ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 16 rup. 125-131
  • Niwumve Impanuro, Wemere Gutozwa Indero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwumve Impanuro, Wemere Gutozwa Indero
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uburorero Bwandikiwe Kudukebura
  • Ingeso Nziza z’Agaciro Twotsimbataza
  • Ntiwanke Gutozwa Indero na Yehova
  • Wumvire Impanuro, Wemere Gutozwa Indero
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • ‘Niwumvirize amajambo y’abantu b’inkerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Woba utanga impanuro ‘inezereza umutima’?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Woba uzobandanya wemera kubogorwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 16 rup. 125-131

Ikigabane ca 16

Niwumve Impanuro, Wemere Gutozwa Indero

1. (a) Hari n’umwe muri twebwe adakeneye guhanurwa no gutozwa indero? (b) Ariko ni ibibazo ibihe vyoba vyiza tubizirikanye?

KU BATARI bake muri twebwe biroroshe kwemera iki Canditswe kivuga ngo “dutsitara muri vyinshi.” (Yakobo 3:2) Ntibigoye kwibuka ibihe ivy’ukumera nk’uko Ijambo ry’Imana ribidusaba ari na vyo nyene twipfuza, vyatunaniye. Duca rero twemera ko Bibiliya ivugisha ukuri igihe itubarira iti: “[Niwumve impanuro], wemere [gutozwa indero], kugira ngo ube [inkerebutsi] mu bihe vyo hanyuma.” (Imigani 19:20) Turazi ko dukeneye ben’ukwo gufashwa. Nta gukeka twaratunganije uburyo tubayeho, kugira ngo buhuze n’ivyo twize muri Bibiliya. Ariko nk’igihe umukirisu mugenzi wacu aduhanuye ku co twagize kitaranga ubukerebutsi, duhora tubibona gute? Canke bigenda gute nk’igihe atweretse gusa uburyo twoshobora kurushirizaho kurangūra neza igikorwa kinaka?

2. (a) Ni kuki dukwiye kwerekana ko dukengurutse uguhabwa impanuro twebwe ubwacu? (b) Ni ibiki tudakwiye kugira?

2 Naho twokwiyumvamwo ko bitadushimishije kubera kamere ya twebwe abantu ifise agasembwa, dukwiye kwerekana bivuye ku mutima ko dukengurutse iyo mpanuro, kandi tukagerageza kuyikurikiza. Tubigenjeje gutyo, mu nyuma vyotugirira akunguko. (Abaheburayo 12:11) Ariko igihe duhanuwe hari aho duhora tugerageza kwikurayo, tukabifata minenegwe kandi bihambaye, canke tukabihenurira ku wundi. Woba warigeze kugira ibintu nk’ivyo? Twibutse ivyabaye ico gihe, duca twumva tugiriye inzigo uwaduhanuye? Twoba dufise agatima ko gutora amakosa uwaduhanuye canke ako kunegura uburyo yaduhanuye, nk’uko umengo hariho uburyo bw’uko ivyo vyotuma amakosa yacu ataba akigira ico avuze? Ubwo Bibiliya yoshobora gufasha umuntu kwikuramwo ako gatima?

Uburorero Bwandikiwe Kudukebura

3. (a) Ni ibiki biri muri Bibiliya bishobora kudufasha kwishiramwo ivy’ukubona neza impanuro n’ugutozwa indero? (b) Koresha ibibazo biri aho haruguru utohoze uburyo Sauli na Uziya bakiriye impanuro.

3 Turetse ko Ijambo ry’Imana muri ivyo ridukebura mu buryo bwinshi kandi burashe, ririmwo n’ivyabaye koko mu buzima bw’abantu bīgeze guhanūrwa. Kenshi na kenshi ukwo guhanurwa kwaba kurimwo n’ugutozwa indero, kuko uwahanurwa yategerezwa guhindura umutima n’imigenzo. Ukoresheje ivyo bibazo biri aho hepfo kugira utohoze bumwe bumwe muri ubwo burorero, wosanga hariho ibintu vyinshi twese twohungukira:

SAULI MWENE KISHI: Ukugamburukira Yehova bimwe bishitse koko vyari vyaramunaniye, kubera ko igihe yaja kurwanya Abamaleki yazigurije umwami wabo n’ibitungwa vyiza vyiza. (1 Samweli 15:1-11)

