Ikigabane ca 3
Inyuma y’Umusi w’Ubugeni
1. Uwashinze urwiwe yokwungukira gute ku vy’ugufashanya dusoma mu Musiguzi 4:9, 10?
UBUGENI wagize burarangiye, mwe n’umugenzi mwabiranye muratanguye kubana kuko mushinze urwanyu. Ubwo agahimbare ni kose? Ntukiri wenyene, uraronse umugenzi ushobora kwizigira, uwo musangira umunezero n’ibikugoye. Aya majambo yanditswe mu Musiguzi 4:9, 10 woba ubona ko arangūtse?—“Babiri baruta umwe, kuko baronka impēra kubw’ubutame bwabo. Kuko umwe ni yatemba, mugenziwe azomuvyura. Ariko ūtemvye ari wenyene, adafise ikimuvyura, aba agowe.” Urwo rugo rwanyu ruriko rurashinga imizi rwoba rurimwo ugufashanya mwen’ukwo? Kugira ngo abantu babiri babane mu gahimbare, mu bisanzwe bisaba igihe n’ukwihāta. Mugabo birababaje kubona mu ngo nyinshi ivyo bitigera biba.
2, 3. (a) Ivy’ubuzima nyakuri inyuma y’umusi w’ubugeni bimeze gute? (b) Kubona ko umuntu ashinze urugo azorinda guhinduka ni kuki biranga ukwiyumvīra kuroranye?
2 Mu bitito bivuga ivy’abashakana, ibikunda kugorana ni ugushira hamwe nya bantu babiri bakundana. Mugabo mu nyuma baraheza bakaguma babana mu gahimbare. Mu vy’ubuzima nyakuri, ukubana bakaguma bahimbawe uko bukeye uko bwije mu nyuma, ni vyo ari intambara koko. Ukuryoherwa kwo ku musi w’ubugeni kuhavuye, haza ubuzima busanzwe bwa misi yose: kuvyuka hakiri kare, kuja ku kazi, kuja kw isoko, gukinjika imfungurwa, kwoza amasahani, gukubura inzu, n’ibindi.
3 Ukubana kw’abubakanye bisaba ko umuntu ahinduka. Mwempi uko muri babiri mubitanguye hari ivyo mwiteze kuzoronka canke kuzoshikako bisa n’ibitabaho, bisa n’ibidashoboka. Igihe ivyo bitabaye, murashobora kwihebura hakiri mu mishamvu ya mbere. Mugabo ntiwibagire ko ubuzima bwawe buhindutse rwose. Ntukiri wenyene kandi ntukibana n’abo mwahora mubana mu gihe cose umaze kubaho. Ubu uri kumwe n’uwundi muntu, uwo wosanga kumbure utazi neza nk’uko uvyibaza. Ivy’ukenura usigaye ubitunganya mu bundi buryo, ngira ngo woba ukora n’ibikorwa utahora ukora, amahera wahora ukoresha ukuntu angana vyahindutse, kandi uraronse abandi bagenzi hamwe n’abaryango muzorinda kumenyerana. Ugutunganirwa muri urwo rugo ushinze hamwe n’ukugira ubuhirwe, uzobikesha ukuntu uhinduka n’umutima ukunze.
UBWO UROROSHE MU VY’UGUHINDUKA?
4. Ni ingingo izihe zo mu Vyanditswe zoshobora gufasha ūshinze urwiwe agahinduka? (1 Ab’i Korinto 10:24; Ab’i Filipi 4:5)
4 Hari ababona ko bigoye kworoha mu vy’uguhinduka, kubera ubwishime. Mugabo nk’uko Bibiliya ivuga, “ubwibone bwitangira imbere y’[ugutemba, NW].” Ukuguma umuntu ari mutagondwa birashobora kumuta mu kaga. (Imigani 16:18) Yezu yarasavye ko umuntu yoba coroha, aho yavuga ko iyo hagize uwugomba kukunyaga “umwambaro w’imbere, muhebere n’umwambaro w’inyuma”; kandi ngo ni hagira uwugomba ko ugenda “ikirometero kimwe, nimujane ibirometero bibiri.” Ah’ukuja impaka n’uwo mucuditse, intumwa Paulo yarabajije ati: “Ntimwopfuma [mwemera kugirirwa, NW] nabi?” (Matayo 5:40, 41, NW; 1 Ab’i Korinto 6:7) Niba abakirisu bashobora kwemera ivyo vyose kugira ngo bagume babana amahoro n’abandi bantu, nta gukeka abubakanye bo bakundana barashobora guhinduka kugira ngo batunganirwe mu vy’ubucuti baba bahejeje kwunga.
