.

NURONDERE ABAGUFASHA

Umugabo yitereye mu myaka ariko araremesha uwukiri muto.

Bibiliya ivuga iti: “Uwigungira ukwiwe . . . arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose.” (Imigani 18:1) Ntushobora kwikura mu runogo rurerure, ariko hagize uwugufasha wobishobora.

  • Nusabe incuti n’abagenzi bagufashe.

  • Ariko kandi, nurondere ukuntu na wewe wobafasha. Gufasha abandi biratuma uguma ubona ingorane zawe mu buryo bwiza.

  • Nimba watakaje icizigiro kandi ukaba wumva ubuzima bwakurambiye, nurabe ko wokwitura abaganga. Rimwe na rimwe kwumva urengewe ni ikimenyetso c’uko amagara atifashe neza, ko woba urwaye nk’akabonge. Hari abantu benshi bafashijwe no kwitura abaganga.a

a Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha uburyo kanaka bwo kubungabunga amagara.

Bibiliya iraduha icizigiro nyakuri

Kera, hari umwanditsi wa zaburi yasenze Imana ati: “Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje, rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje.” (Zaburi 119:105) Raba ingene Ijambo ry’Imana Bibiliya rimeze neza na neza ukwo nyene.

Mw’ijoro ry’umwiza, itara riradufasha kubona aho duca. Bibiliya na yo nyene irimwo ivyiyumviro ngirakamaro vyotuyobora igihe dukeneye gufata ingingo zikomeye.

Umuco urashobora kubonesha inzira ducamwo ku buryo dushobora kubona ikiri imbere yacu. Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya irashobora kutwereka ico kazoza katubikiye.

Bibiliya ni igitabu ceranda. Ntiyerekana gusa kahise k’abantu kuva mu ntango, ariko kandi iraduha icizigiro nyakuri. Irishura ibi bibazo:

Vyatanguye gute?

Ingorane zatanguye gute? Bibiliya igira iti: “Nk’uko igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo rukazanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rugakwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”​—Abaroma 5:12.

Kubera iki?

Kubera iki intwaro z’abantu zananiwe gutorera umuti ingorane zacu? Bibiliya ivuga iti: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Uravye ibiriko biraba kw’isi urabona ko ivyo ari ukuri.

Hagiye gukorwa iki?

Ni igiki Imana izokora ngo ibitorere umuti? Bibiliya yerekana ko “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4.

Agafoto ko mw’ividewo “Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?” Umugore ariko arereka umugabo wiwe ikintu ahejeje gusoma muri Bibiliya.

MENYA N’IBINDI. Nurabe ividewo Kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika