ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 59
  • Yezu mu vy’Ukuri Ni Nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu mu vy’Ukuri Ni Nde?
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umwana w’umuntu ni nde?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yari intahemuka mu bigeragezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yari intahemuka mu bigeragezo
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Impfunguruzo z’ubwami” ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 59

Ikigabane ca 59

Yezu mu vy’Ukuri Ni Nde?

IGIHE bwa bwato butwaye Yezu n’abigishwa biwe bushitse i Betsayida, abantu bamuzanira umugabo w’impumyi hanyuma baramwazambira ngo amukoreko, amukize. Yezu afata ukuboko uwo mugabo amujana inyuma y’ico kigwati hanyuma amaze gucira amate ku maso yiwe, amubaza ati: “Har’ico ubona?”

Nya mugabo aramwishura ati: “Ndabona abantu kuko mbona ibisa n’ibiti bigendagenda.” Yezu arambika ibiganza ku maso ya nya mugabo, aramuhumura ku buryo abona neza. Maze Yezu arungika nya mugabo iwabo amutegeka kutinjira mu gisagara.

Yezu buno ava ngaho ari kumwe n’abigishwa biwe baja mu bigwati vy’i Kayisariya ya Filipo, ku mubari wa Palestina mu buraruko. Hari umudugo muremure, ushika ku birometero nka 50 birenga, ugashika mu ntara iteye igomwe ya Kayisariya ya Filipo, nko ku metero 350 hejuru y’urugero rw’ibahari. Urwo rugendo kumbure rutwara imisi nk’ingahe.

Bari mu nzira, Yezu aja kwiherera ngo asenge. Urupfu rwiwe rusigaje gusa amezi nk’icenda kibure cumi ngo rushike, akaba arajwe ishinga n’abigishwa biwe. Benshi baramaze guheba kumukurikira. Abandi bisa n’uko bazazaniwe kandi bihebuye kubera ko yamiriye kure utwigoro abantu bagize ngo bamugire umwami, n’ukubera ko atatanze ikimenyetso kiva mw’ijuru kigaragaza ko ari umwami igihe abansi biwe bamugeza. None intumwa ziwe bemera ko ari nde? Barengutse aho ariko arasengera, Yezu arabaririkiriza ati: “Abantu bagira ngo ndi nde?”

Bishura bati: “Bamwe bagira ng’uri Yohana Umubatizi, abandi ng’uri Eliya, abandi ng’uri Yeremiya cank’umwe mu bavugishwa n’Imana.” Egome, abantu biyumvira ko Yezu ari umwe muri abo bantu yazuwe mu bapfuye!

Yezu arababaza ati: “Ariko mweho, mugira ngo ndi nde?”

Petero yishura ningoga ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”

Yezu amaze guserura ko yemeye inyishu ya Petero, avuga ati: “Nanje ndakubgira yuk’uri Petero, kandi kur’urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’amarembo y’i kuzimu [Hadesi] ntazorishobora.” Ngaho Yezu ubwa mbere amenyesheje ko azokwubaka ishengero n’uko mbere n’urupfu rutazogumya abari muri ryo ngo rubagire inyagano barangije ubuzima bwabo kw’isi ari abizerwa. Maze abwira Petero ati: “Nzoguha impfunguzo z’ubgami bgo mw ijuru.”

Yezu rero ahishura yuko Petero agiye gushingwa amabanga adasanzwe. Si ukuvuga ko Petero ahawe ikibanza ca mbere mu ntumwa, eka mbere ntagizwe ishingiro ry’ishengero. Yezu ubwiwe ni we Rutare ishengero ryiwe ryokwubatsweko. Ariko Petero yohawe impfunguzo zitatu yokoresheje mu kwugururira imigwi y’abantu mu buryo bw’ukugereranya, abugururira akaryo ko kwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru.

Petero yokoresheje urupfunguzo rwa mbere kuri Pentekote 33 G.C. ngo yereke Abayuda bigaye ico bategerezwa gukora kugira ngo babone gukizwa. Yokoresheje urugira kabiri mu nyuma zaho gatoyi kugira ngo yugururire Abasamariya bemera akaryo ko kwinjira mu Bwami bw’Imana. Maze mu 36 G.C., yokoresheje urupfunguzo rugira gatatu kugira ngo yugururire ako karyo nyene Abanyamahanga batakebwe, ari bo Koruneliyo na bagenzi biwe.

Yezu arabandanya ikiyago arimwo n’intumwa ziwe. Atumye bihebura igihe ababwiriye ivy’imicumukuro n’urupfu azobona vuba i Yeruzalemu. Petero ananiwe gutahura yuko Yezu azozurirwa ubuzima bw’ijuru, aramwihereranya. Amubwira ati: “Ntibikāze, Mwami wanje, ntibize bikubeko na gato.” Yezu arahindukira, amwishura ati: “Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ikintsitaza, kukw ivy’Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’abantu.”

Nk’uko biboneka, hari abandi bariko bagendana na Yezu turetse za ntumwa, ni co gituma ubu abahamagarira kuri we hanyuma akabasigurira yuko kuba umuyoboke wiwe bitazokworoha. Avuga ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma ankurikire adahengeshanya,” NW]. Kuk’ūgomba gukiza ubu[zima] bgiwe azobubura, arik’ūzoheba ubu[zima] bgiwe kubganje no kubg’ubutumwa bgiza, azobukiza.”

Egome, nimba abayoboke ba Yezu bobaye ababereye gutona kuri we, botegerejwe kuba abarindutsi, kandi bakitanga batiziganya. Yigana ati: “Kuk’umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’[“iri yaruka ryuzuye,” NW] ubusambanyi kandi [ry’ir]inyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’azozira afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika bera.” Mariko 8:22-38; Matayo 16:13-28; Luka 9:18-27.

▪ Ni kuki Yezu yari arajwe ishinga n’abigishwa biwe?

▪ Abantu bibaza ko Yezu ari nde?

▪ Ni impfunguzo izihe Petero ahabwa, kandi ni izo gukoreshwa gute?

▪ Petero yakosowe gute, kandi kubera iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika