ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 128
  • Yezu Ni Muzima!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Ni Muzima!
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Imva iragaragara kuko Yezu ari muzima!
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Ni Muzima
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu azuka
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Imana iribuka Umwana wayo
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 128

Ikigabane ca 128

Yezu Ni Muzima!

BA BAGORE basanze uruhafu rwa Yezu rwera, Mariya Magadalena yirukanga kubwira Petero na Yohani. Ariko rero abandi bagore bisa n’uko basigaye ku ruhafu. Bidatevye haseruka umumarayika, abasaba kwinjira.

Ngaho ba bagore bahabona uwundi mumarayika, hanyuma umwe muri nya bamarayika ababwira ati: “Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yesu, umwe [“yamanikwa,” NW]; ntari hano, kuko yazutse, nk’uko yavuze. Ngo murābe aho Umwami yar’aryamye. Ni mukwakwanye mubgire abigishwa biwe yuko yazutse mu bapfuye.” Nuko abo bagore na bo nyene, n’ubwoba hamwe n’umunezero, barirukanga.

Muri ico gihe, Mariya yatoye Petero na Yohani, hanyuma abamenyesha ati: “Bakuye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bamushize.” Buno nyene za ntumwa zibiri barahafata birukanga. Yohani ku maguru ni umunyarutsi—kumbure kubera ari we yari mutoyi—aba uwa mbere mu gushika ku ruhafu. Iki gihe ba bagore bagiye, nta n’umwe ahari. Yohani arunama, arunguruka mu ruhafu hanyuma abona za mpuzu, ariko aguma hanze.

Petero ashitse, ntagonanwa ahubwo yirongozayo. Abona nya mpuzu yari azingiriyemwo ari ho zirambaraye hamwe n’impuzu yakoreshejwe mu gutenga umutwe wa Yezu. Izingiriwe ahantu hamwe. Yohani na we nyene arinjira mu ruhafu, abona kwemera ivyo Mariya yavuze. Ariko yaba Petero canke Yohani, ntibategera yuko Yezu yazutse, naho nyene yari yarababwiye kenshi yuko yozutse. Abo babiri bibabera ubupfindo, basubira i muhira. Ariko Mariya, uwagarutse ku ruhafu we arasigara.

Muri ako kanya, ba bagore bandi baranyaragasa baja kubwira abigishwa yuko Yezu yazuwe, nk’uko nya bamarayika babategetse. Mu gihe bariko birukanga cane uko bashoboye, Yezu ahura na bo, avuga ati: ‘Amahoro!’ Bikubita imbere y’ibirenge vyiwe, baramwunamira. Maze Yezu avuga ati: “Ntimutinye: ni mugende mubgire bene Data ngo baje i Galilaya, ni ho tuzobonanira.”

Imbere yaho, hamwe nyamugigima cashika hanyuma abamarayika bagaseruka, abasoda bacunze baguye igihumura bacika nk’abapfuye. Aho bagaruriye akenge, baciye buno nyene baja mu gisagara babwira abaherezi bakuru ivyabaye. Bamaze guhanuza “abashingantahe” b’Abayuda, hapfundikwa ingingo y’ukugerageza gupfumanganya ico kintu mu guha igiturire abasoda. Babategetse bati: “Muze muvuge, mut’Abigishwa biwe baje mw ijoro, baramutwibana dusinziriye.”

Kubera ko abasoda b’Abaroma bashobora gucirwa urw’ugupfa bitumwe n’uko basinziririye ku mapozisiyo yabo, abaherezi batanga uwu muhango: “Icegera ca Kayisari ni caramuka kivyumvise [ivy’uko mwasinziriye], tuzomuhwamika, namwe tuzobakiza amagorwa.” Kubera igiturire cari kinini bihagije, nya basoda bagize nk’uko babwirijwe. Ingaruka yavyo ni uko iyo nkuru y’ikinyoma yerekeye ukwibwa kw’ikiziga ca Yezu yakwiragiye henshi mu Bayuda.

Mariya Magadalena, uwasigaye inyuma ku ruhafu, intuntu iri mu kumwica. Mbega Yezu ashobora kuba ari hehe? Uwo mukenyezi arunama ngo arabe mu ruhafu, abona ba bamarayika babiri bambaye izera basubiye kuboneka! Umwe yicaye ku mutwe uwundi epfo y’aho ikiziga ca Yezu cari kirambaraye! Baramubaza bati: “Mbega nyina wanje, urizwa n’iki?”

Mariya arishura ati: “N’uko bakuyeh’Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.” Maze uwo mugore arakebuka abona umuntu asubiramwo nya kibazo ati: “Mbega nyina wanje, urizwa n’iki?” Uwo yongera kandi arabaza ati: “Urondera nde?”

Uno mugore yiyumvira ko uwo muntu ari umurimyi w’itongo riherereyemwo nya ruhafu, amubwira ati: “Mugenzi, namb’ari wewe wamukuye hano, ndangira aho wamushize, ndamukureyo.”

Nya muntu aravuga ati: “Mariya.” Buno nyene uwo mugore arabiye ku buryo amuvugishije nk’uko yari amenyereye kumuvugisha, amenya ko ari Yezu. Nya mugore aratangara ati: “Rabuni!” (bisobanura ngo “Mwigisha!”). (Ni twe tubihiritse.) N’umunezero utagira uko ungana, uwo mugore aramufata cane. Ariko Yezu aravuga ati: “Ntukoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’Agira adūge kwa Se ari we So, uti ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.”

Mariya ubu yirukanga aja aho intumwa na bagenzi babo b’abigishwa bakoraniye. Yongera inkuru yiwe ku makuru abandi bagore bamaze gutanga y’uko babonye Yezu yazutse. Yamara abo bagabo batari bemeye ivyavuzwe n’abagore ba mbere, bisa n’uko n’ivyo Mariya avuze batavyemera. Matayo 28:3-15; Mariko 16:5-8; Luka 24:4-12; Yohana 20:2-18.

▪ Aho Mariya Magadalena asangiye uruhafu rwera yagize iki, kandi n’ibiki abandi bagore biboneye?

▪ Petero na Yohani bagira iki aho basangiye uruhafu rwera?

▪ Abandi bagore bahuye n’ibiki mu nzira bagiye kubwira abandi bigishwa ivy’izuka rya Yezu?

▪ Ni ibiki vyari vyashikiye umusoda w’umurinzi, kandi inyishu baronse ni inki ku vyo babwiye abaherezi?

▪ Ni ibiki vyashitse igihe Mariya Magadalena yari wenyene ku ruhafu, kandi abigishwa bakiriye gute amakuru abagore bashikirije?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika