Ikigabane ca 21
Mw’Isinagogi yo mu Gisagara c’Iwabo na Yezu
HATEGEREZWA kuba hari uruyego rwinshi i Nazareti, igihe Yezu agarutse i muhira. Imbere y’uko Yezu ahava ngo aje kubatizwa na Yohani, ubu hakaba haciye umwaka urenze gatoyi, yari azwi nk’umubaji. Ariko ubu, hose azwi nk’umuntu akora ibitangaro. Abahaba barashashaye kumubona akorera muri bo bikeyi muri ivyo bikorwa vy’igitangaza.
Aho Yezu agiriye kw’isinagogi yaho nk’uko asanzwe abigira, si bo babona arabikoze. Mu gihe c’ibirori vy’ugusenga, arahagarara ngo asome, hanyuma aherezwa umuzingo w’igitabu c’umuhanuzi Yesaya. Atora ahantu nya muzingo uvuga ivy’Uwasizwe n’impwemu ya Yehova, nya hantu ubu muri Bibiliya yacu hakaba ari mu Yes ikigabane ca 61.
Amaze gusoma ivyerekeye ukungene Uwo muntu yokwamamaje ibohorwa ku batwawe inyagano, ihumuka ku bahumye, hamwe n’ivy’umwaka w’ukwemererwamwo na Yehova, Yezu asubiza uwo muzingo umukozi wo mu rusengero hanyuma aricara. Bose bamuhanga amaso. Maze aravuga kumbure mu gihe kitari gito, asigura ati: “Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye.”—Ni twe tubihiritse.
Nya bantu bajumarazwa n’ “amajambo y’igikundiro” yiwe, babwirana bati: “Mbeg’uyu si we mwene Yosefu?” Ariko kubera ko Yezu azi yuko bashaka kumubona akora ibitangaro, arabandanya ati: “Ntimuzobura kuncirak’uyu mugani, muti Muvūzi, wivūre. Ivyo twumvise vyose ko wakoreye i Kaperinawumu, ubikorere n’ino mu ntāra y’iwanyu.” Biboneka ko abahoze ari ababanyi ba Yezu bo biyumvira yuko ukwo gukiza gukwiye gutangurira iwabo, kugira ngo kubanze kugirira iciza ab’iwabo. Ni co gituma bibaza ko Yezu yabirengagije.
Yezu abona ukwiyumvira kwabo, abiganira inkuru bijanye. Ababwira yuko muri Isirayeli hari abapfakazi benshi mu misi ya Eliya, ariko Eliya ntiyarungitswe kuri n’umwe muri abo. Yagiye riho ku mupfakazi w’i Sidoni atari Umwisirayeli, aho yakoreye igitangaro kirokora ubuzima. No mu misi ya Elisa hariho abanyamibembe benshi, ariko Elisa yahumanuye Namani w’i Siriya wenyene.
Bashavuzwa n’ukwo kugereranya gushingiye kuri kahise gushira ku kabarore ubwikunzi bwabo hamwe n’ukuntu batagira ukwizera, hanyuma abari mw’isinagogi bava hasi bahindira Yezu hanze y’igisagara. Ngaho, ku manga y’umusozi wubatsweko Nazareti, bagerageza kumutembagariza epfo. Ariko Yezu arabacika, arigira ataco abaye. Luka 4:16-30; 1 Abami 17:8-16; 2 Abami 5:8-14.
▪ Ni kubera iki hari uruyego rwinshi i Nazareti?
▪ Abantu biyumvira iki kw’ijambo Yezu ashikirije, ariko none ni igiki kibashavuza cane?
▪ Ni ibiki abantu bagerageza kugirira Yezu?