ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g25 no. 1 rup. 12-13
  • Nutange cane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutange cane
  • Be maso!—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • IVYO WOKORA
  • Abatanga cane baragira agahimbare
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Kubera iki nkwiye gufasha abandi?
    Urwaruka ruribaza
  • Duhe agaciro ugutanga kwa Yehova n’ukugira ibitegereka kwiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyogufasha kubana amahoro n’abandi
    Be maso!—2021
Ibindi
Be maso!—2025
g25 no. 1 rup. 12-13
Abagize umuryango bari ku meza imbere y’inzu yabo iciye bugufi bariko basangira n’umushitsi bahimbawe.

IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO

Nutange cane

Nimba bikugora kuronka amahera yo kugura ivya nkenerwa, ushobora guca wiyumvira ko ata co woronka utanga. Ariko woshobora gusanga gutanga cane bikugiriye akamaro. Urashobora kwirinda gusesagura ariko kandi ugatanga cane.

IGITUMA BIHAMBAYE

Gutanga cane, naho kwoba ari ugutanga utuntu dutoduto, biratuma duhimbarwa kandi tukumva ko hari ico tumaze. Kanatsinda, ivyigwa vyagizwe vyerekana ko gutanga bishobora gutuma tugira amagara meza. Nk’akarorero, biragabanya amaganya, umwitwarariko, umurindi w’amaraso n’ububabare. Biratuma kandi umuntu asinzira neza.

«Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.»—Ivyakozwe 20:35.

Igihe duha abandi amahera canke ikindi kintu, biratuma bitworohera kwemera ko abandi badufasha igihe tubikeneye. Uwitwa Howard aba mu Bwongereza avuga ati: «Jewe n’umugore wanje turarondera uturyo two guha abandi no kugira ico tubafashije. Ivyo bituma iyo natwe dukeneye ko abandi badufasha tutumva ko tubabereye umuzigo.» Ego ni ko, umuntu afise akamenyero ko gutanga ntaca yitega ko abandi bamusubiza. Ariko araronka abagenzi nyakuri bazomuserukako igihe abikeneye.

«Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.»—Luka 6:38.

IVYO WOKORA

Nusangire n’abandi ivyo ufise. N’igihe woba ata bintu vyinshi ufise, urashobora kuronka ivyo wosangira n’abandi naho twoba ari udufungurwa dusanzwe gusa. Uwitwa Duncan be n’umuryango wiwe bo muri Uganda barakenye ariko barakunda gutanga. Duncan avuga ati: «Ku misi ya mungu, twe n’umukenyezi wanje turatumira umuntu muhira kugira dusangire udufungurwa dusanzwe. Turakunda guteramira hamwe n’abandi.»

Ariko ntiwumve, urakwiye kutarenza urugero mu gutanga. Ntukwiye gutanga gushika n’aho umuryango wawe usigara wifumbereje.—Yobu 17:5.

Gerageza iki kintu: Nuhe umuntu udufungurwa dusanzwe, naho twoba utwema. Nimba hari ibintu ufise utagikeneye, nubihe abagenzi canke ababanyi babikeneye kandi bazobikenguruka.


Nutange mu bundi buryo. Bimwebimwe mu bintu vyiza wotanga ntibigurwa amahera. Nk’akarorero, turashobora gutanga umwanya wacu kandi tukitwararika abandi mu kubafasha mu vyo bakeneye. N’amajambo aranga umutima mwiza ni ikintu kidasanzwe woha umuntu! Nubwire rero abandi ko ubakunda kandi ko ubaha agaciro.

Gerageza iki kintu: Nufashe abandi udukorwa two muhira, gusanura ivyononekaye canke ibindi bintu bakeneye. Niwandikire umugenzi agakete canke akamesaje, naho kwoba ari ukumubwira gusa ko uriko uramwiyumvira.

Urondeye uturyo two gusangira n’abandi ivyo ufise, urironkera umunezero.

«Ntimwibagire gukora iciza no gusangira n’abandi ivyo mufise.»—Abaheburayo 13:16.

Umugabo n’umugore bariko bafasha umukenyezi yitereye mu myaka kugira isuku. Uwo mukenyezi abazaniye akayi hanze aho bariko baregeranya amababi.
Trey.

«Naho dufise inzu ntoyi, turakunda guteka udufungurwa dusangira n’abagenzi. Turakunda cane gufasha abagenzi bacu. Rimwe na rimwe turabaha amahera, ariko akenshi tubaha umwanya wacu. Turamaze kwibonera akatari gake ko gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.»—Trey wo muri Israel.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika