ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g25 no. 1 rup. 10-11
  • Nubumbwe n’ivyo ufise

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nubumbwe n’ivyo ufise
  • Be maso!—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • IVYO WOKORA
  • Woba ‘warize akabanga’ ko kubumbwa n’ivyo ufise?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Vyoba bishoboka ko ushima uko ivyawe vyifashe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyogufasha kurya bike ukaryama kare
    Be maso!—2021
  • Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise ingorane z’amahera n’amadeni?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Be maso!—2025
g25 no. 1 rup. 10-11
Udufoto: 1. Sebibondo ariko ava kw’ishantiye yariko arakorerako amwenyura. 2. Mu nyuma ariko arakina n’abana biwe babiri hamwe n’imbwa imbere y’inzu yabo iciye bugufi, umugore wiwe akaba ariko arabaraba ahimbawe.

IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO

Nubumbwe n’ivyo ufise

Abantu babumbwa n’ivyo bafise usanga bahimbawe mu buzima. N’igihe ivyabo bihindutse baca bahindura ukuntu bahora babayeho kugira ntibasohore amahera asumba ayo bafise.

IGITUMA BIHAMBAYE

Umuhinga mu vy’inyifato yitwa Jessica Koehler avuga ko abantu babumbwa n’ivyo bafise usanga babona ibintu mu buryo bwiza. Avuga kandi ko badahahamira ivyo abandi bafise. Ni co gituma bidatangaje kubona bama bahimbawe kandi ntibahagarike umutima cane. Wanashaka, abantu bamwebamwe bahimbawe cane usanga ata bintu vyinshi batunze. Ukwo ni ko bimeze na canecane ku bantu baha agaciro cane ibintu amahera atoshobora kugura, nk’umunezero uva ku kumarana umwanya n’umuryango hamwe n’abagenzi.

«Iyo . . . dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.»—1 Timoteyo 6:8.

IVYO WOKORA

Niwirinde kwigereranya n’abandi. Iyo wigereranije n’abantu babayeho neza kukurusha, woshobora gusanga utakibumbwa n’ivyo ufise, mbere ugahahamira n’ibintu vyabo. Vyongeye, iyo wigereranije n’abandi urashobora gusanga ivyo wibaza kuri bo atari vyo. Woshobora kwiyumvira ko abantu bafise ibintu vyinshi bizimvye ari abatunzi, ariko ugasanga bamwe bafise amadeni menshi. Nicole wo muri Senegale avuga ati: «Sinkenera ibintu vyinshi kugira mpimbarwe. Igihe mbumbwa n’ivyo mfise, ndashobora guhimbarwa mbere n’igihe abandi baba bafise vyinshi kundusha.»

Gerageza iki kintu: Niwirinde kuraba ibihayanishwa canke ibintu bashira ku mbuga hwaniro vyerekana abantu babayeho neza canke batunze cane.

«Naho umuntu yoba afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.»—Luka 12:15.


Nushime ivyo ufise. Abantu bashima usanga babumbwa n’ivyo bafise kandi ntibaguma biyumvira ko hari ibindi bakeneye canke babereye. Roberton wo muri Hayiti, avuga ati: «Mpora mfata umwanya nkazirikana ku bintu biranga umutima mwiza abandi badukorera twe n’umuryango wanje. Nca mbwira abo bantu ko nkenguruka cane ivyo badukoreye. Ndigisha kandi n’umuhungu wanje w’imyaka umunani gushima igihe cose aronse ikintu.»

Gerageza iki kintu: Nuze urandika ibintu washimye buri musi. Ushobora kuba ufise amagara meza, umuryango wunze ubumwe, abagenzi somambike canke ukaba wabonye ikirengazuba gisa neza.

«Uwufise umutima uhimbawe yama mu misi mikuru.»—Imigani 15:15.

Rimwe na rimwe twese biratugora kubumbwa n’ivyo dufise. Ariko akigoro tugira si ak’impfagusa! Iyo duhisemwo kubumbwa n’ivyo dufise, tuba duhisemwo guhimbarwa, ico kikaba ari ikintu amahera adashobora kugura.

Erik.

«Mu muryango wanje twarize kubumbwa n’ivyo dufise kandi biratugirira akamaro cane. Ivyo vyatumye tutaguma dutwarwa n’akazi nk’uko twahora. Ubu turafise umwanya wo kuba kumwe kandi turanezerererwa ivyo dufise.»—Erik wo muri Amerika.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika