Ururirimbo rwa 17
“Ikime” ca Yehova mu bisata vyinshi vy’abantu
1. ’Masigarir’asa neza
Nk’ikime c’umutwenzi.
Krist’arabah’agaciro,
Baz’iwe nk’abagenzi.
2. Ab’Imana ni nk’ikime,
Ni za ngenza buhoro.
’Basavyi bayo b’ukuri
Bikundir’amahoro.
3. Ubu ba bagenzi babo
Si bake; barahari.
Na bo ni za “zindi ntama”,
Bakoran’ata mpari.
4. Abavugira Yehova
Babikor’ari benshi.
Nk’ikime tumere natwe,
Tuvug’Ubwami kenshi.