5. Uwo mwubakanye ushobora kumubona neza canke nabi gute?
5 Hari ibintu vyinshi vyotuma umuntu agira agahimbare canke amaganya. Ivyo woguma ugendeza ni ibihe? Woguma wiyumvīra ivyiza canke wokwamiza ibibi ku muzirikanyi? Umukenyezi akiri umugeni arashobora kwibaza ibi bikurikira: ‘Ubu ko twamaze kubana, wa mugabo yankunda yāma anjana gutembera ahantu heza kandi atāmvirīra, yabaye iki? Yatanguye ubuzima busanzwe. Ubu ntakimbabaye. Ntameze na buhoro buhoro nk’uko namubonye ubwa mbere!’ Canke uyo mukenyezi yoba atahura kandi agashimishwa n’uko ubu umugabo akora agatama kugira ngo aronke ibibatunga mu rugo? N’uyo mugabo ahejeje gushinga urwiwe, yoba abona yuko umukenyezi wiwe akora agatama mu kurondera imfungurwa no mu gusukura inzu, rimwe rimwe akaba aruha rwose ku buryo atakironka umwanya munini w’ukugerageza kuba umuntu aryoheye ijisho? Canke yoba yibaza ibi bikurikira: ‘Wa mwigeme w’akaranga nabiriye vyamugendeye gute? Ubu ko yironkeye umugabo yaciye ahinduka’?
6. Iyo umunega n’umukenyezi wiwe bihāta vy’ukuri kugira batunganirwe mu rugo, bituma babana gute?
6 Bompi uko ari babiri bakwiye kwiyumvīra nk’abantu bakuze, bakamenya ko ata n’umwe muri bo afise umwanya n’amagara y’ukugira ivyo bahora bagira batarabirana. Ubu ni igihe c’ukworoha bagahinduka bakemera ibanga rihimbara rwose, bigatuma bubaka rukaguma. Umuntu umwe arashobora gusenya urugo, ariko babiri ni bo barwubaka. Kwubaka rukaguma ni ugushitsa igikorwa kiranga ubutwari. Ūshikije igikorwa mwen’ico aba arangūye ikintu kitoroshe. Iyo mwempi babiri mufashanya mu vy’ukuntu mwihāta, umwe wese araharūrwa mu vyerekeye kurangūra ico gikorwa kiranga ubutwari. Uko kwihāta mwempi babiri mufise ico mugomba gushikako, bituma mushira hamwe; birabumvikanisha; bituma muba umuntu umwe. Mu nyuma bituma mugiriranira urukundo rurengeye ivyo mwīyumvīra mutarabirana, kandi iyo mufise ubwo buhirwe bwo butuma mugira ubumwe, uguhindura ingeso zanyu zitameze kumwe kugira zihuze bica bibahimbara.
7. Niba ari ngombwa ngo mufate ingingo, ni ryari ari vyiza guhebera uwundi?
7 Uko urukundo rwongerekana ni ko ubwishime bugabanuka, kandi agahimbare ntikaboneka gusa mu gutanga, kaboneka no mu guheba ibigushimisha ubwawe, igihe ata ngingo yashinzwe woba urenze. Hari aho kwoba ari ukugura igikoresho co mu nzu, canke ivyerekeye ico mwogira mu gihe c’akaruhuko. Iyo umwe wese mu bubakanye yerekanye ko yitayeho ivy’uko umugenzi ahimbarwa, baba batanguye gushitsa aya majambo y’intumwa Paulo: “Umuntu wese [ntagume yiyumvīra, NW] ivyiwe gusa, ariko [agume yiyumvīra, NW] n’ivy’abandi.”—Ab’i Filipi 2:4.
IVYIYUMVIRO BIRI KU RUGERO MU VY’UKUMARANA INAMBU Y’UMUBIRI
8, 9. Ivy’ukumarana inambu y’umubiri Ivyanditswe bibivugako iki?
8 Bibiliya ntireka kuvuga ivy’ukumarana inambu y’umubiri ngo birateye isoni. Ikoresha amajambo ameze nk’ibicuba ikerekana ukuntu bishobora kuryohera umugabo n’umugore; iravuga kandi ishimitse ko umugabo n’umukenyezi wiwe ari bo gusa bakwiye kumarana inambu y’umubiri. Ibi Vyanditswe tubisanga mu Migani 5:15-21:
“Unywe amazi yo mw isōko yawe wiharije, n’amazi atemba yo mw iriba ryawe. Mbega imigezi yawe yosābagira hose, n’inzuzi z’amazi zosābagira mu nzira? Nibibe ivyawe [wenyene, NW] ntubisangire n’ivyigenze. Isōko yawe igire umugisha, kandi unezererwe umugore wo mu buto bwawe. Nk’impongokazi y’urukundo n’ingeregere y’igikundiro amabere yiwe akubumbe ibihe vyose; kandi wame uhimbarwa n’urukundo rwiwe. Ni iki cotuma ga mwana wanje, uhimbarwa n’umugore w’icigenze, ukagwa mu gikiriza c’ūtari uwawe? Kuko ingendo z’umuntu ziri imbere y’inyonga [za Yehova, kandi ashinga ijisho, NW] inzira ziwe zose.”
9 Naho ari uko, umuntu yoba yihenze akuririje rwose ivy’ukumarana inambu y’umubiri ku buryo vyosa n’uko ari vyo abubakanye boshingirako kugira batunganirwe mu rugo, canke ko vyoshobora kuba indishi ku makosa akomeye bagiriranira mu bindi bintu. Ivy’ukumarana inambu y’umubiri bivugwa cane mu bitabu, ivyerekanwa mu masenema no mu matangazo y’ivy’ubudandaji—bakabigira bashaka kuvyurira abantu iyo nambu—bisa n’uko ari ivya nkenerwa rwose. Ivyo ariko biteye kubiri n’ibiri mw Ijambo ry’Imana, ryo risaba ukwigumya mu bintu vyose vyerekeye ubuzima. Eka mbere no mu mubano w’abubatse, ukutigumya na gato amaherezo bishobora gutuma abo bubakanye bagira ibintu vyotitūra uwo mubano wabo.—Ab’i Galatiya 5:22, 23; Abaheburayo 13:4.
10. Ni ibintu bimwe bimwe ibihe ababiranye bozirikana bikabafasha guhuza mu vy’ukumarana inambu y’umubiri?
10 Guhuza mu vy’ukumarana inambu y’umubiri birakunda kugorana kandi hari aho bitwara igihe kitari gito inyuma y’ubugeni. Mu bisanzwe ivyo biva ku kutamenya ibintu hamwe no kudatahura ivyo uwo mwubakanye akeneye. Ubanje kuyāga n’umugenzi yisoneye yamaze gushinga urwiwe, vyoshobora kugufasha. Umugabo n’umugore ntibatandukanye gusa mu buryo baremwe, baratandukanye no mu vy’akanyengetera biyumvamwo. Kwitaho ivy’uko umugore akwiye kugirirwa ikibabarwe ni nkenerwa rwose. Mugabo ntihakwiye kuba ivy’ukubona nabi ukumarana inambu y’umubiri kubera ukwigenza neza kutari kwo canke isoni, canke ukubona ko umengo ni akamaramaza. Kandi ntibigirwe umugabo agobereye umugore nk’uko bamwe bamwe babigenza. “Umugabo ahe umugore wiwe ivyo akwiye,” uko ni ko Bibiliya ivuga, “kandi umugore na we abigenze atyo ku mugabo wiwe.” Iyi ngingo yashinzwe dusanga muri Bibiliya na yo nyene irakwiriye mu gushitsa ivyo: “Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, ariko ababare ivya mugenziwe.” Igihe bose uko ari babiri bafise urukundo mwen’urwo kandi umwe wese agashaka kunezereza umugenzi, barashobora guhuza vy’ukuri.—1 Ab’i Korinto 7:3; 10:24.
NTIMUMERANIRE NABI NAHO MWOBA MUTUMVIKANYE
11-13. Iyo habaye ukutumvikana, ni igiki mwogumiza ku muzirikanyi kugira ngo ukwo kudashira hamwe ntigutume haba ivy’ugutandukana vyeruye?
11 Kw isi nta bantu babiri bashobora guhuza rwose kamere. Umuntu wese ameze ukwiwe. Ivyo kandi vyerekana ko ata bantu babiri bashobora kwama bumvikana mu bintu vyose. Ukutumvikana usanga kenshi biba mu tuntu ata co tuvuze, ariko hari aho bimwe bimwe muri ivyo usanga bikomeye. Mu ngo zimwe zimwe ukutumvikana ntibiteba kuvyura urwamo, ugusunagurana, ugukubitana no guterana ibintu; hari aho umwe mu bubakanye amara imisi canke imishamvu atarara i muhira, canke hari aho bareka gusa kuvugana. Vyoshoboka rwose ko haba amatati mugabo ibintu ntibimere gutyo. Gute? Mugerageje kwemera iciyumviro kimwe ngenderwako, c’ukuri.
12 Twese turi abanyagasembwa, turafise aho boduhinyura, kandi naho ico twoba tugomba ari ugukora ivyiza, aho tugoyagoya haca hibonekeza. Intumwa Paulo yariboneye ko aya majambo ari ay’ukuri: ‘Iciza ngomba si co nkora, ikibi ntagomba akaba ari co nguma nkora.’ (Abaroma 7:19) Twaranduye icaha ku bavyeyi bacu ba mbere. Ukutagira agasembwa biraturengeye. Ko ari uko biri, “ni nde yoshobora kuvuga ngo niyogeje umutima, nihumanuye icaha canje?”—Imigani 20:9; Zaburi 51:5; Abaroma 5:12.
13 Turemera ko turi n’aho tugoyagoya kandi tukabona ko ata co bitwaye. Ntitwoshobora none kwemera ko uwo twubakanye na we nyene ahafise kandi tukabona ko ata co bitwaye? Nta gukeka turemera bitagoranye ko turi abanyavyaha, ariko twoba duharīra tukanka kwemera ikosa tugize? Twoba dukerebutse ku buryo twotahura ko ukwo kutemera ikosa biri mu bantu bose gushiramwo n’uwo twubakanye, kandi ivyo ntitwigire nk’abatabizi? “[Kuba umuntu aciye mu kajisho nta gukeka bitera, NW] guteba kuraka, kandi [ubutore bwiwe, NW] ni ukwirengagiza ico yacumuweko,” uwo ni umugani wahumetswe n’Imana ubivuga. Nta gukeka uremera ingingo iri muri rya ‘tegeko ry’agakura,’ nk’uko n’abandi bantu nka bose bayemera. Iyo ngingo Yezu yayishinze igihe yashikiriza ya Nsiguro rurangiranwa ari ku musozi, avuga ati: “Nuko ivyo mugomba ko abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.” Abantu benshi ivyo babivuga ku munwa gusa; bake ni bo babishitsa. Abantu babikurikije neza vyobafasha gutorera umuti ingorane bagira mu migenderanire yabo, n’abubakanye ni uko nyene.—Imigani 19:11; Matayo 7:12.
14, 15. (a) Bigenda gute iyo umwe mu bubakanye agereranije mugenziwe n’uwundi muntu mu kumunegura? (b) Rimwe rimwe ukwo kugereranywa n’uwundi muntu bihora bigirwa mu bintu nyabaki, ivyo bikaba bitaranga ubukerebutsi?
14 Umwe umwe wese muri twebwe ashima ko abandi bamwitaho bakamufata nk’umuntu ari ukwiwe. Iyo umuntu atugereranije n’abandi mu kutunegura, akabona kumbure ko baturuta mu vyerekeye ingeso nziza no mu vyo dushobora kurangūra, twumva tumerewe gute? Mu bisanzwe twumva bitubabaje canke tukagira ishari. Mu vy’ukuri, duca tuvuga duti ‘jewe sindi uyo muntu. Jewe ndi JEWE.’ Mu bisanzwe ukwo kugereranya abantu ntikuremesha, kubera ko tugomba yuko abandi batahura ukuntu tumeze.
15 Dutange akarorero: Wewe munega, ubwo uhora ushima imfungurwa umugore wawe atetse canke uhora widodomba ngo ntazi guteka nka nyoko wawe? Uzi gute ko nyoko wawe yoba yarateka neza igihe yari akiri umugeni? Hari aho umugore wawe yoba amurusha. Mureke amenyere ivyo bikorwa atanguye, gushika abaye umuhanga muri vyo. Nawe mukenyezi, woba widodomba ngo uyo mugabo uronse ntaronka amahera nk’ayo so yaronka? Mu gihe so yari agishinga urugo yoba yaronka amahera angana iki? Mbere ico si na co gihambaye. Igihambaye n’ukuntu ufasha uwo munega wawe. Ubwo uhora uvyuka ukamuronderera utwo afungura imbere y’uko aja ku kazi, ku buryo abona ko umushigikiye kandi ko ushimishwa n’akigoro agira? Hari uwoba ashwanira uwundi mupfa ab’iwanyu, canke mwoba mutumvikana kubera ivy’ugutora abagenzi canke ivyo mwogira mu kwinezereza? Harashobora kuba amatati mwen’ayo hamwe n’ayameze ukundi. Mwoyaheza mute?
16. Abigisha yuko ugushwana bikaze bituma ingorane zitorerwa umuti ni igiki bihendamwo?
16 Abahanga bo muri iki gihe mu vyerekeye kamere z’abantu, baraharīra bakavuga yuko gushwana bishobora gutunganya ingorane. Bigisha yuko ukutagirirwa ivyo ukwiriye kugirirwa kuguma kwongerekana bigatera gutuntura, mu nyuma bikavamwo ivy’ugushwana gukaze. Kubera ko bose baba barakaye, ishavu bamaranye igihe bararisohora rikibonekeza, hanyuma rigaca rihera—uko ni ko babandanya kuvuga. Bitabaye gutyo, ukwo gutuntura kuguma kubirira mu nda, hanyuma amaherezo kukarenga urugero. Ariko wohakwa rwose kuvuga amajambo utashaka kuvuga ubitewe n’ukurakara, ugasanga urababaje umugenzi ubutakigarurwa. Urashobora kumukorera ikibi kinini rwose ku buryo wosanga hagati yanyu habaye uruzitiro udashobora gusenyura mu nyuma. Mu Migani 18:19 haratubūrira hati: “Uwo muvukana iyo umukomeretseko bigora kumugarura kurusha kunesha igisagara gikomeye, kandi ibitāti ben’ivyo bimeze nk’ibihindizo vyugara inzu y’igihome.” Impanuro nziza dusanga muri Bibiliya ngiyi: “Hunga hataraba imitongano.”—Imigani 17:14, Revised Standard Version.
NIMUSERURIRANIRE AKARI KU MUTIMA!
17. Umuntu yogira iki ngo yirinde kuguma abika mu nda ivyo atumvikanyemwo n’umugenzi gushika aho ataba agishobora kwihangana?
17 Iyo havyutse ukutumvikana, vyoba vyiza gusumba mubiyaze, ah’ukubika mu nda gushika aho mutagishobora kwihangana mugaca mushwana. Kuguma wibuka ikibi bakugiriye, mu bihe nka vyose bituma ubona ko gikomeye rwose kandi mu vy’ukuri atari ko kiri. Nimubiganire canke ucibagire. Koba ari akajambo ko kugukebura gusa? Ntukabīke. Vyoba bikwiriye ko mubiganira? Uwo mwubakanye yoba yakugiriye ikintu kikubabaza? Ntuce umubona nabi utiyumviriye; nugerageze urābe ko mwobiganira mu kumubaza ikibazo, canke mu kumubwira amajambo yotuma mutangura kuyāga. Akarorero, woshobora kuvuga uti: ‘Mucance wanje, hari ivyo ntatahura neza. Woshobora kubimfashamwo?’ Hanyuma mwumvirize. Gerageza gutahura iciyumviro umugenzi afise. Kurikiza iyi mburizi iri mu Migani 18:13: “Uwishura atarumva bimubera ubupfu n’agatētereza.” Nta n’umwe muri twebwe ashima ko hagira uwuca yihuta kumwiyumvīra ukutari ko. Nuko ah’uguca wishura vuba na vuba, gerageza nyabuna gutahura icatumye umugenzi agira ivyo yagize. Kurikiza iyi mpanuro iri mu Migani 20:5: “Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, ariko umuntu w’[inkerebutsi, NW] arayivoma.”
18. Ni igiki codufasha tukikuramwo ivy’ukugira umujinya?
18 Woba ukunda kuja uragira umujinya? Kubana n’umuntu ameze gutyo ntivyoroshe. Hari abaharīra bavuga ko gushwashwanuka canke kwijirwa atari umuntu abigira, ngo biva ku bintu biri mu bwonko. Vyaba ari ivy’ukuri canke atari ivy’ukuri, akanyengetera kari mu muntu karandukira. Abadukikije barashobora kudutera akamwemwe canke umubabaro. Umuziki urashobora guhindura ukuntu tumerewe mu buryo bwinshi. N’inkuru zirashobora kuduhindura gutyo nyene. Ivyo turiko twiyumvīra birahindura uburyo tumerewe. Iyo uguma wibuka ibibi bakugiriye uca ubabara; ubigomvye urashobora guhāta ubwonko bukiyumvīra ibintu vyiza. Nubizirikane. (Ab’i Filipi 4:8) Ni wabona ivyo bitakworoheye, gerageza gukora ibikorwa bisaba ko ingingo z’umubiri zikora cane—nk’igikorwa kigumye naho kwoba ari uguharura ivyatsi canke gukoropa inzu; sohoka ugendagende mu gahinga, canke mbere ivyoba vyiza gusumba, rondera igikorwa wokorera uwundi muntu—vyotuma ivyiyumviro n’inguvu uvyerekeza ahandi. Ni vyiza rwose kuba umuntu akeye mu maso ah’ukwijirwa. Wewe ubwawe vyokunezereza rwose gusumba, kandi nta gukeka na gato n’uwo mwubakanye ni uko nyene!
19. Uwo mwubakanye womufata gute kubera ko utahura ukuntu amerewe?
19 Ariko hariho ibihe ushikirwa n’ibintu bigutera agahinda kenshi, canke indwara ikomeye n’umubabaro mwinshi bikagusinzikaza. Ku vyerekeye umugore wawe, ukuja mu kwezi canke ugusama inda bituma ihingurwa mu mubiri rya vya bintu bikaze bita horomone rimera ukundi, ivyo na vyo bikaba bifise ico bihindura mu ngingo zituma agira akanyengetera mu mubiri no mu mutima. Umukenyezi arashobora kwumva ashavuye atabizi, iyo yimirije kuja mu kwezi. Ico ni ikintu gihambaye umunega akwiye kwamiza ku muzirikanyi, ku buryo yogaragaza ubukerebutsi ah’ugushavura. Muri ico gihe kidasanzwe, umugabo n’umugore wiwe bompi uko ari babiri bakwiye kumenya impamvu itumye agira umujinya, bakagiriranira ivy’ugukomezanya. “Umutima w’inkerebutsi utuma akanwa kiwe kagaragaza ko aciye mu kajisho, kandi akanwa kiwe akongerako ivy’ukujijura.” Bitayeko, “umukunzi [nyakuri, NW] akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana, mu magorwa.”—Imigani 16:23, NW; 17:17.
20-22. (a) Ni kuki ukwiye kwirinda icotuma haba ipfuhe? (b) Umuntu yogira iki kugira ngo uwo bubakanye yumve ko afise itekane?
20 Uwo mwubakanye yoba apfuha? Si bibi ko umuntu apfuhira agateka kiwe, hamwe n’umubano wiwe. Nk’uko ibintu vyo mu mubiri bita aderenaline bituma umutima usubira gutera, ni ko ipfuhe rituma umuntu arwanira ico akunda cane. Igihushanye n’ipfuhe ni ukutitaho ikintu, ntidukwiye rero kutitaho ivyerekeye umubano wacu.
21 Mugabo hariho ipfuhe rimeze ukundi riterwa n’ukubura itekane, rikavyurwa n’ukwikēka. Iryo pfuhe rishingiye ku bujuju no ku kwizizira ikintu birenze urugero, rituma umubano w’abubatse utabamwo umunezero ugaca umera nk’ibohero, ahadashobora kuba ivy’ukwizigiranira hamwe n’urukundo. “Urukundo ntirugira ishari” mwen’iryo, kandi ishari “ni nk’ikimungu co mu magufa.”—1 Ab’i Korinto 13:4; Imigani 14:30.
22 Niba uwo mwubakanye afise impamvu y’ukuri ituma yumva adafise itekane kubera ipfuhe, kuraho ikibimutera udatevye. Niba ata mpamvu nyakuri iriho, kora uko ushoboye kugira ngo ivyo uvuga, mbere cane cane ivyo ukora, bitume nyen’ukugira ipfuhe atangura kukwizigira. Numushike ku nyota!
23. Ni ibintu ki vy’ingirakamaro mwozirikana iyo hari uwugomba guhamagara abandi bantu ngo babatunganirize ingorane zo mu mubano wanyu?
