Ikigabane ca 126
‘Ni ivy’Ukuri Uyo Yari Umwana w’Imana’
KU MUTAGA, ata gihe kinini Yezu aramara ku giti, haza umwijima w’akayobera umara amasaha atatu. Si uwutewe n’ubwirakabiri, kubera ko ubwo buba gusa mu mboneko, ariko ubu ukwezi kukaba ari igisyo mu kiringo ca Pasika. Vyongeye, ubwirakabiri bumara iminuta mikeyi gusa. Uwo mwijima rero ukomotse ku Mana! Kumbure uratuma abariko bacurira Yezu babanza kubireka gatoyi, ukanatuma mbere agatyekezo kabo gahagarara.
Niba ico kintu giteye ubwoba gishitse imbere y’uko ya nkozi y’ikibi akangira mugenziwe hanyuma agasaba Yezu kumwibuka, uwo mwijima ushobora kuba uri mu vyatumye yigaya. Kumbure muri uwo mwijima ni ho abagore bane, ari bo nyina wa Yezu na mwenewabo Salome, Mariya Magadalena na Mariya nyina w’intumwa Yakobo Mutoyi begereza ku giti co kubabarizwako. Yohani, intumwa ikundwa cane na Yezu, ari kumwe na bo ngaho.
Ese ukuntu umutima wa nyina wa Yezu ‘usogotwa’ igihe yitegereza umwana yonkeje akanabungabunga amanitswe ngaho ariko asambagirika! Yamara ico Yezu yiyumvira si umubabaro wiwe bwite, ahubwo ariyumvira ukumererwa neza kwa nyina wiwe. Agira akigoro gakomeye, akomanga umutwe awerekeza kuri Yohani hanyuma abwira nyina wiwe ati: “Nguyo umwana wawe.” Maze awukomanga yerekeza kuri Mariya, abwira Yohani ati: “Nguyo nyoko.”
Yezu ngaho rero nyina wiwe, uwo bigaragara ko ubu ari umupfakazi, amushinze intumwa akunda bimwe bidasanzwe ngo imubungabunge. Ivyo abigize kubera ko abandi bahungu ba Mariya gushika ubu bataragaragaza ko bamwizeye. Gutyo ashizeho akarorero keza mu kudategekaniriza nyina wiwe ivyo azokenera ku mubiri gusa, ariko kandi n’ivyo azokenera vyo mu buryo bw’impwemu.
Nko kw’isaha y’icenda yo ku muhingamo, Yezu avuga ati: “Mfise inyota.” Yezu yumva ko ari nk’aho Se yoba yamukuyeko amaboko kugira ngo ukutadohoka kwiwe kugeragezwe gushika kw’iherezo. Nuko rero arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?” Bamwebamwe mu bahagaze iruhande, aho bumviye ivyo baritangaza bati: “Uyo ahamagaye Eliya.” Buno nyene umwe muri bo arirukanga, afata ikinywamazi akijobeka mu muvinyu ukarishe, agishira kw’isonga ry’umubingobingo, aramuha ngo anywe. Ariko abandi bavuga bati: “Banza ugume: turabe ko Eliya yoza kumu[manura].”
Yezu ahawe uwo muvinyu ukarishe, arasemerera ati: “Birashikijwe!” (NW) Egome, ararangije ikintu cose Se wiwe yamurungitse kw’isi gukora. Amaherezo, avuga ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize [“impwemu yanje,” NW].” Yezu ngaho atuye Imana inguvu-buzima yiwe yizigiye yuko Imana izoyimusubiza. Maze ajondamika umutwe hanyuma aracikana.
Yezu ahumetse irya nyuma, haza ikinyamugigima gikaze, kirasatagura ibitandara. Iryo nyiganyiga rirakomeye cane ku buryo n’imva zizitse inyuma ya Yeruzalemu zisadagurika zikuguruka imivyimba igashibagurikira hanze. Abahita babona ibiziga vyazikurutse binjira mu gisagara barabivuga.
Si ivyo gusa, aho Yezu apfiriye, igihuzu kinini kigabura Ahera n’Ahera Cane ho mu rusengero rw’Imana gitantamukamwo kubiri, guhera hejuru gushika epfo. Ico gihuzu c’irido gisharije bimwe vy’akaroruhore bisa n’uko gifise amahagarara y’imetero 18, kikaba kandi kiremereye cane! Ico gitangaro c’akajoreza ntikigaragaza gusa uburake Imana ifitiye abishe Umwana wayo, ariko kandi gisobanura yuko inzira ija Ahera Cane, ni ukuvuga mw’ijuru ubwaho, ubu yuguruwe biciye ku rupfu rwa Yezu.
Nuko, aho abantu bumviye ico kinyamugigima bakibonera n’ibiriko birashika, bagira ubwoba bwinshi cane. Umugabisha w’abasoda ahagarikiye iryo yicwa rya Yezu aninahaza Imana. Atangaza ati: “N’ivy’ukuri, uyo yar’Umwana w’Imana.” Kumbure ni ho yari ari igihe ivy’uko ari Umwana w’Imana vyaharirwako kw’isambishwa ryiwe imbere ya Ponsiyo Pilato. Ubu rero arajijutse yuko Yezu ari Umwana w’Imana, egome, yuko vy’ukuri ari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose.
N’abandi nyene barajumarariwe ku bw’ivyo bintu vy’ibitangaza bibaye, hanyuma batangura gusubira i muhira bikubitagura ku bikiriza mu kwerekana intuntu n’isoni nyinshi cane bafise. Hariho abigishwakazi ba Yezu bariko barabira kure ayo marorerwa, bakorwa ku mutima rwose n’ivyo bintu vy’agakomeye. Intumwa Yohani na we nyene ni ho ari. Matayo 27:45-56; Mariko 15:33-41; Luka 23:44-49; 2:34, 35; Yohana 19:25-30.
▪ Ni kuki ubwirakabiri budashobora kuba ari bwo bwateye uyo mwijima w’amasaha atatu?
▪ Imbere gatoyi y’urupfu rwa Yezu, ni akarorero keza akahe yahaye abafise abavyeyi bageze mu zabukuru?
▪ Ni amajambo ane ya nyuma ayahe Yezu yavuze imbere y’uko acikana?
▪ Ca kinyamugigima cakoze ibiki, kandi ivy’uko igihuzu co mu rusengero catantamutsemwo kubiri bisobanura iki?
▪ Umugabisha w’abasoda ahagarikiye iyicwa rya Yezu ashikwa ku mutima gute n’ivyo bitangaro?