Turavye ukuntu Sauli yakiriye impanuro Samweli amuhaye yo kumukebura, ni igiki cerekana ko yariko arashaka gufata ikosa yakoze nk’iridahambaye? (Mrg. wa 20) Ni bande yagerageje kubihenurirako? (Mrg. wa 21) Amaherezo aho yemereye ikosa, yagerageje kwikurayo gute? (Mrg. wa 24) No gushika ico gihe nyene yērekanye ko cane cane yitwararitse iki? (Mrg. wa 25, 30)

UZIYA: Yarinjiye mu rusengero rwa Yehova kwosa imibavu, kandi abaherezi ari bo bonyene bari babirekuriwe. (2 Ngoma 26:16-20)

Igihe umuherezi mukuru yagerageza kubuza umwami Uziya, ni kuki uyo mwami yaciye arakara? (Gereranya no ku murongo wa 16.) Amaherezo vyagenze gute? (Mrg. wa 19-21)

4. (a) Ni kuki Sauli na Uziya ivy’ukwemera guhanurwa bitari biboroheye? (b) Ni kuki no muri iki gihe nyene ivyo ari ingorane ikomeye?

4 Turavye ubwo burorero kamwe kamwe ukwako, ni kuki uwahanurwa wese yabona ko bigumye rwose kwemera ko akeneye impanuro? Icabibatera cane cane yari amanyama, kwibara uko batari. Abantu benshi muri iki gihe bahora bikwegera amaganya menshi kubera iyo kamere. Iyo bamaze gushikīra ico babona ko cobahesha icubahiro, ari imyaka y’amavuka canke ubukuru, ntibaba bacumva impanuro. Basa n’abiyumvīra ko impanuro yerekana yuko muri bo hari agahaze, canke ko ibakengereza. Ariko ikigaragaza neza aho umuntu agoyagoya, ni amanyama. Muri ivyo ntidukwiye kwihoyahoya ngo ni uko ikosa mwen’iryo bose barigira. Ni umutego Shetani ikoresha kugira ngo ivuruge umuntu ubwenge ntiyemere ivy’ugufashwa na Yehova birimwo urukundo, bigirwa biciye kw Ijambo ryiwe no kw Ishirahamwe ryiwe riboneka. Yehova aratubūrira ati: “Ubwibone bwitangira imbere y’[ugusenyuka], kandi [agatima k’amanyama] imbere y’[ugutirimuka].”—Imigani 16:18; raba no mu Baroma 12:3; mu Migani 16:5.

5. Koresha ibibazo biri muri ico gifungo utahure neza inyigisho umuntu yoronkera ku nkuru yerekeye Musa na Dawidi.

5 Ariko kandi mu Vyanditswe harimwo uburorero bwiza rwose bw’abēmeye guhanurwa. Ivyo na vyo nyene umuntu yobironkerako inyigisho nziza cane. Zirikana:

MUSA: Sebukwe yaramuhaye impanuro y’ingirakamaro ku vyerekeye uburyo yorangūra ibanga riremereye yari ashinzwe atisenyaguye. Musa yaramwumvirije, aca arabikurikiza ubwo nyene. (Kuvayo 18:13-24)

Ni kuki Musa yari mukuru cane ariko akabangukirwa rwose no kwemera iyo mpanuro nziza? (Gereranya no muri Guharūra 12:3.) Ni mu buryo ki iyo kamere nziza yotugirira akamaro? (Zefaniya 2:3)

DAWIDI: Yari yarenze ibigo, mu nyuma yīgira inama y’ukwicisha umugabo w’uyo mugore kugira ngo ace amucūra, abe azimanganije ivy’uko kurenga ibigo. Hārashize amezi Yehova ataratuma Natani gukebura Dawidi. (2 Samweli 11:2–12:12)

Dawidi yoba yarashangashiwe kubera ko akebuwe, abona ko nya kosa ridahambaye canke agerageza kubihenurira ku bandi? (2 Samweli 12:13; Zaburi ya 51:amajambo yanditswe haruguru yayo, hamwe n’umurongo wa 1-3) Imana ko yemeye ukwihana kwa Dawidi, bishaka kuvuga yuko we n’abiwe bari bakijijwe ingaruka y’uko kwigenza nabi kwiwe? (2 Samweli 12:10, 11, 14; Kuvayo 34:6, 7)

6. (a) Dawidi yūmva amerewe ate igihe ahawe impanuro nziza? (b) Ni akunguko ki tworonka igihe twemeye impanuro ben’iyo tutagoranye? (c) Ni igiki tudakwiye kwibagira nk’iyo dutojwe indero bikomeye?

