ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 84
  • Umumarayika kwa Mariya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umumarayika kwa Mariya
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Gaburiyeli agendera Mariya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yatewe Iteka Imbere y’Uko Avuka
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu aterwa iteka ataravuka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 84

INKURU YA 84

Umumarayika kwa Mariya

UWO mwigeme asa neza ni Mariya. Ni umwisirayelikazi aba i Nazareti. Imana irazi ko yari umuntu mwiza, ni co gituma yatumye Gaburiyeli umumarayika wayo kumubwira amakuru. Urazi ivyo yashitse amubwira? Reka tubirabe.

Yarashitse ati: ‘Mwaramutse, wewe watewe iteka rinini. Yehova ari kumwe nawe.’ Uyo muntu Mariya ntiyari bwamubone. Aca arahagarika umutima, kuko atamenye ico ashaka kuvuga. Gaburiyeli aramuhumuriza.

Ati ‘ntutinye Mariya, Yehova yagushimye cane, ni co gituma ashaka kukugirira igitangaza. Uzovyara umwana, uze umwite Yezu.’

Arabandanya ati: ‘Azoba mukuru, kandi azokwitwa Umwana w’Imana Isumba Vyose. Yehova azomugira umwami nka Dawidi, ariko we azoganza imyaka yose, ubwami bwiwe ntibuzohera!’

Mariya ati: ‘Ivyo bishoboka bite? Sinabiriwe. Sindabana n’umugabo. Noshobora nte kuvyara umwana?’

Gaburiyeli ati: ‘Inguvu z’Imana zizokuzako, ni co gituma uwo mwana azokwitwa Umwana w’Imana.’ Hanyuma ati: ‘Ibuka incuti yawe Elizabeti. Bāvuze ko ashaje cane adashobora kuvyara, ariko ari hafi kuvyara umuhungu. Urabona rero ko ata kinanira Imana.’

Ubwo nyene Mariya ati: ‘Jewe ndi umusukukazi wa Yehova, ni bimbere nk’uko ubivuze.’ Nya mumarayika aca aragenda.

Mariya aca arahaguruka aja kurāba Elizabeti. Elizabeti yumvise ijwi ryiwe, umwana ari mu nda aranezerwa aca arasimbagurika. Yuzura impwemu y’Imana abwira Mariya ati: ‘Mu bagore bose wewe warahezagiwe.’ Mariya amarayo nk’amezi atatu, hanyuma arataha i Nazareti.

Mariya yari hafi kwabīrwa n’umugabo yitwa Yozefu. Yozefu yumvise ko ari mu kuvyara, yumva ntagishaka kumwabīra. Umumarayika ati: ‘Ntutinye kumutwara ngo abe umugore wawe, kuko Imana ari yo yamuhaye umwana.’ Mariya na Yozefu barabīrana, barindīra ko Yezu avuka.

Luka 1:26-56; Matayo 1:18-25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika