Ikigabane ca 127
Yafubwe ku wa Gatanu, ku w’Iyinga Uruhafu Ruba Rurera
UBU ni ku wa Gatanu, umuhingamo ukaba witereye. Isabato yo ku wa 15 Nisani na yo ihava itangura izuba rirenze. Ikiziga ca Yezu kimanitswe kuri ca giti, ariko ba bambuzi babiri bari kumwe na we baracabona. Ku wa Gatanu ku muhingamo hitwa Ukwitegura kubera ko ari co gihe abantu bategura ibifungurwa kandi bagasozera igikorwa cose cihutirwa kidashobora kurindira gushika inyuma y’Isabato.
Isabato igiye gutangura vuba si Isabato isanzwe gusa (wa musi ugira indwi w’iyinga), ahubwo kandi ni Isabato irimwo zibiri, canke “ihambaye.” Yitwa ukwo kubera ko ku wa 15 Nisani, ari wo musi wa mbere w’Imisi Mikuru y’Imitsima Itambiwe imara imisi indwi (ukaba wama ari Isabato naho woba ari ku musi munaka wo mu ndwi), ushitse ku musi nyene w’Isabato isanzwe.
Dukurikije Ivyagezwe vy’Imana, ibiziga ntibisigwa bimanitswe ku giti mw’ijoro. Nuko Abayuda basaba Pilato yuko urupfu rw’abicwa runyarutswa mu kubavunagura amaguru. Nuko rero ba basoda bavunagura amaguru ya ba bambuzi babiri. Mugabo kubera ko Yezu biboneka ko yapfuye, amaguru yiwe ntavunagurwa. Ivyo bishitsa icanditswe kivuga ngo: “Nta n’igufa ryiwe rizovunwa.”
Ariko rero, kugira ngo biyemeze neza ko Yezu yapfuye vy’ukuri, umwe mu basoda asogota icumu mu rubavu rwiwe. Nya cumu ritobekeranya ahari umutima wiwe, hanyuma buno nyene hasohoka amaraso n’amazi. Intumwa Yohani yavyiboneye, avuga yuko ivyo vyashikije ikindi canditswe kivuga giti: “Bazobona uwo bacumise.”
Uwundi yari ahari igihe c’iyicwa rya Yezu ni Yozefu wo mu gisagara c’i Arimataya, umuntu azwi cane wo mu bagize Ikombe. Yari yaranse gushigikira ingingo y’akarenganyo sentare nkuru yafashe yo kwica Yezu. Yozefu mu vy’ukuri ni umwigishwa wa Yezu, naho nyene yatinye kwiyerekana ko ari we. Ariko rero ubu agira umutima rugabo, aja kwa Pilato gusaba ikiziga ca Yezu. Pilato arengutsa umugabisha w’abasoda agicungishijwe, hanyuma nya mugabisha amaze kwemeza ko Yezu yapfuye, Pilato ashinga ko batanga ikiziga.
Yozefu atwara ca kiziga hanyuma akizingira mu mpuzu yera nziza itanduye, mu gutegura ivy’ukuja kumufuba. Asahirizwa na Nikodemo, uwundi muntu wo mu bagize Ikombe. Nikodemo na we nyene yari yarananiwe kwatura ko yizeye Yezu kubera yatinya gutakaza igiti afise. Mugabo ubu azana ikizingo kirimwo nk’ibiro 33 vy’imira n’imbazi zizimvye. Ikiziga ca Yezu kizingirwa mu bitambara birimwo ivyo bimotesho, nk’uko nyene Abayuda basanganywe umugenzo wo gutegura ibiziga bigiye guhambwa.
Ico kiziga rero kiryamikwa mu ruhafu rushasha rw’icibutso rwa Yozefu rwimbwe mu gitandara co mw’itongo ry’i ruhande yaho. Bahejeje, batembagariza ikibuye kinini ku munwa wa nya ruhafu. Nya kiziga baranyarutsa kugitegura kugira bamufube imbere yuko Isabato igera. Nuko rero, Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo Umutoyi, bakaba kumbure barafashije muri iryo tegura, basimbira i muhira gutegura ibindi bimotesho hamwe n’ayandi mavuta atamirana. Inyuma y’Isabato, bategekanya kwongera gusiga ikiziga ca Yezu kugira kizigamwe igihe kirekire.
Bukeye, hakaba ari ku wa Gatandatu (kw’Isabato), abaherezi bakuru n’Abafarizayo baja kwa Pilato, bavuga bati: “Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka. Nuko n’ugere barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngw abigishwa biwe ntibaje kumwiba, bakabgira abantu ngo yazutse mu bapfuye; maz’ubuhumvyi bga nyuma bgoruta ubga mbere.”
Pilato arishura ati: “Abarinzi ngabo: ni mubajane; muyīrindishirize uko muzi.” Nuko baragenda hanyuma bacunga imva mu kudoma ikimenyetso kuri nya buye bongera bashiraho abasoda b’Abaroma ngo bayirinde.
Ku w’Iyinga mu gitondo ca kare Mariya Magadalena nyina wa Yakobo hamwe na Salome, Yowana be n’abandi bagore bazana ibimota ku mva gusiga ikiziga ca Yezu. Mu nzira babwirana bati: “Ni nde adutembagariza ikibuye co ku munwa w’imva?” Ariko bashitseho, basanga hashitse ikinyamugigima hanyuma umumarayika wa Yehova atembagaza ca kibuye. Ba barinzi nta bahari, uruhafu na rwo rurera! Matayo 27:57–28:2; Mariko 15:42–16:4; Luka 23:50–24:3, 10; Yohana 19:14, Yh 19:31–20:1; Yh 12:42; Abalewi 23:5-7; Gusubira mu Vyagezwe 21:22, 23; Zaburi 34:20; Zekariya 12:10.
▪ Ni kuki ku wa Gatanu hitwa Ukwitegura, kandi Isabato “ihambaye” ni iki?
▪ Ni ivyanditswe ibihe vyarangutse ku vyerekeye ikiziga ca Yezu?
▪ Ni uruhara uruhe Yozefu na Nikodemu baranguye mu vy’ifubwa rya Yezu, kandi bapfana iki na we?
▪ Ni igiki abaherezi basavye Pilato, na we yishura ngo iki?
▪ Ni ibiki bishika ku w’Iyinga mu gitondo ca kare?