ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 54
  • “Umutsima w’Ukuri Uvuye mw Ijuru”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Umutsima w’Ukuri Uvuye mw Ijuru”
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu ni “umukate w’ubuzima”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Woba umaze guhonja umukate w’ubuzima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo twigira ku gitangaro Yezu yakoze c’imikate
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Wokora iki kugira ngo uzoronke ubuzima budahera?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 54

Ikigabane ca 54

“Umutsima w’Ukuri Uvuye mw Ijuru”

UMUSI w’imbere yaho wari wabayemwo ibintu bitari bike. Yezu yaragaburiye abantu ibihumbi ku gitangaro hanyuma maze aracika abantu bashaka kumugira umwami. Iryo joro yaragendagenze ku Kiyaga c’i Galilaya gisurirana kubera igihuhusi; yararokoye Petero, uwari atanguye kwibira igihe yagendagendera ku mazi yasebaguzwa n’igihuhusi; vyongeye yarahwamitse imipfunda kugira akize abigishwa biwe ntibasome nturi.

Ubu na ho ba bantu Yezu yagaburira ku gitangaro mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ikiyaga c’i Galilaya, bamusanze hafi y’i Kaperinawumu hanyuma bamubaza bati: “Waje ino ryari?” Yezu arabahambarira, avuga yuko baje kumurondera kubera gusa ko biteze kuronka ibindi bifungurwa vya gusa. Abahimiriza kudakorera ibifungurwa bihera, ariko gukorera ibifungurwa vyamaho, kugira ngo baronke ubuzima budahera. Nuko rero, ba bantu bamubaza bati: “Tugire dute ngo dukore ibikorwa vy’Imana?”

Yezu avuga igikorwa kimwe kitarenga, c’agaciro ntangere. Arasigura ati: “Igikorwa c’Imana ngiki: n’uko mwizera uwo yantumye.”

Ariko rero abo bantu ntibagaragaza ko bizeye Yezu, nanzi ibitangaro vyose yakoze. Biratangaje mbere kubona n’inyuma y’ibintu vyose vy’igitangaza yakoze, babaza ngo: “Non’ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite? Ba sogokuruza bacu bārīra manu mu bugaragwa, nk’uko vyanditswe ngo Yabahaye umutsima wo kurya uvuye mw ijuru.”

Mu kwishura ikibazo cabo babajije barondera ikimenyetso, Yezu aratomora ivyerekeye Isôko ry’ibintu vyatangwa ku gitangaro, mu kuvuga ati: “Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw ijuru; Data ni we abaha umutsima w’ukuri uvuye mw ijuru. Kuk’umutsima w’Imana ar’ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubu[zima].”

Nya bantu bati: “Mugenzi, na ntaryo uz’uhore uduha uwo mutsima.”

Yezu abasigurira ati: “Ni jewe mutsima w’ubu[zima]: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ūnyizera nta ho azogira inyota na mba. Ariko narababgiye yuko mwāmbonye, muraheza ntimwizera. Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya. Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’uwantumye agomba. Kand’ic’uwantumye agomba ngiki: agomba yuko mu vyo yampaye vyose hatagira na kimwe kinzimirana, ariko ngo nze nkizure ku musi w’iherezo. Kukw iki ari co Data agomba: agomba yuk’ūbona Umwana wese akamwizera, agira ubu[zima] budashira.”

Kuri ivyo Abayuda batangura kwidodombera Yezu kubera avuze ngo “ni jewe mutsima wamanutse uva mw ijuru.” Nta kindi bamubonamwo atari umwana w’abavyeyi b’abantu, maze nka kumwe ba bantu b’i Nazareti bagira, baraharira bati: “Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?”

Yezu arishura ati: “Nta co mugira imyidodombo muri mwebge. Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye; nanje nzomuzura ku musi w’iherezo. Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe. S’ukugira ngo har’uwabonye Data, atar’uwavuye ku Mana; uwo ni we yabonye Data. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwizera afise ubu[zima] budashira.”

Mu kubandanya, Yezu asubiramwo ati: “Ni jewe mutsima w’ubu[zima]. Ba sogokuruza banyu bārīra manu mu bugaragwa, barapfa: uyu ni wo mutsima umanuka uva mw ijuru, ng’umuntu awuryako ntapfe. Ni jewe mutsima w’ubu[zima] wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’uwo mutsima azohorah’ibihe bidashira.” Egome, abantu bagaragaje ukwizera Yezu, we yarungitswe n’Imana, barashobora kuronka ubuzima budahera. Nta manu, canke uwundi mutsima n’umwe bishobora kububaronsa!

Ico kiganiro cerekeye umutsima wavuye mw’ijuru gisa n’icatanguye inyuma gatoyi y’aho abantu basangiye Yezu hafi y’i Kaperinawumu. Ariko kirabandanya, kikaza gukomera igihe Yezu yigisha mw’isinagogi i Kaperinawumu. Yohana 6:25-51, 59; Zaburi 78:24; Yesaya 54:13; Matayo 13:55-57.

▪ Ni ibiki vyabanje kuba imbere y’uko Yezu abwira abantu ivy’umutsima uva mw’ijuru?

▪ Turavye ivyo Yezu amaze gukora, ni kuki ukwo gusaba ikimenyetso kutabereye?

▪ Ni kuki Abayuda bidodombera Yezu avuze yuko ari we mutsima w’ukuri uva mw’ijuru?

▪ Ikiganiro cerekeye umutsima uva mw’ijuru cabereye hehe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika