Ikigabane ca 25
Vya vyabona bibiri bisubizwa ubuzima
1. Wa mumarayika w’inkomezi atumira Yohani ngo agire iki?
IMBERE y’uko amagorwa ya kabiri ateba akarengana, wa mumarayika w’inkomezi aratumira Yohani ngo agire uruhara mu bundi buhanuzi, na bwo bukaba bufitaniye isano n’urusengero. (Ivyahishuwe 9:12; 10:1) Yohani yigana ati: “Maze mpabwa irenga rimeze nk’inkoni igihe yavuga ati: ‘Haguruka ugere aheranda h’urusengero rw’Imana n’igicaniro be n’abahasengera.’”—Ivyahishuwe 11:1.
Urusengero
2. (a) Ni urusengero nyabaki rwobandanije kubaho gushika mu gihe cacu? (b) Umuherezi Mukuru w’urwo rusengero ni nde, kandi Aheranda Rwose harwo ni hehe?
2 Urusengero ruvugwa ng’aha ntirushobora kuba ari urusengero kanaka rw’i Yeruzalemu, kuko urwa nyuma rwasambuwe n’Abaroma mu 70 G.C. Ariko rero n’imbere y’uko rusamburwa, intumwa Paulo yarerekanye ko hari harabonetse urundi rusengero rwobandanije kubaho gushika mu gihe cacu. Urwo ni rwa rusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu rwabanje kugereranywa na ya taberenakulo, mu nyuma na ho rugereranywa n’insengero zagiye zirubakwa i Yeruzalemu. Ni “ihema nyakuri ryashinzwe na Yehova, ritashinzwe n’umuntu,” kandi Umuherezi Mukuru waryo ni Yezu, intumwa Paulo akaba avuga ko amaze “[kwicara] iburyo bw’intebe y’ubwami ya Nyenubukuru mw’ijuru.” Aheranda Rwose harwo ni aho Yehova avyagiye mw’ijuru ubwaho.—Abaheburayo 8:1, 2; 9:11, 24.
3. Kuri rwa rusengero, ni igiki cagereranywa na (a) ya rido yatandukanya Aheranda Rwose n’aheranda? (b) ibimazi vy’ibitungwa? (c) igicaniro c’ibimazi?
3 Intumwa Paulo asigura ko irido y’urwo rusengero, iyatandukanya Aheranda Rwose n’Aheranda, igereranya umubiri wa Yezu. Igihe Yezu yatanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu, iyo rido yaciye itabukamwo kubiri, biba vyerekanye ko umubiri wa Yezu utari ukimutangira ngo ntiyinjire aho Yehova avyagiye mw’ijuru. Hishimikijwe incungu ya Yezu, abaherezi batobato barobanuwe bapfuye ari abizigirwa, na bo nyene bokwinjiye mw’ijuru igihe kigeze. (Matayo 27:50, 51; Abaheburayo 9:3; 10:19, 20) Paulo arerekana kandi ko ibimazi vy’ibitungwa vyatangwa ku rusengero vyagereranya ikimazi kimwe c’ubuzima butagira agasembwa bwa Yezu. Igicaniro c’ibimazi cari mu kigo cagereranya intunganyo Yehova yashizeho yisunze igomba ryiwe, yo kwemera ikimazi Yezu yatanze ku bwa “benshi” bogaragaye ko “bamurindiranye igishika ku bw’ubukiriro bwabo,” ubwa mbere ku bw’abarobanuwe, hanyuma ku bw’izindi ntama.—Abaheburayo 9:28; 10:9, 10; Yohani 10:16.
4. Ni ibiki vyagereranywa na (a) Aheranda? (b) ikigo c’indani?
4 Dufatiye kuri ayo makuru yahumetswe n’Imana, twoshobora gushika ku ciyumviro c’uko Aheranda h’urwo rusengero hagereranya ubweranda bwabanje kugirwa na Kristu, mu nyuma bukagirwa n’abarobanuwe 144.000 bagize ubuherezi bwa cami igihe bakiri kw’isi, imbere y’uko binjira baciye muri “rya rido.” (Abaheburayo 6:19, 20; 1 Petero 2:9) Hagereranya mu buryo bubereye ukuba Imana yarabagize abana bayo bo mu buryo bw’impwemu, nka kumwe nyene yemeza ko Yezu ari Umwana wayo inyuma y’aho abatirijwe muri Yorodani mu 29 G.C. (Luka 3:22; Abaroma 8:15) Tuvuge iki ku kigo c’indani, igice conyene c’urusengero Abisirayeli atari abaherezi bashobora kubona, ari na ho ibimazi vyatangirwa? Ico kigo kigereranya ukuba Yezu yari umuntu atagira akanenge, akaba ari vyo vyatumye ashobora gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure abantu. Kigereranya kandi ukuba abayoboke biwe barobanuwe babonwa ko ari abagororotsi n’aberanda igihe bari kw’isi, hisunzwe incungu ya Yezu.a—Abaroma 1:7; 5:1.
Ukugera urusengero
5. Mu buhanuzi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, vyasobanura iki (a) kugera Yeruzalemu? (b) kugera urusengero Ezekiyeli yeretswe?
5 Yohani asabwa “[kugera] aheranda h’urusengero rw’Imana n’igicaniro be n’abahasengera.” None ivyo bisobanura iki? Mu buhanuzi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, mwene ukwo kugera cari icemeza ko ubutungane bwoshikijwe hisunzwe ingingo ngenderwako za Yehova zitagira agahaze. Mu gihe ca wa Mwami w’umubisha Manase, ukugera Yeruzalemu vyarerekanye ko ico gisagara cotikijwe ata kabuza. (2 Abami 21:13; Gucura intimba 2:8) Ariko rero mu nyuma, igihe Yeremiya yabona Yeruzalemu iriko iragerwa, ivyo vyaremeje ko ico gisagara cosubiye kwubakwa. (Yeremiya 31:39; raba kandi Zekariya 2:2-8.) Muri ubwo buryo nyene, igihe Ezekiyeli yerekwa urusengero ruriko ruragerwa bimwe vyitondewe, cari icemeza Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni ko ugusenga kw’ukuri kwosubijwe umutamana mu gihugu cabo c’amavukiro. Vyaributsa kandi Abisirayeli ko babwirizwa guheba amakosa yabo bakisunga ingingo ngenderwako za Yehova zitunganye.—Ezekiyeli 40:3, 4; 43:10.
6. Kuba Yohani asabwa kugera urusengero n’abaherezi barusengeramwo, ni ikimenyetso c’iki? Sigura.
6 Igihe rero Yohani asabwa kugera urusengero n’abaherezi barusengeramwo, ni ikimenyetso c’uko ata kintu na kimwe gishobora kubuza iranguka ry’imigambi ya Yehova ijanye n’urwo rusengero n’abarukoreramwo, be n’uko iyo migambi yimirije kuranguka. Kubera ko ibintu vyose bimaze gushirwa munsi y’ibirenge vya wa mumarayika w’inkomezi wa Yehova, harageze ko “umusozi w’inzu ya Yehova [u]shimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi.” (Yesaya 2:2-4) Ugusenga Yehova gutyoroye kubwirizwa gushirwa hejuru, inyuma y’ibinjana n’ibindi vyaranzwe n’ubuhuni bw’abiyita abakirisu. Harageze kandi ko bene wabo na Yezu b’abizigirwa bapfuye bazurwa bakaja “Aheranda h’Aheranda.” (Daniyeli 9:24; 1 Abatesalonika 4:14-16; Ivyahishuwe 6:11; 14:4) Vyongeye, aba nyuma mu “bashumba b’Imana yacu” badomweko ikidodo ng’aha kw’isi babwirizwa gusuzumwa hisunzwe ingingo ngenderwako z’Imana, kugira biboneke ko bakwije ibisabwa vyo kuronka ikibanza ntabanduka muri rwa rusengero ari abana b’Imana bavyawe n’impwemu. Abagize umugwi wa Yohani muri iki gihe barazi neza izo ngingo ngenderwako zitunganye kandi bariyemeje kuzisunga.—Ivyahishuwe 7:1-3; Matayo 13:41, 42; Abanyefeso 1:13, 14; gereranya n’Abaroma 11:20.
Urugo ruhonyangwa
7. (a) Kubera iki Yohani abwirwa ngo ntagere urugo? (b) Ni ryari ca gisagara ceranda camaze amezi 42 gihonyangwa? (c) Ni mu buryo ki indongozi z’abiyita abakirisu zamaze amezi 42 zitisunga ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova?
7 Ni kubera iki Yohani yabujijwe kugera urugo? Arabitwiganira ati: “Nayo urugo ruri hanze y’aheranda h’urusengero, rute hanze, nturugere, kuko ruhawe amahanga, kandi azohonyangira ca gisagara ceranda munsi y’ibirenge amezi mirongo ine n’abiri.” (Ivyahishuwe 11:2) Twabonye ko ikigo c’indani kigereranya ukuba abakirisu bavyawe n’impwemu bafatwa ko ari abagororotsi igihe bari kw’isi. Nk’uko tuza kubibona, aho hariko havugwa amezi 42 atari ay’ikigereranyo, yo kuva muri Kigarama 1914 gushika muri Ruheshi 1918, igihe abavuga ko ari abakirisu bose bagezwa bimwe bikomeye. Boba bokwisunze ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse muri ico gihe c’intambara? Abenshi barabigize. Muri rusangi, indongozi z’abiyita abakirisu zashize imbere ivyo kwiratira igihugu kuruta ukugamburuka amategeko y’Imana. Ku mpande zose z’abari muri iyo ntambara, ahanini bakaba bari abo mu biyita abakirisu, indongozi z’idini zararemesheje imisore kuja ku rugamba. Abashika amamiliyoni barahasize ubuzima. Igihe urubanza rwatangurira mu nzu y’Imana mu 1918, Leta Zunze Ubumwe za Amerika na zo nyene zari zimaze kuja muri ukwo gusesa amaraso, kandi indongozi z’amadini yose y’abiyita abakirisu zari zimaze kwagirwa n’amaraso n’ubu agisemerera asaba Imana guhorwa. (1 Petero 4:17) Baciye batererwa hanze ubutakigaruka.—Yesaya 59:1-3, 7, 8; Yeremiya 19:3, 4.
8. Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, ni igiki Abatohoji ba Bibiliya benshi batahura, ariko ni igiki batategera neza?
8 Ariko none tuvuge iki ku mugwi mutoya w’Abatohoji ba Bibiliya? Boba bari guca ubwo nyene mu 1914 bafatwa ko bumira ku ngingo ngenderwako z’Imana? Oya. Nka kumwe kw’abo mu madini y’abiyita abakirisu, na bo nyene babwirijwe gusuzumwa. ‘Baratawe hanze, bahabwa amahanga’ kugira bagezwe bongere bahamwe bimwe bikomeye. Benshi muri bo baratahura ko batari bakwiye kuja kwica bagenzi babo, ariko ntibari bwatahure neza yuko abakirisu badakwiye kugira aho bahengamiye. (Mika 4:3; Yohani 17:14, 16; 1 Yohani 3:15) Bamwe baradohotse kubera baremerewe n’amahanga.
9. Igisagara ceranda cahonyanzwe n’amahanga ni iki, kandi ni bande bagiserukira kw’isi?
9 Ariko none, ni mu buryo ki igisagara ceranda cahonyanzwe n’ayo mahanga? Biragaragara ko ico gisagara kivugwa atari ya Yeruzalemu hari haheze imyaka irenga 25 isambuwe imbere y’uko igitabu c’Ivyahishuwe candikwa. Ahubwo ico gisagara ceranda ni Yeruzalemu Nshasha yahavuye idondorwa mu Vyahishuwe, muri iki gihe ikaba iserukirwa kw’isi n’amasigarira y’abakirisu barobanuwe bari mu kigo c’indani ca rwa rusengero. Abo na bo nyene bazohava baba mu bagize ico gisagara ceranda. Kubahonyanga rero nta ho bitaniye no guhonyanga ico gisagara ubwaco.—Ivyahishuwe 21:2, 9-21.
Vya vyabona bibiri
10. Ivyo vyabona vya Yehova b’abizigirwa bakora iki mu gihe baba bariko barahonyangwa?
10 No mu gihe izo intahemuka ziba ziriko zirahonyangwa, ntizireka kuba ivyabona vya Yehova b’abizigirwa. Ubwo buhanuzi rero buca bubandanya buti: “‘Kandi vya vyabona vyanje bibiri nzotuma bivuga ubuhanuzi imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu vyambaye amagunira.’ Abo bagereranywa na vya biti vy’imyelayo bibiri na vya bitereko vy’amatara bibiri, kandi bahagaze imbere y’Umukama w’isi.”—Ivyahishuwe 11:3, 4.
11. Kuba abakirisu barobanuwe b’abizigirwa bavuga ubuhanuzi “[b]ambaye amagunira” vyasobanura iki?
11 Abo bakirisu barobanuwe b’abizigirwa bari bakeneye ukwihangana, kuko babwirizwa kuvuga ubuhanuzi “[b]ambaye amagunira.” None ivyo vyasobanura iki? Mu bihe vya Bibiliya, akenshi igunira ryagereranya intuntu. Kuryambara caba ari ikimenyetso c’uko umuntu yuzuye intimba n’ukudundumirwa. (Itanguriro 37:34; Yobu 16:15, 16; Ezekiyeli 27:31) Igunira ryajana n’ubutumwa bubabaje bwerekeye ivyago canke umubabaro abavugishwa n’Imana babwirizwa gutangaza. (Yesaya 3:8, 24-26; Yeremiya 48:37; 49:3) Kwambara igunira vyarashobora kwerekana ukwicisha bugufi canke ukwigaya ku bijanye n’ingabisho Imana yatanze. (Yona 3:5) Bisa n’uko amagunira ivyo vyabona bibiri bambaye yerekana ukuntu bihanganye bicishije bugufi mu gutangaza imanza za Yehova. Vyari ivyabona bitangaza umusi wiwe wo kwihora wotumye kandi amahanga atuntura.—Gusubira mu vyagezwe 32:41-43.
12. Ni kubera iki ikiringo ca gisagara ceranda cabwirizwa guhonyangwa dukwiye kugifata ukwo nyene?
12 Abagize umugwi wa Yohani babwirijwe kwamamaza ubwo butumwa mu kiringo ntabanduka, ni ukuvuga imisi 1.260 canke amezi 42, ari na co kiringo ca gisagara ceranda cabwirizwa guhonyangwa. Ico kiringo dukwiye kugifata ukwo nyene kuko kivugwa mu buryo bubiri butandukanye, ubwa mbere mu mezi hanyuma mu misi. Vyongeye, igihe umusi w’Umukama watangura, harabayeho ikiringo c’imyaka itatu n’igice aho abasavyi b’Imana bashikiwe n’ibintu bigoye bisa n’ibidondorwa ng’aha, uhereye muri Kigarama 1914 gushika muri Ruheshi 1918. (Ivyahishuwe 1:10) Baramamaje ubutumwa bwo kwambara “amagunira” bujanye n’urubanza Yehova yaciriye abiyita abakirisu hamwe n’isi.
13. (a) Kuba abakirisu barobanuwe bagereranywa n’ivyabona bibiri bisobanura iki? (b) Kuba Yohani yita vya vyabona bibiri ngo ni “vya biti vy’imyelayo bibiri na vya bitereko vy’amatara bibiri,” ni ubuhanuzi bwa Zekariya ubuhe bica bitwibutsa?
13 Kuba bagereranijwe n’ivyabona bibiri biratwemeza ko ubutumwa bavuze bwari ubw’ukuri kandi bufise ishingiro. (Gereranya no Gusubira mu vyagezwe 17:6; Yohani 8:17, 18.) Yohani abita “vya biti vy’imyelayo bibiri na vya bitereko vy’amatara bibiri,” akavuga ko “bahagaze imbere y’Umukama w’isi.” Ivyo bica bitwibutsa neza na neza ubuhanuzi bwa Zekariya, uwabonye igitereko c’amatara gifise amashami indwi hamwe n’ibiti vy’imyelayo bibiri. Ivyo biti vy’imyelayo vyavuzwe ko bigereranya “bamwe babiri barobanujwe amavuta,” ni ukuvuga Buramatari Zerubabeli n’Umuherezi Mukuru Yosuwa, “bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose.”—Zekariya 4:1-3, 14.
14. (a) Ibiti vy’imyelayo bibiri n’igitereko c’amatara Zekariya yeretswe vyasobanura iki? (b) Ni ibiki vyoshikiye abakirisu barobanuwe mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose?
14 Zekariya yabayeho mu gihe co gusubira kwubaka Yeruzalemu, kandi ibiti vy’imyelayo bibiri yeretswe vyasobanura ko Zerubabeli na Yosuwa bokwujujwe impwemu ya Yehova kugira bakomeze abantu ngo bakore. Igitereko c’amatara Zekariya yabonye caramwibukije “[kudasuzugura] umusi w’ibintu bitoyi” kuko Yehova nyen’ingabo yavuze ko imigambi yiwe yoshikijwe, ‘atari ku bw’inteko za gisirikare canke ku bw’ububasha, mugabo ku bw’impwemu yiwe.’ (Zekariya 4:6, 10; 8:9) Uwo mugwi mutoyi w’abakirisu bagumye bashira abantu umuco w’ukuri mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose bokoreshejwe muri ubwo buryo nyene mu gikorwa co gusubira kwubaka. Na bo nyene bobaye isôko ry’indemesho kandi naho bari bake, bobwirijwe kwiheka ku nguvu za Yehova aho gusuzugura umusi w’ibintu bitanguye ari bito.
15. (a) Kuba abo bakirisu barobanuwe bavugwa ko ari ivyabona bibiri bitwibutsa kandi iki? Sigura. (b) Ni ibimenyetso ibihe vya vyabona bibiri vyemererwa gukora?
15 Kuba bavuzwe ko ari ivyabona bibiri biratwibutsa kandi ibijanye na kwa guhinduka ukundi kwa Yezu. Muri iryo yerekwa, intumwa ziwe zitatu zaramubonye ari mu buninahazwa bw’Ubwami ari kumwe na Musa be na Eliya. Ivyo vyagereranya igihe Yezu yokwicaye ku ntebe yiwe y’Ubwami y’ubuninahazwa mu 1914 kugira arangure igikorwa gisa n’ico abo bahanuzi babiri bakoze. (Matayo 17:1-3) Birabereye kuba ivyo vyabona bibiri biboneka biriko bikora ibimenyetso bitwibutsa ivyo Musa na Eliya bakoze. Nk’akarorero, Yohani avuga ku biberekeye ati: “Kandi hagize uwushaka kubagirira nabi, umuriro uca uva mu minwa yabo, ukarigita abansi babo; kandi hamwe hogira uwushaka kubagirira nabi, ategerezwa kwicwa muri ubwo buryo. Abo barafise ububasha bwo kwugara ijuru kugira ngo ntihagire imvura igwa mu misi y’igikorwa cabo c’ukuvuga ubuhanuzi.”—Ivyahishuwe 11:5, 6a.
16. (a) Ikimenyetso c’umuriro kitwibutsa gute igihe ubukuru bwa Musa bwarwanywa muri Isirayeli? (b) Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, ni gute indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu zarwanije zongera ziteza ingorane Abatohoji ba Bibiliya, kandi abo batohoji birwaniye gute?
16 Ivyo bica bitwibutsa igihe abantu barwanya ubukuru bwa Musa muri Isirayeli. Uwo muhanuzi yarabaciriye urubanza rukomeye, kandi Yehova yaratikije abo bagarariji, ararigata abashika 250 akoresheje umuriro uvuye mw’ijuru. (Guharūra 16:1-7, 28-35) Indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu na zo nyene zararwanije Abatohoji ba Bibiliya, zivuga ngo ntibigeze biga amashure ahanitse y’ivya tewolojiya. Ariko rero Ivyabona vy’Imana bari bafise ikimenyamenya gikomeye cemeza ko ari abasuku, na co akaba ari abantu bifata ruto bari baremeye ubutumwa bashikiriza bwo mu Vyanditswe. (2 Abakorinto 3:2, 3) Mu 1917, Abatohoji ba Bibiliya barasohoye igitabu Le mystère de Dieu accompli, kikaba caratanga insobanuro zikomeye z’igitabu c’Ivyahishuwe n’ica Ezekiyeli. Budakeye na kabiri, baratanze amakopi 10.000.000 y’agapapuro k’inkuru nziza (mu gifaransa) gafise impande zine kitwa ngo Abatohoji ba Bibiliya, kakaba kari gafise umutwe uvuga ngo “Ugutemba kwa Babiloni: Igituma abiyita abakirisu babwirizwa kubabazwa ubu, ico bizovamwo.” Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, indongozi z’amadini zari zashangashiwe zaritwaje intambara kugira ico gitabu kibuzwe. Mu bindi bihugu, ico gitabu carahagaritswe. Naho ari ukwo, abasavyi b’Imana bagumye barwana urugamba bakoresheje agapapuro k’inkuru nziza gafise impande zine karimwo ubutumwa bukaze kavuga ngo Inkuru z’Ubwami. Uko umusi w’Umukama wogiye uratera imbere, ibindi bisohokayandikiro vyokwerekanye neza ko abiyita abakirisu bapfuye mu vy’impwemu.—Gereranya na Yeremiya 5:14.
17. (a) Mu gihe ca Eliya, ni ibiki vyabaye bifitaniye isano n’uruzuba be n’umuriro? (b) Ni mu buryo ki mu kanwa ka vya vyabona bibiri havuyemwo umuriro, kandi ni uruzuba nyabaki bamenyesheje?
17 Tuvuge iki ku bijanye na Eliya? Mu gihe c’abami ba Isirayeli, uwo muhanuzi yaratangaje ko Yehova yoteje uruzuba kubera ko yababajwe n’Abisirayeli basenga Bayali. Urwo ruzuba rwamaze imyaka itatu n’igice. (1 Abami 17:1; 18:41-45; Luka 4:25; Yakobo 5:17) Mu nyuma, igihe Umwami w’umuhemu Ahaziya yarungika abasoda ngo baje kuzana Eliya ku nguvu, uwo muhanuzi yarahamagaye umuriro ngo utibuke uvuye mw’ijuru kugira urigate abo basoda. Igihe umukomanda umwe wa gisirikare yagaragaza ko yubaha ikibanza Eliya afise co kuba umuhanuzi ni ho gusa yemeye kujana na we aho umwami ari. (2 Abami 1:5-16) Muri ubwo buryo nyene, hagati ya 1914 na 1918, amasigarira y’abarobanuwe yarerekanye ata bwoba yuko abiyita abakirisu bishwe n’uruzuba rwo mu buryo bw’impwemu bongera barabagabisha ko bazoshikirwa n’urubanza rukaze mu gihe c’“ukuza kwa wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova.”—Malaki 4:1, 5; Amosi 8:11.
18. (a) Ni ububasha ubuhe vya vyabona bibiri bahabwa, kandi busa gute n’ubwo Musa yahawe? (b) Ni gute vya vyabona bibiri bashize ku kabarore abiyita abakirisu?
18 Yohani abandanya avuga ku bijanye na vya vyabona bibiri ati: “Kandi barafise ububasha ku mazi bwo kuyahindura amaraso no guteza isi ivyago vy’ubwoko bwose incuro bashaka zose.” (Ivyahishuwe 11:6b) Kugira Yehova agondoze Farawo ngo arekure Isirayeli, yarakoresheje Musa mu guteza Misiri ivyago bikomeye, harimwo n’uguhindura amazi amaraso. Inyuma y’ibinjana bitari bike, abansi ba Isirayeli b’Abafilisitiya bari bacibuka neza ivyo Yehova yakoreye Misiri, bituma biha akamo bati: “Ni nde azodukiza akadukura mu kuboko kw’iyo Mana y’agakomeye? Iyo ni ya Mana yakubita Misiri igasasika inganda bimwe bikomeye mu gahinga.” (1 Samweli 4:8; Zaburi 105:29) Musa yagereranya Yezu, uwari afise ububasha bwo gutangaza imanza Imana yaciriye indongozi z’idini zo mu gihe ciwe. (Matayo 23:13; 28:18; Ivyakozwe 3:22) Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, bene wabo na Kristu, ni ukuvuga vya vyabona bibiri, barashize ahabona ko “amazi” abiyita abakirisu bariko baraha imikuku yabo ari ishano.
Vya vyabona bibiri bicwa
19. Twisunze inkuru yo mu Vyahishuwe, ni igiki gica kiba vya vyabona bibiri bahejeje gushinga intahe?
19 Ico cago carasesereje cane abiyita abakirisu ku buryo vya vyabona bibiri bahejeje kuvuga ubuhanuzi amezi 42 bambaye amagunira, abiyita abakirisu baciye bakoresha akosho bafise kw’isi kugira ‘babicishe.’ Yohani yandika ati: “Kandi nibarangiza igikorwa cabo c’ugushinga intahe, ca gikoko kiduga kivuye mu nyenga kizorwana na bo, kibatsinde, kibice. Kandi ibiziga vyabo bizoba mu nzira yagutse ya ca gisagara gikomeye citwa mu buryo bw’impwemu Sodomu na Misiri, aho n’Umukama wabo yamanikiwe. Kandi abo mu bisata n’imiryango n’indimi n’amahanga bazokwitegereza ibiziga vyabo imisi itatu n’igice, kandi ntibareka ngo ibiziga vyabo bishirwe mu mva. Kandi ababa kw’isi barabinezererwa bakaryoherwa, kandi bazorungikiranira ingemu, kuko abo bahanuzi babiri bababaje ababa kw’isi.”—Ivyahishuwe 11:7-10.
20. “Ca gikoko kiduga kivuye mu nyenga” ni iki?
20 Iyo ni yo ncuro ya mbere mu ncuro 37 igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ibijanye n’igikoko. Igihe nicagera, tuzokwihweza ibijanye n’ico gikoko hamwe n’ibindi mu buryo buramvuye. Ico twomenya ubu, ni uko ico “gikoko kiduga kivuye mu nyenga” ari ikintu cashizweho na Shetani, ni ukuvuga intwaro y’ivya politike.b—Gereranya n’Ivyahishuwe 13:1; Daniyeli 7:2, 3, 17.
21. (a) Ni gute abanyamadini banka vya vyabona bibiri bikinze inyuma y’intambara? (b) Kuba ibiziga vy’ivyo vyabona bibiri bitahambwe, vyerekana iki? (c) Ikiringo c’imisi itatu n’igice gikwiye gufatwa gute? (Raba akajambo k’epfo.)
21 Kuva mu 1914 gushika mu 1918, amahanga yari yatwawe n’Intambara ya mbere y’isi yose. Kubera ko ivyo kwiratira igihugu vyari bikaze cane, mu mpeshi yo mu 1918, abanyamadini banka vya vyabona bibiri baciye bikika mu kiza. Baragiye mu matwi urwego rw’ubutungane ku buryo abaja imbere abandi mu Batohoji ba Bibiliya baciye bapfungwa bagirizwa ibinyoma ngo ni abagumutsi. Abo bakorana b’abizigirwa barakubiswe n’inkuba. Igikorwa c’Ubwami cabaye nk’igihagaze. Ni nk’aho igikorwa co kwamamaza cari gipfuye. Mu bihe vya Bibiliya, gupfa ntuhambwe cari ikintu c’agatukisha. (Zaburi 79:1-3; 1 Abami 13:21, 22) Cobaye rero ari iceyi kidasanzwe kurekera ng’aho ivyo vyabona bibiri bidahambwe. Uravye ukuntu muri Palestina hashushe, ikiziga barekeye mu nzira coba vy’ukuri catanguye kunuka mu misi itatu n’igice.c (Gereranya na Yohani 11:39.) Ico kintu kivugwa muri ubwo buhanuzi kirerekana ibimaramare ivyo vyabona babwirijwe kwihanganira. Abo twavuze ko bari bapfunzwe barankiwe mbere kurekurwa vy’agateganyo babanje gutanga ingwati igihe bari bunguruje urubanza. Barabanikiye bihagije ku buryo batangura kunukira ababa muri “ca gisagara gikomeye.” Ariko none ico “gisagara gikomeye” ni iki?