6 Umwami Dawidi yari azi neza akamaro ko kwumviriza impanuro nziza, kandi igihe yayihabwa yarakengurukiye Yehova kubera uwo yabicishijeko mu kumuhanura. (1 Samweli 25:32-35; raba no mu Migani 9:8.) Uko ni ko twoba tumeze? Ni twaba tumeze gutyo, twoba twirinze kuvuga canke kugira ibintu vyinshi, vyotuma mu nyuma twitako umwikomo. Ariko nk’igihe twoshikirwa n’ivyotuma dutozwa indero bimwe bikomeye nka Dawidi aho akoreye icaha na Batisheba, dukwiye kutibagira ko gutozwa indero ari ikimenyamenya c’uko Yehova adukunda, kugira ngo tuharonkere ineza yamaho.—Imigani 3:11, 12; 4:13.

Ingeso Nziza z’Agaciro Twotsimbataza

7. Ni kamere ki Yezu yerekanye umuntu ategerezwa kuba afise kugira ngo yinjire mu Bwami?

7 Kugira ngo twumvikane na Yehova be n’abo tuvukana mu vy’ubukirisu, turakeneye twebwe ubwacu gutsimbataza kamere nziza zimwe zimwe. Yezu yarashimitse kuri imwe muri izo aho yashira umwana mutoyi hagati y’abayobōke biwe akavuga ati: “Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bwami bwo mw ijuru. Nuko ūzokwicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu bwami bwo mw ijuru.” (Matayo 18:3, 4) Abo bayobōke bari bakeneye guhinduka. Bātegerezwa guta ubwishime bafise bagatsimbataza ukwicisha bugufi.

8. (a) Dukwiye kwicisha bugufi imbere ya bande, kubera iki? (b) Iyo tumeze gutyo impanuro tuzibona gute?

8 Mu nyuma intumwa Petero yarandikiye abakirisu bagenzi biwe ibi bikurikira: “Mwese mukenyere ukwicisha bugufi [umwe umwe imbere ya mugenziwe], kuko Imana irwanya abībona, ariko abicisha bugufi [ikabagirira] ubuntu [batabibereye].” (1 Petero 5:5) Turazi ko dukwiye kwicisha bugufi imbere y’Imana, mugabo ico Canditswe kivuze ko dukwiye kwicisha bugufi no mu migenderanire dufitaniye n’abizeye bagenzi bacu. Niba ari uko turi, ntitwogira ubujuju ngo tubabare nk’igihe baduhanuye. Twokwigira ku bandi n’umutima ukunze. (Imigani 12:15) Kandi nk’igihe abavandimwe babonye yuko bikenewe ko baduhanura kugira ngo twigarure, ukwemera ko Yehova agaragaza urukundo mu gukoresha ubwo buryo kugira ngo adutunganye, kwotuma tutavyanka.—Zaburi 141:5.

9. (a) Ni kamere nziza iyihe ihambaye ifitaniye rwose isano n’ukwicisha bugufi? (b) Ni kuki dukwiye kwitwararika ivyo imigenzo yacu igira ku bandi?

9 Iyindi kamere nziza ifitaniye isano n’ukwicisha bugufi, ni ukwitwararika vy’ukuri ko abandi bamererwa neza. Ntidushobora kwiyobagiza ko ivyo dukora biri n’ico bigira ku bandi. Intumwa Paulo yarahanuye abakirisu ba mbere b’i Korinto n’ab’i Roma ngo bitwararike ijwi ryo mu mutima ry’abandi. Ntiyababwiye ko bategerezwa guheba ibibahimbara ubwabo vyose, ariko yabasavye kutagira ivyotuma haba ūkomantaza umutima agakora ivyo ijwi ryiwe ryo mu mutima rimwagiriza ko ari bibi, bikamuzanira urupfu mu vy’umutima. Paulo yarasiguye neza ingingo igenga ivyo, yandika ngo “ntihagire umuntu ababara ivyiwe, ariko ababare ivya mugenziwe. . . . Nuko iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana. Ntimubere [Abayahudi] igitsitaza, canke Abagiriki, canke ishengero ry’Imana.”—1 Ab’i Korinto 10:24-33; 8:4-13; Abaroma 14:13-23.

