Amamiliyoni y’Ibiremwa vy’Impwemu
Bibiliya itumenyesha ko hariho ibinyabuzima-mpwemu vyinshi cane. Yehova ubwiwe ni ikinyabuzima-mpwemu.—Yohani 4:24; 2 Ab’i Korinto 3:17, 18.
Hariho igihe Yehova yari wenyene mw ijuru. Hanyuma atangura kurema ibinyabugingo-mpwemu vyitwa abamarayika. Barafise inkomezi n’ubwenge kurusha abantu. Yehova yararemye abamarayika benshi. Daniyeli wa musuku w’Imana, mu mubono-ndoto yarabonye abamarayika imiliyoni ijana.—Daniyeli 7:10; Abaheburayo 1:7.
Abo bamarayika baremwe n’Imana itaranarema n’isi. (Yobu 38:4-7) Nta n’umwe muri bo ari umuntu yigeze kuba kw isi hanyuma arapfa.
[Ifoto ku rup. 7]
Yehova, Ikinyabuzima-mpwemu gikuru, yararemye amamiliyoni y’ibinyabugingo vy’impwemu