22. (a) Ca gisagara gikomeye ni iki? (b) Ni gute ibimenyeshamakuru vyifatanije n’abakuru b’amadini mu kuryoherwa igihe vya vyabona bibiri vyanumishwa? (Raba uruzitiro.)
22 Yohani aradufasha kumenya ico ari co. Avuga ko ari ho Yezu yamanitswe. Ubwo nyene duca tubona Yeruzalemu. Ariko kandi avuga ko ico gisagara gikomeye citwa Sodomu na Misiri. Yeruzalemu yarigeze kwitwa Sodomu kubera ibintu bihumanye vyahakorerwa. (Yesaya 1:8-10; gereranya na Ezekiyeli 16:49, 53-58.) Misiri na yo, ari yo nganji y’isi yose ya mbere, rimwe na rimwe iragereranya iyi si. (Yesaya 19:1, 19; Yoweli 3:19) Ico gisagara gikomeye rero kigereranya “Yeruzalemu” yononekaye yivugisha ko isenga Imana mugabo yacitse iyahumanye n’iyuzuye ibicumuro nka kumwe kwa Sodomu, ikaba kandi iri mu bigize iyi si ya Shetani nka kumwe kwa Misiri. Kigereranya amadini y’abiyita abakirisu, ano akaba agize Yeruzalemu yahemutse yo muri kino gihe, ni ukuvuga rya shirahamwe ryaryoherwa cane igihe ryahagarika igikorwa co kwamamaza ca vya vyabona bibiri kuko caribuza amahoro.
Basubizwa ubuzima!
23. (a) Ni igiki gishikira vya vyabona bibiri inyuma y’imisi itatu n’igice, kandi bituma abansi babo bamererwa gute? (b) Ubuhanuzi bw’uko Yehova yahumekeye impwemu ku mubande urimwo amagufa yumye buri mu Vyahishuwe 11:11, 12 no muri Ezekiyeli bwarangutse gute mu gihe cacu?
23 Ibimenyeshamakuru vyarifatanije n’abakuru b’amadini mu gusiga iceyi abasavyi b’Imana. Ikinyamakuru kimwe cavuze giti: “Ca gitabu Le Mystère de Dieu accompli ivyaco vyarangiye.” Ariko bari bihenze cane! Vya vyabona bibiri ntibogumye mu rupfu. Dusoma duti: “Kandi inyuma y’iyo misi itatu n’igice impwemu y’ubuzima ivuye ku Mana yarinjiye muri bo, baca bahagarara ku birenge vyabo, ubwoba bwinshi buca butekera ababitegereza. Maze bumva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru ribabwira riti: ‘Nimuduge hano.’ Na bo baraduga mw’ijuru mu gicu, abansi babo na bo barabitegereza.” (Ivyahishuwe 11:11, 12) Ku bw’ivyo, ivyabashikiye bisa n’ivyashikiye ya magufa yumye Ezekiyeli yerekwa mu mubande. Yehova yarahumekeye impwemu kuri ayo magufa yumye aca aba mazima, ivyo bikaba vyagereranya ko ihanga rya Isirayeli rizosubira kuvuka inyuma y’imyaka 70 ryomaze mu bunyagano i Babiloni. (Ezekiyeli 37:1-14) Mu gihe cacu, ubwo buhanuzi bubiri bwo muri Ezekiyeli no mu Vyahishuwe bwararangutse bimwe bitangaje mu 1919, igihe Yehova yasubiza ubuzima ivyabona vyiwe bari bameze nk’abapfuye.
24. Igihe vya vyabona bibiri basubira kuba bazima, abanyamadini babarwanya baciye bamererwa gute?
24 Ese ukuntu ababahama baguye mu gahundwe! Bagiye babona ibiziga vy’ivyo vyabona bibiri bisubira kuba bizima, birasubira no gukora. Abo bakuru b’amadini basigaye barimyiza ibamfu babonye ba bakirisu bari bapfungishije barekuwe, mu nyuma na ho bakambikwa izera. Bategerezwa kuba bararushirije kugwa mu gahundwe muri Nyakanga 1919 igihe Abatohoji ba Bibiliya bagira ihwaniro i Cedar Point (Ohio) muri Amerika. Ico gihe J. F. Rutherford, uwari aherutse kurekurwa, yarashwangamuye abari bitavye iryo hwaniro akoresheje insiguro yavuga ngo “Tangaza bwa Bwami,” ishingiye ku Vyahishuwe 15:2 na Yesaya 52:7. Abagize umugwi wa Yohani baciye basubira “kuvuga ubuhanuzi,” ni ukuvuga kwamamaza ku mugaragaro. Bagumye barushiriza kuronka ingoga, barashira ku kabarore ata bwoba ubwiyorobetsi bw’abiyita abakirisu.
25. (a) Ni ryari vya vyabona bibiri babwiwe ngo “duga hano,” kandi ivyo vyarangutse gute? (b) Ca gisagara gikomeye camerewe gute igihe vya vyabona bibiri basubizwa ubuzima?
25 Abiyita abakirisu baragerageje incuro n’izindi gukora nk’ivyo bari bakoze mu 1918. Barakoresheje utugwi tw’inkorabara, baraja mu matwi abacamanza, barapfungisha Ivyabona bamwebamwe canke mbere barabicisha, ariko vyose biba ivy’ubusa! Inyuma ya 1919, ntibari bagishobora kugirira nabi mu vy’impwemu vya vyabona bibiri. Muri uwo mwaka, Yehova yari yababwiye ati: “Duga hano,” baca bashirwa hejuru mu vy’impwemu ku buryo abansi bababona ariko ntibashobore kubashikira. Yohani aradondora ukuntu ca gisagara gikomeye caguye mu gahundwe bamaze gusubizwa ubuzima, ati: “Muri iyo saha haba nyamugigima ikomeye, ic’icumi c’igisagara kiratemba; abantu ibihumbi indwi bicwa n’iyo nyamugigima, abasigaye na bo batekerwa n’ubwoba, maze baha ubuninahazwa Imana yo mw’ijuru.” (Ivyahishuwe 11:13) Emwe, amadini yarahinze agashitsi bikomeye. Igihe uwo mugwi w’abakirisu bari basubijwe ingoga wasubira ku gikorwa, ni nk’aho isi yatigise munsi y’ibirenge vy’indongozi z’amadini yashinze imizi. Ic’icumi c’igisagara cabo, nk’abantu 7.000 mu buryo bw’ikigereranyo, baramerewe nabi cane ku buryo bivugwa ko bari bishwe.
26. Ni bande bagereranywa n’“ic’icumi c’igisagara” hamwe n’“ibihumbi indwi” bivugwa mu Vyahishuwe 11:13? Sigura.
26 Imvugo ngo “ic’icumi c’igisagara” iratwibutsa ko Yesaya yari yarabuye ku bijanye na Yeruzalemu ya kera yuko ic’icumi corokotse isangangurwa ry’ico gisagara kikaba uruvyaro rweranda. (Yesaya 6:13) Muri ubwo buryo nyene, igitigiri 7.000 kitwibutsa yuko igihe Eliya yibaza ko ari we wenyene asigaye ari umwizigirwa muri Isirayeli, Yehova yamubwiye ko hari hakiriho abantu 7.000 batari barapfukamiye Bayali. (1 Abami 19:14, 18) Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yavuze ko abo 7.000 bagereranya amasigarira y’Abayuda bari bakiriye inkuru nziza yerekeye Kristu. (Abaroma 11:1-5) Ivyo vyanditswe biradufasha gutahura yuko imvugo “ibihumbi indwi” be n’“ic’icumi c’igisagara” zikoreshwa mu Vyahishuwe 11:13 zerekeza ku bantu batega yompi vya vyabona bibiri bagaca bava muri ca gisagara gikomeye cuzuyemwo ibicumuro. Ku biyita abakirisu, ni nk’aho abo bantu baba bapfuye. Amazina yabo aca akurwa ku rutonde rw’abayoboke babo. Kuri bo ni nk’aho bataba bakiriho.d
27, 28. (a) Ni mu buryo ki ‘abasigaye bahaye ubuninahazwa Imana yo mw’ijuru?’ (b) Ni igiki abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu babwirijwe kwemanga?
27 Ariko none, ni mu buryo ki ‘abasigaye [bo mu biyita abakirisu] bahaye ubuninahazwa Imana yo mw’ijuru’? Birumvikana ko atari mu guheba amadini yabo y’ubuhuni ngo babe abasavyi b’Imana. Ahubwo ni nk’uko bisigurwa mu gitabu kimwe c’ivya Bibiliya c’uwitwa Vincent. (Word Studies in the New Testament) Ku bijanye n’iyo mvugo ngo “baha ubuninahazwa Imana yo mw’ijuru,” kigira giti: “Iyo mvugo ntisobanura guhinduka canke kwigaya canke gushima, ahubwo isobanura kwemanga, akaba ari yo nsobanuro ikunze guhabwa mu vyanditswe. Gereranya na Yosuwa 7:19; Yohani 9:24; Ivyakozwe 12:23; Abaroma 4:20 (Septante).” Abiyita abakirisu babwirijwe kwemanga yuko Imana y’Abatohoji ba Bibiliya yakoze igikorwa gikomeye mu gutuma abakirisu basubira ku gikorwa.
28 Vyoshoboka ko abakuru b’ayo madini bemanze ico kintu mu mitima yabo gusa canke hagati yabo. Ego ni ko nta n’umwe muri bo turumva ko yoba yaremeye icese Imana ya vya vyabona bibiri. Ariko ubuhanuzi Yehova yashikirije biciye kuri Yohani buradufasha kumenya ivyari mu mitima yabo be n’ukuntu bariye ivyatsi mu 1919. Kuva muri uwo mwaka, igihe abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bitegereza ingene bamwe “ibihumbi indwi” bariko barava mu mikuku yabo kandi bari biyemeje kubagumya, babwirijwe kwemera ko Imana y’abagize umugwi wa Yohani ikomeye kuruta imana yabo. Mu myaka yokurikiye, borushirije cane gutahura ico kintu, uko abayoboke babo benshi kuruta bogiye barabasezera, bakamera nk’abasubiramwo amajambo abantu bavuze igihe Eliya yatsinda abasenga Bayali ku Musozi Karumeli, bati: “Yehova ni we Mana y’ukuri! Yehova ni we Mana y’ukuri!”—1 Abami 18:39.
29. Ni igiki Yohani avuga ko kigira kize ningoga, kandi ni ibindi bintu ibihe bigiye kunyiganyiza amadini y’abiyita abakirisu?
29 Yamara rero, umve ivyo Yohani aca atubwira. Avuga ati: “Amagorwa agira kabiri ararenganye. Ehe amagorwa agira gatatu agira aze ningoga.” (Ivyahishuwe 11:14) Nimba ibimaze gushika ubu vyanyiganyije amadini y’abiyita abakirisu, aza kubikika gute amagorwa agira gatatu niyatangazwa, wa mumarayika w’indwi akavuza urumbete rwiwe, rya banga ryeranda ry’Imana na ryo rikarangizwa?—Ivyahishuwe 10:7.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka amakuru yiyongereye ajanye n’urwo rusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu, raba ikiganiro kivuga ngo “Urusengero rwa Yehova ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Mukakaro 1996, n’ikivuga ngo “Urusengero rumwe rw’ukuri rwo gusengeramwo” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ntwarante 1973.
b Ijambo “inyenga” (mu kigiriki ni aʹbys·sos; mu giheburayo ni tehohmʹ) rigereranya ahantu ata gikorwa na kimwe kiharangwa. (Raba Ivyahishuwe 9:2.) Ariko rero rifashwe uko nyene riri, rirashobora kandi gusobanura ikiyaga amahanga. Iry’igiheburayo rikunze guhindurwa ngo “inyenga y’amazi.” (Zaburi 71:20; 106:9; Yona 2:5) Ku bw’ivyo, ico “gikoko kiduga kivuye mu nyenga” ni cokimwe na ca “gikoko kiduga kiva mu kiyaga.”—Ivyahishuwe 11:7; 13:1.
c Twihweje ivyashikiye abasavyi b’Imana muri ico gihe, biboneka ko naho ya mezi 42 ari imyaka itatu n’igice, iyo misi itatu n’igice yoyo atari ikiringo c’amasaha 84. Biboneka ko ikiringo nyezina c’iyo misi itatu n’igice kivugwa incuro zibiri (mu murongo wa 9 n’uwa 11) mu gushimika ku vy’uko cobaye gusa ari kigufi ukigereranije na ca gikorwa c’imyaka itatu n’igice kirangurwa imbere yaco.
d Gereranya n’ukuntu amajambo “mwapfuye,” “twapfuye,” na “bazima” akoreshwa mu vyanditswe nk’Abaroma 6:2, 10, 11; 7:4, 6, 9; Abagalatiya 2:19; Abakolosayi 2:20; 3:3.
[Uruzitiro ku rup. 168]
Umunezero uvugwa mu Vyahishuwe 11:10
Mu gitabu ciwe (Preachers Present Arms) casohotse mu 1933, uwitwa Ray H. Abrams aravuga ukuntu abakuru b’amadini barwanije bimwe bibi igitabu Le mystère de Dieu accompli casohowe n’Abatohoji ba Bibiliya. Arerekana ukuntu bagerageje kuzimanganya Abatohoji ba Bibiliya be n’ico bise ngo ni ukujijura kwabo kw’ubumara. Haciye hashingwa urubanza rwatumye J. F. Rutherford na bagenziwe indwi bacirwa umunyororo w’imyaka myinshi. Ray Abrams yongerako ati: “Umuntu yihweje urwo rubanza rwose arabona ko amadini n’abakuru bayo ari bo batanguje umugambi wo guherengeteza abayoboke ba Russell. Muri Ruhuhuma 1918, abakuru b’amadini muri Kanada baratanguje isekeza ryo kubarwanya bakuzako, bo hamwe n’ibitabu vyabo, canecane kimwe citwa Le mystère de Dieu accompli. Nk’uko ikinyamakuru kimwe (Tribune) c’i Winnipeg kibivuga, . . . vyari bizwi ko ‘abaserukira abakuru b’amadini’ ari bo batanguje umugambi wo kuzimanganya ico gitabu cabo.”
Ray Abrams abandanya ati: “Igihe inkuru y’iyo myaka 20 baciriwe yashikira abanditsi b’ibinyamakuru vyegukira amadini, ivyo binyamakuru vyose, vyaba ibikomakomeye canke ibisanzwe, vyararyohewe n’ico kintu. Nta kajambo k’impuhwe na kamwe nashoboye kubona mu kinyamakuru na kimwe cegukira amadini yemerwa cane. Uwitwa Upton Sinclair yashitse kuri iki ciyumviro ati: ‘Nta gukekeranya ko kimwe mu vyatumye bahamwa . . . ari uko bari bikwegeye urwanko rw’amadini yemerwa cane.’ Vyasa n’uko leta yari ikoreye amadini ikintu cari cayananiye gushikako ari hamwe.” Uwo mwanditsi amaze gusubiramwo amajambo y’agacokoro yanditswe n’ibinyamakuru nka bingahe vyegukira amadini, yaciye agaruka ku ngingo Sentare y’Iyungururizo yari yafashe yo gufuta urubanza rwari rwaciwe, aca avuga ati: “Iyo ngingo yoyo amadini nta co yigeze ayivugako.”
[Ifoto ku rup. 163]
Yohani aragera urusengero rwo mu buryo bw’impwemu: abaherezi barobanuwe babwirizwa gushitsa ingingo ngenderwako z’Imana
[Amafoto ku rup. 165]
Igikorwa co gusubira kwubaka Yeruzalemu caranguwe na Zerubabeli na Yosuwa carerekanye ko ibintu vyatanguye ari bitobito mu musi w’Umukama vyokurikiwe n’iyongerekana rikomeye mu Vyabona vya Yehova. Inyubakwa nk’izo zerekanywe ng’aha, zikaba ziri i Brooklyn muri New York, zagumye zagurwa cane kugira zihuzwe n’ivyo Ivyabona bari bakeneye
[Amafoto ku rup. 166]
Ubutumwa bw’urubanza bukaze bwatangajwe na vya vyabona bibiri bwagereranywa n’igikorwa ca Musa na Eliya
[Amafoto ku rup. 169]
Kumwe kwa ya magufa yumye avugwa muri Ezekiyeli ikigabane ca 37, vya vyabona bibiri barongewe inguvu kugira barangure igikorwa co kwamamaza mu gihe ca none