IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO
Nutange cane
Nimba bikugora kuronka amahera yo kugura ivya nkenerwa, ushobora guca wiyumvira ko ata co woronka utanga. Ariko woshobora gusanga gutanga cane bikugiriye akamaro. Urashobora kwirinda gusesagura ariko kandi ugatanga cane.
IGITUMA BIHAMBAYE
Gutanga cane, naho kwoba ari ugutanga utuntu dutoduto, biratuma duhimbarwa kandi tukumva ko hari ico tumaze. Kanatsinda, ivyigwa vyagizwe vyerekana ko gutanga bishobora gutuma tugira amagara meza. Nk’akarorero, biragabanya amaganya, umwitwarariko, umurindi w’amaraso n’ububabare. Biratuma kandi umuntu asinzira neza.
Igihe duha abandi amahera canke ikindi kintu, biratuma bitworohera kwemera ko abandi badufasha igihe tubikeneye. Uwitwa Howard aba mu Bwongereza avuga ati: «Jewe n’umugore wanje turarondera uturyo two guha abandi no kugira ico tubafashije. Ivyo bituma iyo natwe dukeneye ko abandi badufasha tutumva ko tubabereye umuzigo.» Ego ni ko, umuntu afise akamenyero ko gutanga ntaca yitega ko abandi bamusubiza. Ariko araronka abagenzi nyakuri bazomuserukako igihe abikeneye.
IVYO WOKORA
Nusangire n’abandi ivyo ufise. N’igihe woba ata bintu vyinshi ufise, urashobora kuronka ivyo wosangira n’abandi naho twoba ari udufungurwa dusanzwe gusa. Uwitwa Duncan be n’umuryango wiwe bo muri Uganda barakenye ariko barakunda gutanga. Duncan avuga ati: «Ku misi ya mungu, twe n’umukenyezi wanje turatumira umuntu muhira kugira dusangire udufungurwa dusanzwe. Turakunda guteramira hamwe n’abandi.»
Ariko ntiwumve, urakwiye kutarenza urugero mu gutanga. Ntukwiye gutanga gushika n’aho umuryango wawe usigara wifumbereje.—Yobu 17:5.
Gerageza iki kintu: Nuhe umuntu udufungurwa dusanzwe, naho twoba utwema. Nimba hari ibintu ufise utagikeneye, nubihe abagenzi canke ababanyi babikeneye kandi bazobikenguruka.
Nutange mu bundi buryo. Bimwebimwe mu bintu vyiza wotanga ntibigurwa amahera. Nk’akarorero, turashobora gutanga umwanya wacu kandi tukitwararika abandi mu kubafasha mu vyo bakeneye. N’amajambo aranga umutima mwiza ni ikintu kidasanzwe woha umuntu! Nubwire rero abandi ko ubakunda kandi ko ubaha agaciro.
Gerageza iki kintu: Nufashe abandi udukorwa two muhira, gusanura ivyononekaye canke ibindi bintu bakeneye. Niwandikire umugenzi agakete canke akamesaje, naho kwoba ari ukumubwira gusa ko uriko uramwiyumvira.
Urondeye uturyo two gusangira n’abandi ivyo ufise, urironkera umunezero.