ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 40
  • Musa Akubita Ikibuye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Musa Akubita Ikibuye
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Umucamanza yumira ku bintu bigororotse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yosuwa Aba Indongozi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ni nde uhanze amaso?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 40

INKURU YA 40

Musa Akubita Ikibuye

UMWAKA warahera hakaza uwundi—imyaka 10,20, 30, 39! Abisirayeli bari bakiri mu bugaragwa. Ico gihe cose, Yehova yaguma abagaburira mana. Ku murango mu kubarongora yakoresha inkingi y’igicu, mw ijoro na ho agakoresha iy’umuriro. Muri iyo myaka yose impuzu zabo ntizatabutse, kandi ibirenge vyabo ntivyagwaye imvutu.

Aha bari mu kwezi kwa mbere kw’umwaka ugira 40 kuva bavuye i Misiri. Bari basubiye gucumbika i Kadeshi. Ni ha handi bari bageze igihe abatasi batumwa gutata i Kanani, imbere y’imyaka nka 40. Miriyamu mushiki wa Musa ni ho yaguye. N’ico gihe nyene kandi amatata aravyuka.

Abantu babura amazi baca bidodombera Musa bati: ‘Iyo dupfa tugahera. Ni kuki wadukuye mu Misiri ukatuzana aha hantu habi hatamera? Nta buheke, nta nsukoni, nta nzabibu, nta makomamanga ariho; kandi nta n’amazi yo kunywa.’

Musa na Aroni baja kw ihema ya Yehova gusenga. Yehova abwira Musa ati: ‘N’ukoranye abantu bose, hanyuma ubwire rirya buye mu maso yabo, rica rivamwo amazi akwiye abantu n’ibitungwa vyabo.’

Musa arabakoranya, ati: ‘Ni mwumve mwa bantu mutizeye Yehova! Mbe, Aroni na jewe tubakurire amazi mu kibuye?’ Aca akubita nya kibuye inkoni zibiri, amazi aracuncubuka ava muri co. Amazi akwiye abantu n’ibitungwa aca araboneka.

Yehova ashavurira cane Musa na Aroni. Urazi igituma? Ni uko bavuze ko bagiye gukura amazi mu kibuye, kandi ari Yehova ayakurayo. Kubera ko aho Musa atavuze ukuri, Yehova aca avuga ko ashaka kubahana. Ati ‘ntimuzoshikana abantu banje i Kanani.’

Buno nyene Abisirayeli bava i Kadeshi, bashikira umusozi Hori badatevye, Aroni apfira hejuru kuri wo. Ico gihe yari amaze imyaka 123. Abisirayeli barababara cane, bamara imisi 30 bamugandariye. Umuhungu wiwe Eleyazari aca aba umuherezi mukuru w’Abisirayeli agira kabiri.

Guharūra 20:1-13, 22-29; Gusubira mu vyagezwe 29:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika