Ikigabane ca 36
Ukwizera Gukomeye kw’Umugabisha w’Ingabo
IGIHE Yezu ashikiriza Insiguro yiwe ku Musozi, agejeje nko hagati umurimo wiwe akora icese. Ivyo bishaka kuvuga yuko asigaranye gusa nk’umwaka n’amezi icenda, kugira aheraheze igikorwa ciwe kw’isi.
Ubu Yezu yinjira mu gisagara c’i Kaperinawumu, hakaba ari nka ho cicaro c’ibikorwa vyiwe. Ngaho, abagabo b’inararibonye b’Abayuda baramwegera bafise ico bamubaza. Barungitswe n’umugabisha w’ingabo z’Abaroma w’Umunyamahanga, umugabo w’ubwoko butandukanye n’ubw’Abayuda.
Umushumba yakundwa cane wa nya mugabisha w’ingabo ari hafi gupfa yishwe n’indwara ikomeye, uwo mugabisha akaba ashaka ko Yezu amumukiriza. Abayuda n’ubwira bwinshi baratakamba ku bwa nya mugabisha bati: “Birabereye k’umugirira urtyo, kukw akunda ubgoko bgacu, n’isinagogi yacu ni we yayitwubakiye.”
Ata kugonanwa, Yezu avaho ajana na nya bagabo. Ariko rero igihe begereje gushika, nya mugabisha w’ingabo arungika abagenzi biwe kumumubwirira bati: “Mugenzi, nturinde kwigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje: ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza ah’uri.”
Urumva ukwo kuntu umugabisha w’ingabo agaragaje ukwicisha bugufi kandi amenyereye guha abandi amategeko! Mugabo kandi umengo ariyumvira ivya Yezu, akamenya yuko mu migenzo kizira ko Umuyuda hagira ivyo agiranira n’uwutari Umuyuda. Mbere na Petero yavuze ati: “Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ubundi bgoko, canke kw amugendera.”
Kumbure kubera ko nya mugabisha adashaka ko Yezu acumukuzwa n’inkurikizi z’ukurenga kuri uwo mugenzo, atuma abagenzi biwe ngo bamuvugire bati: “Vuga ijambo gusa, uwo mu[shumba] arakira. Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje nti Kora iki, akagikora.”
Yezu yumvise ivyo, aratangara. Avuga ati: “Ndababgire ukuri: Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli.” Yezu amaze gukiza nya mushumba w’uwo mugabisha, akoresha ako karyo ngo yigane ukugene abafise ukwizera batari Abayuda bazogirirwa ubutoni mu kwihererwa imihezagiro yatewe akagere n’Abayuda b’ibihemu.
Yezu avuga ati: “Benshi bazoza, bavuye i burasirazuba n’i burengerazuba, bazokwicarana na Aburahamu na Isaka na Yakobo mu bgami bgo mw ijuru; arikw abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.”
“Abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza” ni Abayuda b’imvukira batemera akaryo babanje guhabwa ko kuba abaganza kumwe na Kirisitu. Aburahamu, Isaka, na Yakobo bagereranya indinganizo y’ivy’Ubwami bw’Imana. Gutyo Yezu ariko yigana ukugene Abanyamahanga bazokwakirwa ngo bicare ku meza yo mw’ijuru, mu buryo bw’ikigereranyo, “mu bgami bgo mw ijuru.” Luka 7:1-10; Matayo 8:5-13; Ivyakozwe 10:28.
▪ Ni kuki Abayuda batakamba bavugira umugabisha w’ingabo w’Umunyamahanga?
▪ Ni ibiki vyoshobora gusigura igituma nya mugabisha atatumiye Yezu ngo yinjire mu nzu yiwe?
▪ Yezu ashaka kuvuga iki mu majambo yiwe yo gusozera?