ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 15 rup. 127-133
  • Ico Wokora kugira ngo Ube mu Ntwaro y’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Wokora kugira ngo Ube mu Ntwaro y’Imana
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • GUTOHOZA KURAKENEWE
  • IMIGENZO MYIZA IRAKENEWE
  • GUSHIGIKIRA INTWARO Y’IMANA
  • Intwaro y’Imana Itekanye
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 15 rup. 127-133

Ikigabane ca 15

Ico Wokora kugira ngo Ube mu Ntwaro y’Imana

1, 2. Ni ibiki bikenewe kugira ngo umuntu ashobore kuba mu ntwaro y’Imana?

URIPFUZA kubaho ibihe bidashira ngaha kw isi urōngōwe n’intwaro y’Imana? Umuntu wese yiyumvīra yokwishura ati egome! Abantu bazokwinovora imigisha y’agatangaza. Ariko ni waba ushaka kuyishikīra, ntuvugishe umunwa gusa ngo ‘iyo ntwaro y’Imana ndayishaka.’ Hariho ivyo ukwiye kurāngūra.

2 Akarorero, nk’igihe ushaka kugura ubwoko bw’ikindi gihugu, utegerezwa kubanza gushitsa ivyangombwa abaganza ico gihugu bagushakako. Bitayeko, imbere y’uko ubishitsa, utegerezwa kubanza kumenya ivyo ari vyo. No mu ntwaro y’Imana ni uko nyene, utegerezwa kubanza kumenya ivyo Imana ishaka kuri abo bose bipfuza kurōngōrwa n’intwaro yayo, hanyuma ukabishitsa.

GUTOHOZA KURAKENEWE

3. Ni igiki gikenewe cane cane kugira ngo umuntu ashobore kuba mu ntwaro y’Imana?

3 Kugira ngo wemererwe kuba mu ntwaro y’Imana, igikenewe cane cane ni ukumenya “ururimi” abari muri yo bavuga. Muri ivyo nta gitangaje kirimwo, kubera ko n’intwaro z’abantu zihora zisaba ko abagomba kugura ubwoko bamenya ururimi ruvugwa muri ico gihugu. Ni ururimi uruhe none abazoronkera ubuzima mu ntwaro y’Imana bategerezwa kwiga?

4. “Ururimi rutunganye” abantu b’Imana bategerezwa kwiga ni uruhe?

4 Raba ico Yehova abivugako mw ijambo ryiwe Bibiliya: “Kuko ico gihe nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe [Yehova,] bankorere bahuje inama.” (Zefaniya 3:9) Urwo “rurimi rutunganye” ni ukuri kw’Imana kuri muri Bibiliya. Cane cane ni ukuri kwerekeye intwaro yayo. Kugira rero ngo ube muri iyo ntwaro, utegerezwa kwiga urwo “rurimi,” igihe uriko utahura Yehova n’imigabo yiwe yerekeye ubwo bwami. — Ab’i Kolosayi 1:9, 10; Imigani 2:1-5.

5. (a) Ivyerekeye intwaro y’Imana dutegerezwa kumenya ni ibiki? (b) Kugira ngo turonke ubugingo budashira, dukeneye kuba tuzi iki?

5 No muri iki gihe intwaro zimwe zimwe zirasaba ko abaguze ubwoko bamenya ivyabaye muri ico gihugu, hamwe n’uburyo iyo ntwaro irōngōye abantu. Ni nk’uko nyene, n’intwaro y’Imana isaba ko umenya uburyo irōngōra abantu, ni waba uzōrōngorwa na yo. Ivyo ubimenye vyogushitsa ku buzima budahera. Igihe Yezu yariko arasenga, yabwiye Se ati: “Ubu ni bwo bugingo budashira, ko bamenya wewe Imana yonyene y’ukuri, n’uwo, watumye, Yezu Kirisitu.” — Yohani 17:3.

6. (a) Ni ibibazo ibihe bimwe bimwe abarōngōwe n’intwaro y’Imana, bategerezwa kuba bazi kwishura? (b) Wewe urashobora kuvyishura?

6 Ni waba umaze kwiga ibigabane vy’iki gitabu biri inyuma, woba umaze gutahura ibitari bike, si ko? Woshobora kwerekana ko wabitahuye mu kwishura ibibazo nk’ibi bikurikira: ni ryari Imana yatanguye gufata umugambi werekeye intwaro y’Ubwami? Abasavyi b’Imana bamwe bamwe bāri bafise icizigiro c’ukurōngōrwa n’iyo ntwaro ngaha kw isi ni bande? Abatware canke abami bazoganza muri iyo ntwaro y’Imana ni bangahe? Igihe bazoganza bazoba bari he? Ni bande bātoranijwe ubwa mbere ngo babe abami muri iyo ntwaro y’Imana? Yezu yerekanye ate ko yobaye umwami mwiza? Kugira ngo wemererwe kurōngōrwa n’intwaro y’Imana, ntibihagije kumenya uko iyo ntwaro imeze.

IMIGENZO MYIZA IRAKENEWE

7. Ivyo intwaro z’iyi si zishaka ku bantu bitandukaniye he?

7 Ubu intwaro zisaba ko abaguze ubwoko bategerezwa kwubaha amategeko amwe amwe agenga imigenzo y’abantu. Akarorero, zishobora gutegeka ko umugabo yabīra umugore umwe gusa, kandi ko umugore na we atarenza umugabo umwe. Mugabo hari izindi ntwaro zishinga amategeko ahushanye n’ayo; zikemerera abantu ko baharika. Abashaka kurōngōrwa n’intwaro y’Imana bategerezwa kwigenza bate? Imana ivuga ko imigenzo itunganye ku vyerekeye ukwabirana ari iyihe?

8. (a) Akarorero kerekeye ivy’ukwabirana Yehova yerekanye ni akahe? (b) Kurenga ibigo ni ukugira iki; kandi Imana ibivugako iki?

8 Ubwa mbere na mbere, Yehova yarerekanye akarorero igihe yashingira Adamu umugore umwe gusa. Imana ivuga iti: “Umugabo azosiga se na nyina, abane n’umugore wiwe akaramata, babe umubiri umwe.” (Itanguriro 2:21-24) Yezu yarerekanye neza ko ako ariko karorero abakirisu bakwiye gukurikira. (Matayo 19:4-6) Kubera ko ababiranye baba “umubiri umwe,” ntiboba bubahirije umubano wabo basangiye ibanga ryabo ryo ku buriri n’uwundi muntu. Ivyo vyitwa kurenga ibigo, Imana na yo ikaba ivuga ko abarenga ibigo izobahana. — Abaheburayo 13:4; Malaki 3:5.

9. (a) Umugabo n’umugore bararana batabiranye Imana ibabona ite? (b) Ubusambanyi ni iki?

9 Ahandi na ho, usanga hari umugabo n’umugore babana, bakaryamana kandi batabiranye. Ariko Imana ntiyategekanije ko haba umubano w’uguhonja. Ababanye rero batarabirana, baba bacumuye ku Mana yo yashinze ko haba ukwabirana. Ubwo bwitwa ubusambanyi. Bibiliya ivuga iti: “Ico Imana igomba, . . . ni uko mwirinda ubushakanyi.” (1 Ab’i Tesalonike 4:3-5) Uwutagira uwo babiranye aryamanye n’umuntu kugira ngo atururuze inambu y’umubiri aba acumuye.

10. Imigenzo yindi iteye isoni inyuranye n’amategeko y’Imana ni iyihe?

10 Muri iki gihe, hariho abagabo benshi basambanya abandi bagabo, n’abagore ni uko nyene. Ariko Ijambo ry’Imana rivuga ko ivyo ari bibi, kandi ko “biteye isoni.” (Abaroma 1:26, 27) Bitayeko, umuntu yimije igikōko canke kikamwimya aba arenze itegeko ry’Imana. (Abalewi 18:23) Uwo wese ashaka kurōngōrwa n’intwaro y’Imana, ategerezwa kwirinda bene iyo migenzo y’ubushizi bw’isoni.

11. (a) Kunywa inzoga ziboreza Imana ibibona ite? (b) Abipfuza kuba mu ntwaro y’Imana bategerezwa kwirinda imigenzo iyihe yonona ubuzima?

11 Gusoma urwarwa, ibiyeri canke inzoga ziboreza cane nturenze urugero, si ukurenga itegeko ry’Imana. Mbere Bibiliya yerekana ko vino nkeyi, ishobora kunonora amagara y’umuntu. (Zaburi 104:15; 1 Timoteyo 5:23) Kuborerwa hamwe no kwinjira mu mirwi y’abanywa bagatako bakagira ibiteye isoni ni ko kurenga itegeko ry’Imana. (Abanyefeso 5:18; 1 Petero 4:3, 4) Abantu benshi ubu, igihe batanyoye inzoga kugira ngo baborerwe canke “bashwashwanuke,” banywa urumogi canke akandi gatabi kugira ngo bashanyuke (bahimbarwe). Hari aho banywa itabi risanzwe, canke irindi bita marijuwana; abandi na bo bakagobeka ubugoro mu menyo kugira ngo baryoherwe. Ivyo vyose birabahumanya, bigatako bikabononera amagara. Ni waba rero ushaka kuba mu ntwaro y’Imana, utegerezwa kwirinda ivyo bintu vyose vyonona ubuzima. — 2 Ab’i Korinto 7:1.