23 Iyo ababiranye batāse, ubwo abandi bantu boshobora kubafasha gutatūra ayo matati yabo? Birashoboka, mugabo abubakanye ntibobahamagara batabanje kubijamwo inama. Ubwa mbere “witātūre na mugenzawe ubwiwe, kandi ntumenere ibanga uwundi.” (Imigani 25:9) Ibintu vyohakwa kumera nabi rwose muhamagaye abo mu miryango yanyu ngo babe ari bo babibatatūrira. Ntibishoboka yuko bobura kugira nkunzi. Bibiliya iravugana ubukerebutsi, iti: ‘Umuntu azosiga se na nyina, abane n’umugore wiwe akaramata.’ (Itanguriro 2:24) Ivyo n’umugore biramwerekeye, turāvye ubucuti afitaniye n’abavyeyi biwe n’ubwo afitaniye n’umunega wiwe. Umugabo n’umugore bakwiye kubana akaramata bakamenya ko ingorane zibashikiye baba bazisangiye kandi ko bakwiye kuzitorera umuti bari kumwe, ah’uguhamagara abavyeyi canke abo mu miryango ngo baze kubataturira amatati, bagashika barwanira umwe uwundi bakamurwanya. Guhamagara abandi bantu uwo mwubakanye atabigomba, ni ukwikengereza mwempi imbere y’abantu. Ni mwaba museruriranira rwose akari ku mutima ata buryarya kandi mukabigira n’urukundo, nta na kimwe cotuma mudashobora ubwanyu gutorera umuti ingorane zibashikiye. Woshobora guhanuza abandi bantu bakuze mu vy’ukwiyumvīra, mugabo amaherezo wewe n’uwo mwubakanye ni mwe mubishira mu buryo.
24, 25. Umuntu yogira iki iyo ubwishime butamukundiye ko aheza ingorane zo mu mubano wabo?
24 ‘Ntiwifate uko utari,’ iyo ni impanuro y’intumwa Paulo. (Abaroma 12:3) Arabandanya ati: “Ku vyo gusonerana, muje imbere y’abandi.” (Abaroma 12:10, NW) Rimwe rimwe iyo ubwishime dufise babwamiye, biradufasha kubona ko mu vy’ukuri tutari agahambaye. Kandi ni vyo ntituri agahambaye batugereranije n’isi, n’isi nyene muri ya mibumbe nzungurukazuba ni ntoyi, iyo mibumbe yose tuyishize hamwe na yo usanga ari ubusa, urāvye ukuntu ikirere kingana. Mu nyonga za Yehova, ‘amahanga yose ni nk’ubusa, ari hanyuma y’ubusa, ni nk’akarēre kagaragara.’ (Yesaya 40:17) Ivyiyumviro ben’ivyo biradufasha kuguma tubona ibintu neza, tugatahura yuko tubirāvye, amatati yacu adashobora kuba ikintu gihambaye rwose.
25 Hari aho n’ukwitwenga bishobora kudufasha tukirinda ivy’ukubona ko turi agakomeye koko. Igihe ushobora wewe ubwawe kwitwenga bigaragaza ko umaze gukura mu vy’ukwiyumvīra, kandi biraheza ingorane nyinshi mu buzima.
“TERERA UMUKATE WAWE KU MAZI”
26, 27. Ni ingingo zo muri Bibiliya izihe umuntu yokurikiza iyo uwo bubakanye atitayeho ivy’ukuntu yihāta kugira amatati ahere mu mwumvikano, kandi ni kubera iki?
26 Bite none nk’igihe ugerageza guheza amatati mu mwumvikano, mugabo uwo mwubakanye ivyo akaba atabinezwe? Kurikiza iyi mpanuro ya Bibiliya: “Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye.” Yezu ni we karorero twokwigirako: “Yaratutswe, ntiyabasubiza.” Abantu bakunda kugera ingere ku yindi. Mugabo ugiye urabigenza gutyo, uba wihaye abaguhindura bakakugira ukwo umeze. Mu vy’ukuri bakugira nk’uko bameze. Uretse ivyo bikagushikira uba wihindukije, uba uhakanye ico ushingira intahe, za ngingo zashinzwe ukunda cane. Niwigāne nyabuna Yezu we yagumye ameze nk’uko ari ntahindurwe n’ivyo abamukikuje bagoyagoyamwo: “Naho tutoba intahemuka, we aguma ari intahemuka kuko adashobora kwihindukiza.”—Abaroma 12:17; 1 Petero 2:23; 2 Timoteyo 2:13, NW.
27 Ni waba ukomeye bihagije ku buryo wokuraho ikibi mu gukora iciza, woshobora gutanguza iciza. “Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake.” (Imigani 15:1) Ukwishura kwiyoroheje ntiguterwa no kubura inkomezi, ahubwo gusaba ko haba inguvu, kandi uwo mwubakanye aca abitahura. Kubera ko abantu nka bose bagera ingere ku yindi, ugize ineza woshobora guhindura inabi ikaba ineza. Hariho Ivyanditswe bivyerekana. “Ūvomera abandi azovomerwa na we.” “Kuko ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe.” “Terera [umukate wawe, NW] ku mazi, uzosubira [kuwubona] hahise imisi myinshi.” (Imigani 11:25; Luka 6:38; Umusiguzi 11:1) Birashobora gutwara igihe imbere y’uko ineza ugira ituma uwo mwubakanye na we nyene agira ineza. Ntubiba uno musi ngo wimbure bukeye. Ariko ‘ico umuntu abiba cose ni co azokwimbura; ntiduhebe rero gukora ivyiza, kuko igihe ni cashika tuzokwimbura ni tutarambirwa.’—Ab’i Galatiya 6:7-9.
28. Ni ingingo nziza izihe dusanga mu Migani iri muri Bibiliya zishobora gufasha mu vy’ukuzana ubuhirwe mu mubano w’abubatse, kandi zifasha gute?
28 Raba Ivyanditswe hamwe n’ibibazo ababiranye bashobora kuzirikana:
Imigani 14:29: “Ūteba kuraka aba [atahura neza rwose ukuntu ibintu biri, “NW”] ariko ikirandamuke cīhaya ubupfu.” Ufashe umwanya ukazirikana, ntiwosanga kenshi na kenshi ata mpamvu nyakuri yotuma ushavura?
Imigani 17:27: “Ūvuga make aba ari ubwenge, kandi [ūtahura neza ukuntu ibintu biri, “NW”] aba ari umuntu afise umutima.” Woba ufise umutima ukirinda kuvuga ivyoshavuza uwo mwubakanye?
Imigani 25:11: “Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.” Ijambo rirashobora kuba ryiza mu mwanya umwe, mu wundi rikaba ribi. Ubwo uratahura ijambo ribereye kuvugwa mu mwanya ukwiriye?
Imigani 12:18: “Hari ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, ariko ururimi rw’[inkerebutsi, “NW”] ruravūra.” Imbere y’ukuvuga, ubwo uhora ubanza kwiyumvīra ico ayo majambo ugomba kuvuga aja kugira uwo mwubakanye?
Imigani 10:19: “Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamwo ugucumura, ariko uwigarura mu vy’iminwa ivuga ni umunyabwenge.” Iyo dushavuye turakunda kuvuga n’ivyo tutagomba kuvuga, hanyuma tukicuza ico twabivugiye. Ubwo uhora uvyirinda?
Imigani 20:3: “Umuntu bimubera icubahiro [kureka gutongana, “NW”] ariko igipfu cose [kirarakara muri ivyo, “NW”].” Ugushwana bisaba ko haba abantu babiri. Woba ukuze bihagije mu vy’ukwiyumvīra ku buryo ari wewe wobireka?
Imigani 10:12: “Urwanko ruvyura [amahane, “NW”] ariko urukundo rupfuka ibigabitanyo vyose.” Woba uja urazurura ivyo mwatonganye kera, canke woba ukunda umugenzi bihagije ku buryo wovyibagira?
Imigani 14:9, “New English Bible”: “Igipfu kirirata rwose ntigitanga iciru; umuntu w’intungane arazi ukwumvikana ico ari co.” Uri amanyama rwose ku buryo utokwemera ikibi wakoze kugira habe amahoro mu rugo?
Imigani 26:20: “Iyo inkwi zibuze umuriro urazima.” Woba ushobora kureka gushwana canke ushima kuvuga gushika urangije?
Abanyefeso 4:26: “Izuba ntirirenge mukiratse.” Iyo mushwanye uguma uratse bigatuma wewe ubwawe n’uwo mwubakanye mumara igihe kirekire mubabaye?
29. Ni ibintu ki ngenderwako umuntu yogumiza ku muzirikanyi iyo arondera ko umubano wabo uguma urimwo agahimbare?
29 Impanuro iranga ubukerebutsi igira akamaro iyo umuntu ayikurikije. Gerageza kuyikurikiza. Gerageza kandi gukurikiza n’umutima ukunze ivyo uwo mwubakanye akubariye. Raba ko vyogira ico bimara. Niba hari ibitagenda neza, riba ari ikosa rya nde? Ico si co gihambaye. Igihambaye ni ukuntu ivyo bishobora gushirwa mu buryo. Oroha mu vy’uguhinduka, nimushire amatati ahabona, nimubiganire, kandi ntiwibone ko uri agahambaye. Nimuseruriranire akari ku mutima! ‘Uwo mwubakanye ni waba umukunda nk’uko wikunda,’ ntivyogorana rwose guhindura ingeso zigahuza n’ukuntu mubanye mu rugo, rugaca rubamwo agahimbare.—Matayo 19:19.