Ni kuki umuntu apfa?
8 Imana Yehova yashaka ko umuntu agira isi ahantu h’akaroruhore—iparadizo y’abantu bose.—Itanguriro 1:28
Abantu bari kubaho imyaka yose iyo Adamu na Eva bagamburukira Yehova yari yababwiye ngo ntibarye ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi.—Itanguriro 2:15-17
9 Umumarayika umwe aba mubi hanyuma akoresha inzoka mu kwosha Adamu na Eva ngo bagararize Imana.—Itanguriro 3:1-6
10 Uyo mumarayika mubi yahavuye yitwa Mureganyi iri ndi Murwanizi (Shetani).—Ivyahishuriwe Yohani 12:9 (NW)
11 Yehova yīrukanye uyo mugabo n’umugore bagararije abakura mw’iparadizo.—Itanguriro 3:23, 24
12 Adamu na Eva bavyara abana ariko uwo muryango ntiwari uhiriwe.—Itanguriro 3:17, 18
13 Nk’uko Yehova yari yabivuze barasaza hanyuma barapfa.—Itanguriro 3:19; Abaroma 5:12
14 Barapfa rero nk’ibikōko.
Ibifise ubugingo vyose biri kw’isi birapfa bigahera.—Umusiguzi 3:18-20; Ezekiyeli 18:4 (NW)