12. (a) Ni imigenzo iyihe y’abatisonera inyuranye n’amategeko y’Imana? (b) Umuntu yamaze kumenyera izo ngeso ashobora ate gukundwa n’Imana?

12 Birumvikana ko intwaro zidashobora kwemerera inkozi z’ikibi ko zigura ubwoko. Na Yehova nyene ashaka ko “twigenza rupfasoni muri vyose.” (Abaheburayo 13:18, NW) Abadashaka kwubaha amategeko yiwe, ntashobora kubemerera ko baba mu bwami bwiwe. Ubu abantu barirārīra ngo ni abapfasoni, ariko ugasanga barenga amategeko menshi. Mugabo Yehova arabona vyose, ntawushobora kumuhenda. (Abaheburayo 4:13; Imigani 15:3; Ab’i Galatiya 6:7, 8) Yehova rero ntazokwigera areka abarenga amategeko yiwe, nk’amwe abuza kubesha n’ukwiba ngo binjire mu ntwaro yiwe. (Abanyefeso 4:25, 28; Ivyahishuriwe Yohani 21:8) Imana irihangana kandi ni inyakigongwe. Ni co gituma inkozi y’ikibi ihashe igatangura kwigenza runtu, izoyakīra. — Yesaya 55:7.

13. Amategeko y’izi ntwaro ziriho ubu abasavyi b’Imana boyabona bate?

13 Bite none ku vyerekeye kwubaha amategeko y’izi ntwaro ziriho ubu? Imana izoguma isaba abasavyi bayo ko bubaha “abakuru baganza,” gushika aho intwaro zabo zitazoba zikiriho. Amakori ategerezwa gutangwa n’aho amahera batoza yoba ari menshi, canke n’aho umuntu yoba adashima uburyo ayo mahera akoreshwa. Bitayeko, amategeko bashinga ategerezwa kwubahwa. (Abaroma 13:1, 7; Tito 3:1) Ayo mategeko yorengwa gusa igihe kuyakurikiza kwoba ari ukugarariza Imana. Muri ico gihe, nk’uko Petero n’izindi ntumwa bishuye, “dutegerezwa kwumvira Imana tukayirutisha abantu. — Ivyakozwe n’intumwa 5:29.

14. Twokwerekana dute ko dusangiye ivyiyumviro n’Imana ku vyerekeye agaciro k’ubugingo?

14 Imana ibona ko ubugingo ari ikintu c’agaciro. Abipfuza kuba mu ntwaro yiwe bategerezwa kubitegera. Nta gukeka; kwica ni ukurenga itegeko ry’Imana. Urwanko na rwo, kenshi usanga ari yo nyanduruko y’ukwica. Ni co gituma ugirira uwundi inzigo y’akazikira, adashobora kwemererwa kuba mu ntwaro y’Imana. (1 Yohani 3:15) Gukurikiza ivyanditswe muri Yesaya 2:4 birakenewe cane kugira ngo tubeho. Hatubuza gufata ibirwanisho kugira ngo twice bagenzi bacu. Bibiliya yerekana ko n’ubugingo bw’umwana akiri mu nda ya nyina, buri n’agaciro mu maso ya Yehova. (Kuvayo 21:22, 23; Zaburi 127:3) Ico ntikibuza ko imbanyi ibihumbi n’ibihumbi zama zikororwa uko umwaka utashe. Uko guhonya ubugingo binyuranye n’amategeko y’Imana, kubera ko ico kiri mu nda ari umuntu muzima adakwiye kwicwa.

15. Ni itegeko irihe ry’Umwami yatowe n’Imana abarōngōwe n’ubwami bwiwe bategerezwa kwubaha?

15 Hari ibindi bikenewe ku bazoba mu ntwaro y’Imana, turetse kwirinda gukora ikibi hamwe n’ibiterasoni gusa. Bategerezwa kwigora bakagirira abandi ubuntu, kandi bakabereka ko babitayeho. Bategerezwa kurōngōrwa n’iri tegeko ryashinzwe n’Umwami Yezu Kirisitu: “Nuko ivyo mugomba ko abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.” (Matayo 7:12) Kirisitu ni we yatanze akarorero mu kwereka abandi urukundo. Mbere yaratanze n’ubugingo bwiwe kubera abantu, hanyuma aca ategeka abigishwa biwe ati: “Ni mukundane nk’uko nanje nabakunze.” (Yohani 13:34; 1 Yohani 3:16) Bene urwo rukundo rutikumirako, hamwe n’ukubabara abandi ni vyo bizotuma kuba mu ntwaro y’ubwami bihimbara koko. — Yakobo 2:8.

16, 17. (a) Ni kuki kugerageza guhindura imigenzo kugira ngo ushitse ivy’Imana igushakako atari ukwigorera ubusa? (b) Ni igiki kitwemeza ko twotinda tugatsinda ingeso mbi?

16 Bibiliya yerekana ko umuntu ategerezwa guhinduka, kugira ngo ashitse ivyangombwa bikenewe imbere y’uko yemererwa kurōngōrwa n’intwaro y’Imana. (Abanyefeso 4:20-24) Uriko urihāta kugira ngo ushobore guhinduka? Ntuzoba uriko wigorera ubusa! Kuki? Ntuzoba uriko urondera kworoherwa mu myaka mike utwarwa n’izi ntwaro ziriho ubu, ariko uzoba uriko wihāta kugira ngo uhabwe ubuzima budahera, hamwe n’amagara meza mw iparadizo ngaha kw isi, urōngōwe n’Imana.

17 N’ubu nyene ushikije ivyo Imana igushakako, wobaho mu gahimbare. Ariko urakeneye guhindura imigenzo. Hari abantu benshi bāgendana inzigo, canke bīpfuza nabi bāmaze guhinduka. Bitayeko, hari n’abāhora barenga ibigo, abāhurahura, abagabo basambanya abandi canke abagore ku bandi bagore, imborerwa, abicanyi, ibisuma, abanywarumogi bābimogoreye n’abanywi b’itabi, bāmaze kuyoboka. Bārihase kandi bafashwa n’Imana, bateba barata izo ngeso. (1 Ab’i Korinto 6:9-11; Ab’i Kolosayi 3:5-9) Na wewe nyene, niba hari ingeso wamogoreye zikugora guheba kugira ngo ushitse ivyo Imana igushakako, ntute ngo womoke, komera ku muheto uzozitsinda!

GUSHIGIKIRA INTWARO Y’IMANA

18. Imana yiteze ko cane cane twoshigikira ubwami bwayo dute?

18 Ntivyotangaza kubona Yehova asaba ko abo atwara bashigikira intwaro y’Ubwami bwiwe. N’izi ntwaro ziriho ubu ni co zisaba abantu. Ariko Imana isaba ko intwaro yayo bayishigikira bate? Bafate ibirwanisho batangure kuyirwanira? Oyaye. Ahubwo bakwiye kuyishigikira nka Yezu n’abigishwa biwe ba mbere, mu kwa-mamaza ubwami bw’Imana no kuba abavugizi babwo badahemuka. (Matayo 4:17; 10:5-7; 24:14) Yehova agomba ko abantu bose bamenya ubwami bwiwe ico ari co, bamenye n’ingene buzotorera umuti ingorane zikubije abantu. Ivyo umaze kwiga mw Ijambo ry’Imana, uramaze kubisangira n’ababanyi, abagenzi canke abandi bantu? Ivyo ni vyo Imana igomba ko ukora. — Abaroma 10:10; 1 Petero 3:15.

19. (a) Ni kuki twiteze ko abaturwanya bohaguruka igihe turiko twigānira abandi ivy’ubwami bw’Imana? (b) Ni ibibazo ibihe utegerezwa kwishura?

19 Kirisitu n’abigishwa biwe ba mbere bātegerezwa kugira umutima rugabo, kugira ngo bashobore kwigānira abantu ivy’ubwami, kubera ko kenshi bāhūra n’ingorane ziturutse ku babarwanya. (Ivyakozwe n’intumwa 5:41, 42) N’ubu ni ko biri. Iyi si ihagarikiwe na Shetani ntishaka kubona inkuru nziza y’Ubwami yamamazwa hose. Ikibazo rero ngiki: wewe uri ku ruhande uruhe? Uzoshigikira Ubwami bw’Imana wivuye inyuma? Ishaka ko Ubwami bwayo bushingirwa intahe imbere y’uko umuhero uza. Uzokwifatanya n’abandi gushinga iyo ntahe?

[Ifoto ku rup. 128]

Abemererwa kuba mu ntwaro y’Imana bategerezwa kuba bayizi

[Amafoto ku rup. 131]

Abarōngōwe n’intwaro y’Imana bategerezwa kwirinda gukora ivyo yanka

[Ifoto ku rup. 133]

Abarōngōwe n’intwaro y’Imana bategerezwa kuyimenyesha abandi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika