Iparadizo yo kw Isi
Yehova azozimanganya rwose ibibi vyose Shetani yakoze. Yehova yarimitse Yezu ngo abe Umwami w’isi iyo iva ikagera. Ku ntwaro yiwe isi izohindurwa iparadizo.—Daniyeli 7:13, 14; Luka 23:43.
Yehova adusezeranira ibi bintu bikurikira:
IBIFUNGURWA UMUKIMBA: “Isi ubwayo izotanga ivyimburano vyayo ata kabuza; Imana, Imana yacu izoduha umugisha.” “Hazoheza habe umukimba w’ubuheke kw isi, ku mpinga z’imisozi hazoba umusesekara.”—Zaburi 67:6, NW; 72:16, NW.
NTA NTAMBARA IKIRIHO: “Nimuze, yemwe bantu, mwitegereze ibikenurwa vya Yehova, ingene yagize ibishikiragihe bitangaje kw isi. Intambara ariko aratuma zireka gushitsa ku mpera y’isi.”—Zaburi 46:8, 9, NW.
NTA BANTU BABI BARIHO: “Kuko inkozi z’ibibi zizorandurwa . . . Kuko hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere uzokwitegereza ahiwe, umubure.”—Zaburi 37:9, 10.
NTA NDWARA ZIRIHO, NTA MUBABARO KANDI NTA RUPFU: “Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe.”—Yesaya 35:5, 6.
“Kandi Imana ubwayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, kandi amaborogo no gutaka n’[ububabare, NW] ntibizoba bikiriho, kuko ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4.
Yehova ntiyigera abesha nka Shetani n’amademo. Ivyo asezeranye ni ngombwa ngo bishike. (Luka 1:36, 37) Yehova aragukunda kandi yipfuza ko woba mw iparadizo azotunganya. Nubonane rero n’Ivyabona vya Yehova, kugira ngo umenye vyinshi vyerekeye kwa kuri kw’igitangaza kuri mw Ijambo ry’Imana. Ukwo kuri ugukurikije mu buzima, wokwidegemvya ukava mu buja bw’ivy’ukubeshwa, ivy’ukuziririza imiziro, n’ubujuju. Mu nyuma mbere wobohorwa ukava mu buja bw’icaha n’urupfu. Nk’uko Yezu yabivuze: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobaha kwidegemvya.”—Yohani 8:32.