ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 66
  • Yezebeli—Umwamikazi Mubi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezebeli—Umwamikazi Mubi
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Umwamikazi mubi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ubu ni co gihe c’uko ufata ingingo ntabanduka yo kugira ico ukoze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yarihanganiye akarenganyo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Woba wigana ubutungane bwa Yehova?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 66

INKURU YA 66

Yezebeli—Umwamikazi Mubi

YEROBOWAMU amaze gupfa, abami bātwara ya miryango 10 bose bari babi. Ahabu ni we yari mubi kurusha bose. Urazi igituma yari mubi? Cane cane umwamikazi Yezebeli ni we yamutera ububi.

Yezebeli ntiyari umugore w’umwisirayeli, yari umukobwa w’umwami w’i Sidoni. Yasenga Bayali imana itari yo, atuma Ahabu n’abandi bisirayeli benshi bayisenga. Yaranka Yehova, kandi yarishe abamenyesha kazoza benshi, abandi na bo barihisha. Ashatse nk’ikintu yica umuntu.

Umusi umwe, umwami Ahabu yari yijiriwe cane, Yezebeli aramubaza ati: ‘Ni kuki uyu musi utanezerewe?’

Ahabu ati: ‘Nashatse kugura umurima w’imizabibu wa Naboti, ariko yanyankiye.’

Yezebeli ati: ‘Ntubabare ndawukuronkera.’

Yezebeli yandika amakete atuma ku bakuru b’igisagara Naboti yabamwo ati: ‘Ni mubwire abantu b’imburakimazi, bavuge ko Naboti yatutse Imana n’umwami, hanyuma mumusohore mu gisagara mumutere amabuye apfe.’

Yezebeli yumvise ko Naboti yapfuye, abwira Ahabu ati: ‘Ubu genda utware wa murima wiwe.’ Ntubona nawe ko ico kibi yari akwiye kugihanirwa?

Hashize imisi, Yehova atuma Yehu kumuhana. Yumvise ko Yehu ari mu nzira, asīga irangi mu maso ariryohora. Yehu ashitse amubonera mw idirisha, abwira abari mu ngoro ati: ‘Ni mumukororere hasi!’ Baramufata nk’uko ubibona ngaha, bamukororera hasi arapfa. Ivy’umwamikazi Yezebeli biherera aho.

1 Abami 16:29-33; 18:1-4; 21:1-16; 2 Abami 9:30-37.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika