Ururirimbo rwa 169
Ya ndirimbo nshasha
1. Ya ndirimbo nsha, ririmbir’Iman’ubwayo;
Ivyiza ikora bivuge ni rwayo.
Shim’ukuboko kwayo kweranda kw’intsinzi;
Mu maso ya bose nta h’ac’urwa nkunzi.
(Icitabirizo)
2. Mwes’abo kw’isi, Yehova muririmbire;
Nimumushemeze, munamutazire.
Uwo Mukama, muhimbaze ni we Mana.
Inanga n’inzamba bivuzwe bíjana.
(Icitabirizo)
3. Ikiyaga be n’ibirimwo, muhimbaze.
Abo kur’iyi si, mumuhayagize.
Mwa bizunga mwe, namwe nzuzi muh’amashi.
Na mwebwe Misozi, muh’impundu nyinshi.
(ICITABIRIZO)
Ririmbe!
Ya ndirimbo nshasha.
Ririmbe!
Ya, we Mwami musa.