ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 11
  • Umunywamazi wa Mbere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umunywamazi wa Mbere
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Abantu umunani ni bo barokotse
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ukuntu amazi yahoneje isi—Yoba azosubira kuyihonya?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Inkuru ya Nowa na wa mwuzure ukomeye yoba ari igitito?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imburizi Dukura Kuri Kahise
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 11

INKURU YA 11

Umunywamazi wa Mbere

URAZI ico Nowa yatanguye gukora igihe we hamwe n’abiwe bava mu bwato? Yashikaniye Imana ishikanwa. Murabe kuri ico gishushanyo aho hepfo ariko ararishikana. Yashikaniye Imana ivyo bitungwa kugira ngo ayishimire kubera ko yabakijije isegenya.

Wibaza ko Yehova yashimishijwe n’iryo shikanwa? Egome yararishimye, aca araganira Nowa ko atazokwigera asubira guhonya isi n’amazi y’isegenya.

Isi yose ntiyatevye kwumuka, Nowa n’abiwe batangura kubaho ukundi gusha. Imana irabahezagira ibabwira iti: ‘Ni muvyare murondoke, mube benshi gushika aho mwuzura isi.’

Ariko munyuma igihe abantu bokwumviye ivy’isegenya botinye, bibaza ko yosubiye gutera. Ni co gituma Imana yahaye abantu ikintu cobibukije isezerano ryayo, ryo kutazokwigera isubira kwuzuza amazi kw isi yose. Urazi ico yabahaye ngo kibibutse? Ni umunywamazi.

Umunywamazi ukunda kuboneka mu kirere, igihe izuba ryatse imvura ihejeje kugwa. Hari aho iminywamazi igira amabara meza cane. Uramaze kuwubona? Raba uyu uri ngaha.

Ngibi ivyo Imana yavuze: ‘Ndasezeranye ko abantu n’ibikōko bitazokwigera bisubira gutikizwa n’isegenya. Nshize umunywamazi wanje mu bicu. Ico gihe cose uzoboneka, nzowurāba nce nibuka iryo sezerano ryanje.’

Igihe wobona umunywamazi woca ukwibutsa iki none? Nta kindi atari isezerano ry’Imana, ry’ukutazosubira guhonya isi yose ikoresheje isegenya.

Itanguriro 8:18-22; 9:9-17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika