Ururirimbo rwa 81
Dukenguruke ukwihangana kw’Imana
1. Yehova ni we waremye
Vyos’ubwiza ntiwavyimye.
Isi n’ijuru biraza,
Na vyone bikavyemeza.
Naho bifis’ubwo bwiza
Ku bantu bakund’ivyiza,
Har’ubundi bazobona
Niwatsinda we Segaba.
2. Ko wank’ivyo kurenganya,
Ababi wozimanganya.
Ariko warigumije
Uba uradukijije.
Abatwar’izina ryawe
Baz’ukwihangana kwawe
Gutuma bo bazobona
Intsinzi yawe Segaba.
3. Naho wama werekana
Kamere y’ukwihangana,
Nta woc’ariramwo mbege,
Reka riho tukuyage.
Dufashe turang’inzira,
’Bandi babone gukira,
Ni ho na bo bazobona
Gutsinda kwawe Segaba.