10. Ni igiki cokwerekana ko ugukurikiza impanuro zo mu Vyanditswe tuvyimenyereza?

10 Woba uguma wiyumvīra ineza y’abandi ukayirutisha ibiguhimbara wewe ubwawe? Ivyo bishobora kugirwa mu buryo bwinshi, ariko raba aka karorero: Imvugo, inyambaro n’ivy’uguhingura umushatsi, mu bisanzwe tubigira dukurikije ukuntu twumva bidushimishije, bigapfa gusa kuba biranga ukwifata ruto, bibereye kandi birimwo isuku. Ariko uramutse ubonye ko inyambaro yawe hamwe no guhingura umushatsi bibuza abandi kwumviriza ubutumwa bw’ivy’Ubwami kubera imigenzo yo mu gisata c’abantu ubamwo, ntivyoshoboka ko ubigenza ukundi? Ubuzima bw’uwundi muntu bwoba bufise agaciro kuri wewe gusumba ukwinezereza wewe ubwawe?

11. Ni igiki cerekana yuko ugutsimbataza izo kamere nziza biri n’ico bivuze niba vy’ukuri dushaka kuba abakirisu?

11 Igihe izo ngeso nziza duhejeje kuvuga zisigaye ari zo zigenga ukuntu tumeze, kiba ari ikimenyamenya c’uko dutanguye kugira ivyiyumviro vya Kirisitu. Mu vy’ukwicisha bugufi, Yezu yaratanze akarorero katagira amahinyu. (Yohani 13:12-15; Ab’i Filipi 2:5-8) Yaratanze akarorero twokurikira, kuko yiyumvīra abandi mu gishingo c’ukwinezereza gusa we nyene ubwiwe.—Abaroma 15:2, 3.

Ntiwanke Gutozwa Indero na Yehova

12. (a) Twese dutegerezwa guhinduka mu biki kugira ngo tugire kamere ihimbara Imana? (b) Ni igiki codufasha?

12 Kubera ko twese turi abanyavyaha, dusabwa guhindura uburyo tubona ibintu, uburyo tuvuga n’uburyo twigenza, kugira ngo kamere y’Imana dusenga ibonekere muri twebwe. Dukwiye kwambara “[kamere nsha].” (Ab’i Kolosayi 3:5-14; Tito 2:11-14) Impanuro no gutozwa indero biradufasha gutahura ivyo dukwiye guhindukamwo ivyo ari vyo, tugaca tubona n’uburyo twohinduka.

13. (a) Ni mu buryo ki Yehova aduha impanuro kandi akadutoza indero twese? (b) Ivyo dukwiye kubibona gute?

13 Isōko rikuru rivamwo izo nyigisho, ni Bibiliya yo nyene ubwayo. (2 Timoteyo 3:16, 17) Hanyuma Yehova aradufasha kubona ukuntu twozikurikiza, abicishije ku bitabu bisigura Bibiliya hamwe no ku makoraniro, vyose bikaba bitegurwa n’Ishirahamwe ryiwe riboneka. Twoba twicisha bugufi tukemera ko tuzikeneye—naho twoba tumaze kuzumva—nantaryo tukagerageza kurushirizaho kwitunganya neza?

14. Ni mu bundi buryo ubuhe Yehova adufasha umwe umwe ukwiwe?

14 Yehova ntareka ngo turwane twenyene mu bintu vyoshobora kutubera amadidane akomeye koko. Arategekanya uburyo bw’ugufasha umuntu wese, abitumwe n’ukutwitwararikana urukundo. Abantu amamiliyoni atari make uko gufashwa barakuronkeyeko akunguko, biciye ku nyigisho za Bibiliya zigirirwa i muhira iwabo. Abavyeyi bari n’ibanga rihambaye ry’ugutoza indero abana babo, kugira ngo babarinde imigenzo yoshobora mu nyuma kuzobazanira umubabaro mwinshi mu buzima. (Imigani 6:20-35; 15:5) No mw Ishengero nyene, abafise ingeso nziza zo mu vy’umutima bari n’ibanga ry’ugukoresha Ivyanditswe bakabogora abandi igihe babonye ko bikenewe, ariko bobigirana agatima k’ubwitonzi. (Ab’i Galatiya 6:1, 2) Muri ubwo buryo bwose Yehova araduhanura kandi akadutoza indero, kugira ngo tumusenge duhurikiye hamwe.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Yehova adufasha gute kubona ivyo dukwiye kwibogoramwo abitumwe n’urukundo?

● Ni kuki abantu benshi batoroherwa no kwemera guhanurwa? Ivyo birakomeye, gute?

● Ni ingeso nziza ntangere izihe zodufasha kwemera guhanurwa? Yezu yatanze akarorero gute muri ivyo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika