IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO
Nubumbwe n’ivyo ufise
Abantu babumbwa n’ivyo bafise usanga bahimbawe mu buzima. N’igihe ivyabo bihindutse baca bahindura ukuntu bahora babayeho kugira ntibasohore amahera asumba ayo bafise.
IGITUMA BIHAMBAYE
Umuhinga mu vy’inyifato yitwa Jessica Koehler avuga ko abantu babumbwa n’ivyo bafise usanga babona ibintu mu buryo bwiza. Avuga kandi ko badahahamira ivyo abandi bafise. Ni co gituma bidatangaje kubona bama bahimbawe kandi ntibahagarike umutima cane. Wanashaka, abantu bamwebamwe bahimbawe cane usanga ata bintu vyinshi batunze. Ukwo ni ko bimeze na canecane ku bantu baha agaciro cane ibintu amahera atoshobora kugura, nk’umunezero uva ku kumarana umwanya n’umuryango hamwe n’abagenzi.
IVYO WOKORA
Niwirinde kwigereranya n’abandi. Iyo wigereranije n’abantu babayeho neza kukurusha, woshobora gusanga utakibumbwa n’ivyo ufise, mbere ugahahamira n’ibintu vyabo. Vyongeye, iyo wigereranije n’abandi urashobora gusanga ivyo wibaza kuri bo atari vyo. Woshobora kwiyumvira ko abantu bafise ibintu vyinshi bizimvye ari abatunzi, ariko ugasanga bamwe bafise amadeni menshi. Nicole wo muri Senegale avuga ati: «Sinkenera ibintu vyinshi kugira mpimbarwe. Igihe mbumbwa n’ivyo mfise, ndashobora guhimbarwa mbere n’igihe abandi baba bafise vyinshi kundusha.»
Gerageza iki kintu: Niwirinde kuraba ibihayanishwa canke ibintu bashira ku mbuga hwaniro vyerekana abantu babayeho neza canke batunze cane.
Nushime ivyo ufise. Abantu bashima usanga babumbwa n’ivyo bafise kandi ntibaguma biyumvira ko hari ibindi bakeneye canke babereye. Roberton wo muri Hayiti, avuga ati: «Mpora mfata umwanya nkazirikana ku bintu biranga umutima mwiza abandi badukorera twe n’umuryango wanje. Nca mbwira abo bantu ko nkenguruka cane ivyo badukoreye. Ndigisha kandi n’umuhungu wanje w’imyaka umunani gushima igihe cose aronse ikintu.»
Gerageza iki kintu: Nuze urandika ibintu washimye buri musi. Ushobora kuba ufise amagara meza, umuryango wunze ubumwe, abagenzi somambike canke ukaba wabonye ikirengazuba gisa neza.
Rimwe na rimwe twese biratugora kubumbwa n’ivyo dufise. Ariko akigoro tugira si ak’impfagusa! Iyo duhisemwo kubumbwa n’ivyo dufise, tuba duhisemwo guhimbarwa, ico kikaba ari ikintu amahera adashobora kugura.